Lionel Messi: Kizigenza wa Barcelone yipfuza kuzokina muri US

Messi scored in Barcelona's most recent game, a 3-0 win over Valladolid on 22 December

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Messi aheruka gutsinda mu rukino rwa vuba cane Barcelone yatsintsemwo Villadolid ibitego 3-0 ku wa 22 ukwezi kwa cumi na kabiri

Kizigenza wa Barcelone, Lionel Messi avuga ko yipfuza ko umusi umwe yokina muri Amerika ariko ko azomenya kazoza kiwe amasezerano afitaniye n'uwo mugwi arangiye mu kwezi kwa gatandatu.

Uwo munye Argentine w'imyaka 33, ashobora gutangura ibiganiro n'iyindi migwi mu kwezi kwa mbere.

Ibihuha kuri kazoza kiwe ni vyinshi kuva igihe asabiye kuva muri uwo mugwi mu kwezi kw'umunani.

Messi yabwiye imboneshakure yo muri Espagne ya Sexta ati:"Ubu sindamenya ico ngiye gukora."

"Ngiye kurindira gushika uwu mwaka uhere. Nari nipfuza gukina muri Amerika, mpindure ubuzima nje no mu rindi higanwa rya hariya, ariko ngaruke I Barcelone ndabishoboye.

"Ubu ikintu gihambaye cane n'ukwitaho umugwi, duheze uyu mwaka neza, n'ugushira inguvu mu kugerageza gutwara ibikombe, tukareka gusamazwa n'ibindi bintu."

Umugwi wa Barcelone utatwaye n'igikombe na kimwe mu mwaka uheze, ugira uwa gatanu mw'ihiganwa ryo muri Espagne, inyuma yo gutangura nabi ihiganwa mu myaka 33.

Kuva agiye muri uwo mugwi afise imyaka 13, Messi ni we amaze gutsindira ibitego vyinshi uwo mugwi, atwara ibikombe 10 vy'ihiganwa ryo muri Espagne, bine vy'imigwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa buraya, hamwe n'umupira w'inzahabu - uhabwa umukinyi wa mbere mwiza kw'isi - incuro 6.

Ugusaba kwiwe kuva muri uwo mugwi wa Barcelone mw'ici riheze, kutabonwa kumwe na bose, kwatumye haba uguterana amajambo n'uwatwara uwo mugwi ico gihe, Josep Maria Bartomeu, yatanze imihoho mu kwezi kw'icumi.

Messi yavuze ko intwaro ya Bartomeu cari "ikiza".

Yongeyeko ati:"N'ibihe bigoye ku mugwi, ku muntu uwo ari we wese, ariko abari hagati mu mugwi barazi ko ari igihe kigoye cane, ibintu vyifashe nabi kandi bizogorana kugarukana umugwi aho wahora."