Lionel Messi: Barça yipfuza kunagura umurwi ishingiye ku mukinyi wa mbere kw'isi

Lionel Messi

Ahavuye isanamu, LLUIS GENE

Barcelona iracipfuza ko yosubira kwiyubaka ishingiye kuri kizigenza wayo Lionel Messi, ubu abarongoye uyu murwi bakaba bariko baragerageza kumwumvisha ko yowugumamwo, nk'uko bivugwa na Ramon Planes ajejwe kwinonora imitsi muri Barça.

Uyu musatirizi w'imyaka 33 akomoka muri Argentine yaratangarije uyu murwi ko yipfuza kuwusezerera.

Uyu mukinyi amaze gutsindira umupira w'inzahabu incuro indwi zose niwe mukinyi wa mbere amaze gutsindira Barcelona ibitsindo vyinshi, bingana na 634.

Planes ati: "Ivyabaye vyarabaye kandi intumbero yacu ni ukunagurira umurwi wacu ku mushinge w'umukinyi wa mbere kw'isi".

"Dushaka kwubaka uwundi murwi utsinda urongowe n'umukinyi wa mbere kw'isi, uwa mbere mu mateka y'umupira w'amaguru kw'isi".

"Barça na Leo ni nk'umugabo n'umugore, aho uruhande rumwe rwitangiye cane urundi, kandi bompi banezereje abakunzi. Nibaza ko kazoza ari keza. Ndafise viyizigiro".

Messi - umukinyi amaze imyaka yose akina muri Barça - yipfuza kuja ahandi inyuma y'uko umwaka wose w'inkino urangiye ata gikombe na kimwe baronse, akamaramaza kakaba kabaye mu rukino rw'igice ca kane gishira ica nyuma ca Champions League rwagiye kurangira Bayern Munich yirahiye Barça ibitsindo 8-2.

Amasezerano ya Messi na Barcelona azorangira mu 202, ariko umurwi umukeneye ukaba utegerezwa kumugura ku miliyoni 700.

Planes ati: "Turakeneye abakinyi b'inararibonye nka Leo Messi, ariko kandi n'abakinyi b'integabizoza ku murwi. Turiko turita ku rutare kugira ngo imigenderanire hagati ya Messi na Barça ibandanye. Turiko turakora kugira ngo twumvishe Leo".

"Barça yagiye yiyubaka incuro nyinshi muri kahise kandi yamye yivyukiranya ikaza ikomeye cane, rero muri kino gihe nivyo turimwo".

Bamwe babona ko kugira ngo Messi ashobore kugondozwa ari uko umukuru wayo Josep Maria Bartomeu atanga imihoho, maze hakaba ayandi matora.

Hagati aho, iki conyene gishobora kudatuma uyu murwi ugumana uyu mukinyi amaze gutsindira ihiganwa rya Espanye incuro cumi zose hamwe n'ihiganwa rya Bulaya (Champions League) incuro zine.