Liverpool yaguze umukinyi muto kurusha bose muri Premier League

Ahavuye isanamu, Getty Images
Liverpool yaguze Harvey Elliot, umukinyi wo hagati w'imyaka 16 yahora akinira ikipe ya Fulham.
Elliot yabaye umukinyi wa mbere akiri muto akinye mu rukino rwa Premier League, igihe yinjira asimbuye mu rukino na Wolverhampton Wanderers mu kwa gatanu, afise imyaka 16 n'iminsi 30.
Uwo musore akinira ikipe y'Ubwongereza y'abakiri bato, ntashobora gutangura gukina vy'umwuga gushika akwije imyaka 17 mu kwezi kwa kane kuza.
Liverpool ivuga ko azoba ari mu akinyi bazokina urukino rwa kivukanyi rwo kuwa Mungu, ruzobahuza na Napoli i Edinburgh isaka 17:00.
Elliot, yarondewe na Real Madrid, Paris St-Germanin, Arsenal na Manchester City, azoba umukinyi akomeye akiri muto agira kabiri agiye muri Liverpool rino ci, nyuma y'Umuholandi w'imyaka 17 akina inyuma, Sepp Van Berg, yaje avuye mu kipe ya PEC Zwolle.






