Ronaldo na Messi babaye abagenzi inyuma y'aho Van Dijk abakubitiye hasi

Ahavuye isanamu, HAROLD CUNNINGHAM - UEFA / GETTY IMAGES
Rimwe na rimwe amatombora mu mupira w'amaguru canke iminsi mikuru y'ugutanga ubushimwe birashobora kutaryoha kubera amajambo menshi y'umwanya muremure, ugasanga abariko babikurikira bararambiwe.
Ariko iyo ubonye babiri mu bihangange kw'isi - Lionel Messi na Cristiano Ronaldo - bemeye ubwa mbere gusangirira umukate hamwe, ni ibintu bidasanzwe.
Kari akamwemwe gusa hagati y'umusatirizi wa Juventus Ronaldo na mugenziwe wa Barcelona Messi igihe bari bicaranye batebura eka banatwenga.
Hari igihe batangaza ko Virgil van Dijk ari we atahukanye agashimwe k'umukinyi mwiza i Bulaya mu 2018/2019.
Vyari ibintu bigoye kwiyumvira ko abo bantu babiri bigeze kuba ari abakeba mu kiringo c'imyaka icenda Ronaldo yamaze mu murwi Real Madrid, banarwanira umupira w'inzahabu, ubu bariko batebura.
Ronaldo ati: "Twari tumaze imyaka 15 yose duhurira hano. Sinzi ko ivyo vyari bwigere bibabo mu myaka iri inyuma - abantu babiri bakama bahurira ng'aha igihe cose".
"Nivyo ko dufise ubucuti bwiza. Ntiturigera dusangirira hamwe, ariko ndibaza ko bizotinda bigashika muri kazoza".
"Twarahanganye cane muri Espanye. Naramuhenuye, nawe arampenura. Nico gituma biryoshe kuba mu bagize amateka y'umupira w'amaguru".
Uravye ingene bari bakundanye muri ako kanya, ni nde yokwiyumvira ko hari ukutumvikana hagati y'abo?
Virgil van Dijk yabakubise hasi
Igihe c'abo bakeba babiri c'ukwiganzira umupira w'amaguru gitera kirangira, aho muri iri joro ryakeye ishirahamwe ry'umupira w'amaguru i Bulaya, Uefa, ryatangaje umwami mushasha w'umupira w'amaguru ku mugabane wa Bulaya
Uyo nawe si uwundi ni Virgil van Dijk, umukinyi w'inyuma wa Liverpool.

Ahavuye isanamu, HAROLD CUNNINGHAM - UEFA / GETTY IMAGES
Uyo mukinyi w'imyaka 28 akomoka mu Buholande yahawe agashimwe k'umukinyi mwiza gusumba abandi i Bulaya mu mwaka w'inkino wa 2018/2019.
Van Dijk yafashije Liverpool gutahukana igikombe c'igihanwa ry'umupira w'amaguru i Bulaya, Liverpool yatsinze Tottenham ibitsindo 2-0 mu rukino rwa nyuma rwabereye i Madrid mu kwa gatandatu guheze.
Van Dijk abaye umukinyi agize kabiri atsinze ivyo bihangange inyuma y'aho mu mwaka uheze, Luka Modric wa Real Madrid atahukaniye ako gashimwe ashize hasi Ronaldo na Messi.
Van Dijk kandi niwe mukinyi w'inyuma wa mbere atsindiye ako gashimwe, katanguye guhiganirwa mu mwaka wa 2010/2011.
Ati: "Si noreka gushimira bagenzanje dukinana, kuko iyo ataba bo sinari gushika ku ntambwe ngezeko. Rwabaye urugendo rurerure".










