Lionel Messi yaraye anganije na Pele ku gitsindo ca 643 atsindiye muri Barcelona

Lionel Messi

Ahavuye isanamu, EPA

Lionel Messi yaraye yinjije igitsindo catumye anganya n'uwahoze ari umukinyi rurangiranwa wa Brezili Pele ku bitsindo 643 mu murwi umwe gusa, igitsindo yinjirije Barcelona ejo ku wa gatandatu mu rukino rwarangiye uyu murwi unganya na Valencia ku bitsindo 2-2.

Uyu musatirizi wa Argentine w'imyaka 33 yashitse kuri iyi ntambwe ku gitsindo yinjije n'umutwe imbere y'uko igice ca mbere kirangira, haciye akanya isase umunyegori Jaume Domenech wa Valencia akuyemwo penalty yiwe.

Messi yinjije igitsindo ciwe ca mbere muri Barcelona mu mwaka wa 2005 igihe uyu murwi wariko ukina na Albacete.

Pele yinjirije umurwi wa Brezili Santos ibitsindo 643 mu myaka y'inkino 19 hagati ya 1956 na 1974.

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa

Ariko rero ikibabaje kuri Messi, uwu munezero wari uvanze n'umubabaro kuko Barcelona yananiwe no gutsinda uyu murwi bari bahanganye.

Ibi vyatumye uyu murwi umaze gutsindira ihiganwa rya Espagne La Liga incuro 26 zose urangiza urukino uri mu kibanza ca gatanu, ukaba uri inyuma ku manota umunani yose usumbwa na Atletico Madrid uri mu kibanza ca mbere, inyuma yo kwirahira Elche ku bitsindio 3-1.

Umukeba wayo ruhebwa Real Madrid ari nayo ifise igikombe c'iri higanwa, isumvya Barcelona amanota atanu, ariko ikaba yiteze guhura na Eibar kuri uyu wa Mungu.

Barcelona yabanje gukorwa mu maso ku munota wa 29 igihe umukinyi w'inyuma Mouctar Diakhaby abaciriye mu ryahumye akinjiriza Valencia igitsindo ca mbere ku mupira wari uterewe mu mfuruka z'ilkibuga.

Valencia yabandanije ikingira urugo rwayo gushika mu minota yanyuma y'igice ca mbere aho Barca ironkeye penalty bigaragaye ko umukinyi Jose Gaya yasunitse Antoine Griezmann muri ca gice ca mukore umbone.

Hagati aho, vyabaye ngombwa ko umuhagarikizi Alejandro Hernandez yifashisha bwa buhinga bwa videwo imbere y'uko yemeza ko koko habaye ikosa, maze Messi aca aja gutera uwu mupira wari kumwandikishiriza amateka.

Ibi ntivyabaye muri ako kanya kuko umunyegori Domenech yari yahumaganye, akurayo iyo penalty. vyabaye ngombwa ko Messi arindira amasegonda makeya kugira ngo ashikie ku ntego yiwe, mu kwinjiza iki gitsindo mu minota imbere y'uko ifirimbi yo kurangiza igice ca mbere ivuga.

Barcelona yariyongeye ica kabiri mu gice ca kabiri nyene, ku munota wa 52,cinjijwe ku buhinga bukomeye n'umukinyi wa Uruguay Ronald Araujo.

Aba bakinyi ba Ronald Koeman babandanije basatira bikomeye kugira ngo barabe ko bokwiyambura Valencia, ariko rero ibintu vyagiye kwononekara ku mupira w'umuvuduko (contre-attaque) wa Valencia, watumye Maximiliano Gomez Gonzalez yinjiza igitsindo ca kabiri, ku munota wa 69, gutyo baba baranganije 2-2, urukino rurinda rurangira ari uko.