Lionel Messi: kubera iki uyu kizigenza avuga ko yarambiwe na Barcelona?

Ahavuye isanamu, Getty Images
Nk'uko bivugwa n'iradiyo yo muri Espanye, Cadena Ser, kizigenza w'umurwi wa Barcelona yahagaritse ibiganiro vyo kwongereza amasezerano kubera yananiwe n'ukwihanganira ibihuha n'amajambo avuga ko ari umwe mu batera imigumuko muri uyo murwi.
Messi ababajwe n'ibintu bitari bike bivugwa mu murwi wiwe wa Barcelona muri kino gihe.
Yumva y'uko yaruhijwe n'uko yagirizwa ko ari we atwara uyo murwi, ko ari we atanga akazi kandi akabogoza abamenyereza, ko ari we atanga amategeko mu bijanye no kugura abakinyi kandi ko ari we ahitamwo abakina, aruhishijwe n'uburongozi bw'uyo murwi muri rusangi hamwe n'amakosa bakora mu bijanye no kugura abakinyi.
Ngo iyo vyakabereye ni kera! Ikiganiro c'iyo radio El Larguero kimenyesha ko uyu mukinyi yamaze kumenyesha uyu murwi ko ihiganwa ryo mu mwaka uza rirangiye azoca agenda.
None ni ibiki biri muri uyo murwi? Nivyo tugiye guca irya n'ino.
Messi aragirizwa ko yari yashatse ko umurwi wiwe ugura umukinyi w'umufaransa Antoine Griezmann yakinira Atletico Madrid, ariko y'uko muri kino gihe adashaka kumubona. Ibi ngo si vyo.
Twirengagije ivyo umupira, Griezmann yama ari kumwe na Messi hamwe na Luis Suarez, bari kumwe n'abagore babo kugira basangirire hamwe, kandi imigenderanire yabo ni myiza cane, n'aho Griezmann atarashobora kuronka amahirwe menshi yo gutsinda ibitsindo vyinshi. Ahubwo ikiriho Messi na Suarez babandanya bamufasha kugira ngo amenyere umukino wa Barcelona.
Ku bijanye n'uburongozi, yagirizwa ko ari we yatumye uwahoze amenyereza uyo murwi Tata Martino yirukanwa maze uwusanzwe awumenyereza muri kino gihe, Quique Setien, aronswa akazi ngo kuko yiyumvamwo umukino wiwe. N'ibi ngo sivyo.
Nk'umukinyi wa mbere ahembwa neza muri uyo murwi, ibihuha nk'ibi vyama bivyuka kandi nivyo y'uko iyo hageze ko hafatwa ingingo zikomeye zerekeye imishahara, abakinyi rurangiranwa barababaza. Ivyo rero niko bimeze, kandi si ikintu kidasanzwe muri Barcelona, mbere bitagenze uko hoba habayemwo ugufata ibintu minenerwe.'
Ariko ukuri ni uko hari ingorane zigoye gutorerwa umuti. Kimwe mu bibazo nyamukuru ni uko umukuru w'uyo murwi Josep Maria Bartomeu hari ivyo yemeye gukora ariko yananiwe n'ugushitsa.
Ubwa mbere, yari yemeye ko yari kugarukana mu murwi umukinyi Neymar, mu gihe ahubwo yari azi neza ko yari agiye kugura umukinyi Griezmann.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ikindi, yemeye ko yari kwirukana Ernesto Valverde kugira ngo azanye Xavi, ariko ikiriho ni uko impande zompi, ni ukuvuba Barca na Xavi bari bamaze kwemeranya ko badashobora gusubira gukorana.
Amasezerano Messi afitaniye n'uyo murwi muri kino gihe asanzwe afise ikigabane kimwemerera gushobora kuva muri uyo murwi mu gihe azorangirira. N'aho muri rusangi amerewe neza mu mibereho yiwe muri kino gihe - kumbure mbere no gusumba no mu myaka iheze - umutima nturi mu nda ku burongozi bw'uyo murwi.
Wewe ashaka ko umurwi wiwe utsinda cane cane ku rwego rw'umugabane wa Bulaya. Rero mu gihe yokwerekana amadidane kuri kazoza kiwe, ni ngombwa ko uburongozi bwicara bugatora inyishu - iyo nayo si iyindi, ni ugukerebuka bakagura abakinyi beza.
Ibiganiro vyo kwongereza amasezerano vyariko biragenda neza. Ariko uyo mukinyi akomoka muri Argentine ntiyishimiye umwimbu mubi mu kibuga, mbere n'icizere kuri Setien kigenda kigabanuka mu gice kinini c'abakinyi.
