Lionel Messi: uyu musatirizi wa Barcelona yaraye asumbije Pele mu bitsindo

Lionel Messi

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Igitsindo ca Lionel Messi kigira 644 cinjiye ku munota wa 65, mu bitsindo bitatu Barcelona yateye umurwi Real Valladolid

Lionel Messi yaraye yinjije igitsindo ciwe kigira 644 atsindiye Barcelona, akaba asumbije uwahoze ari umukinyi wa Brezili Pele, mu bitsindo yinjije mu murwi umwe rudende, uyu murwi wiwe ukaba waraye wirahiye Real Valladolid.

Uyu musatirizi wa Argentina Messi ubu afise imyaka 33, niwe yinjije igitsindo kigira gatatu ca Barcelona ku mupira yahawe na Pedri.

Muri uru rukino rwa nijoro umupira usa n'uwari wamukundiye.

Igitsindo ca mbere cavuye kuri we, ku mupira yateye imbere y'igori Clement Lenglet aca arinjiza ku mutwe, kandi n'ica kabiri cinjijwe na Martin Braithwaite naco nyene yagizemwo uruhara.

Messi yaranahushije igitsindo mu minota y'agasunuzo, aho yateye umupira ugakubita kw'igori, umunyegori wa Real Valladolid yari yakubiswe.

Igihangange ca Brezili mu mateka y'umupira w'amaguru Pele yinjirije Santos ibitsindo 643 hagati ya 1956 na 1974.

Messi yinjije igitsindo ca mbere mu 2005, akaba amaze gukiriza ibikombe cumi vyose mw'ihiganwa rya Espagne, La Liga, hamwe na bine vyo mw'ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere (Uefa Champions Leagues) i Buraya. Amaze gutwara imipira indwi y'inzahabu.

Messi ati: "Igihe ntangura gukina sinibaza ko nshobora kuba umukinyi azokwinjiza ibitsindo vyinshi gusumba abandi bose".

"Ico novuga ni ugushimira abamfashije bose gushika kuri iyi ntambwe".

Amasezerano afitaniye na Barcelona ari ku musozo, akazorangirana n'ihiganwa ry'uwu mwaka, ibi bikamuha akaryo ko gutangura kuvugana n'iyindi mirwi imwipfuza kuva mu kwa mbere.

Mu kwezi kw'umunani uno mwaka, yarashatse kuva muri uyu murwi, ariko Barcelona iranka, ikaba yavuga ko umurwi umwipfuza wategerezwa kumugura mu miriyoni 700 y'amafaranga y'ama Euro (ni ukuvuga imiriyaridi zirenga 850 mu mafaranga y'amanyarwanda, nayo mu marundi zikaba zishika hafi imiriyaridi 1.665).

Mu ntango z'ino ndwi, Messi yavuze ko kubona vyaranse ko agenda vyatumye agira ibihe bibi, n'aho nijoro ku wa kabiri yerekanye urukino rukomeye cane.

Barcelona yari kwinjiza n'ibindi bitsindo ariko umunyegori Masip yarakuyeyo imipira itari mike, mu gihe na Philippe Coutinho yateye umupira ukagarurwa n'umwamba.

Marc-Andre Ter Stegen yakuyeyo imipira ibiri ikomeye cane yatewe mu rusukirane na Fabian Orellana hamwe na Kike Perez, bituma Barcelona irangiza urukino idatsinzwe.