Ibintu vyagiye kwunyuka inyuma y'urukino rwo ku wa gatandatu w'indwi iheze na Celta Vigo rwagiye kurangira iyo mirwi yompi inganije 2-2, ivyatumye intumbero yo gutsindira ihiganwa ija muri kabaza.
Harabaye uguterana amajambo hagati ya Setien na bamwe mu bakinyi bakomakomeye ba Barcelona. Asa n'uwihebuye kubera atashoboye gukora vyinshi muvyo yari yiteze gukora igihe ashika muri uyo murwi, uyo mumenyereza, yarashwanye cane.
Yabwiye abakinyi ko ibintu bidashobora kubandanya uko bimeze, kandi ko nimba babishatse bomubwira akigira mu gihe ibintu bitohinduka.
Si ukuvuga ko yashatse gutanga imihoho, ariko ni inzira yo gusaba ko hotorwa inyishu.
Inyishu yahavuye iboneka. Haciye hatangura ibiganiro hagati ya Setien na ba kizigenza, hamwe kandi na Bartomeu, kandi ibintu vyaciye bitangura gufata umurongo.
Gerard Pique, umwe muri ba kizigenza akaba mbere n'umuntu w'umwizigirwa, yacishije ubutumwa kuri Twitter asaba ubumwe mu bagize umurwi hamwe no mu bakunzi bawo.

Ahavuye isanamu, Reuters
Hagati aho, mu gihe hakiri icuka atari ciza mu burongozi mbere n'umumenyereza agashobora wirukanwa, mu gihe co kugiriranira amasezerano n'abakinyi, mu gihe ibindi biganiro vyari vyitezwe, Messi wewe ntiyavyoroheje mu kwerekana amakenga yiwe, n'aho vyavuzwe n'iradiyo.
Ico kwibuka ni uko uyo murwi atari bwo bwa mbere uja mu mayira abiri kuva muri kahise iyo bishitse Messi agashaka kuwuvamwo.
Mu ntango z'umwuga wiwe, umurwi Inter Milan w'Ubutaliyano habuze gato ngo umunyakure igihe umenyesha ko igiciro ciwe c'imiliyoni 150 y'amadorari kitari ikibazo, kandi ko yari yiteguye kugwiza incuro zitatu umushahara wiwe.
Ico gihe mbere yari agikwegana amatwi n'abategetsi ba Espanye arondera ibimuranga kugira ngo ashobore gukinira muri ico gihugu, kandi ntiyari bwanabe umukinyi yizigiwe muri Barcelona.
Amajambo ya gishingantahe w'uwari arongoye umurwi ico gihe, Joan Laporta, yahinduye ibintu. Messi, we nyene ubwiwe akaba atashaka kugenda, yagumye muri uwi murwi.
Ku ncuro igira gatatu, Barcelona yinjiye mu kibazo gikomeye mu gihe abayirongoye babuze ico bafata n'ico bareka, Messi nawe akaba yarabamenyesheje neza icipfuzo ciwe.
Nk'uko yari yavyiketse mu ntango, Barcelona iboneka ko ata nguvu yari ifise yo gutsindira ihiganwa rya Bulaya rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo (Eufa Champions League).
Hampande y'ico, vyaranse ko igura umusatirizi wa Argentine Lautaro Martinez, n'aho aboneka ko asa n'umukinyi Barcelona ikeneye kugira ngo igume ku rugero rwo hejuru. Mu murwi hoho gushika ubu baracafise icizere ko bashobora kumuronka.
Mu gihe hari iciyumviro kibandanya ko Xavi ashobora kugaruka muri Barcelona kugira ngo awubere umumenyereza, Victor Font ashaka kwitoza kurongora uyo murwi mu 2021, yaratangaje izuba riva ko ikintu ca mbere yokora ari ukuzana Xavi kugira amenyereze Barcelona.
N'aho Xavi aboneka ko ashobora kwakirizwa yompi kugira ngo anagure umukino wa Barcelona, igikorwa nyamukuru coba kirindiriye uyo yahoze ari kizingenza wayo kwoba ukuraba nimba ashobora gutorera umuti ibibazo biyihanze, nk'umurwi wabaye rurangiranwa kw'isi ariko uriko utera wegereza iminsi yawo yanyuma.
Mu kurindira, Messi wewe abandanya abihweza, akaba arindiriye amaherezo yavyo.










