Inkino zo muri NBA, MLB na MLS zasibijwe kubera iraswa rya Jacob Blake

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ihiganwa rya Basketball muri Amerika, NBA, ryasibije inkino zo kuwa gatatu za play-off zitatu nyuma y'aho ikipe ya Milwaukee isibije urukino yiyamiriza iraswa rya Jacob Blake.
Blake, umugabo w'umwirabura, yarashwe n'umupolisi inshuro indwi mu mugongo kuwa Mungu i Kenosha, Wisconsin hafi ya Milwaukee.
Muri baseball, inkino zitatu za MLB zasibijwe nyuma y'aho amakipe afatiye ingingo yo kudakina, nayo inkino zitanu za MLS (ihiganwa ry'umupira w'amaguru) nazo zirasiba.
Umukinyi wa tennis Naomi Osaka yanse gukina umukino wa WTA wo kuri uno wa kane.
Yanditse kuri twitter avuga ko atagikinye urukino rw'ica kane mw'ihiganwa Western and Southern Open i New York, agira ati "nk'umugore w'umwirabura numva hari ibintu ngirakamaro kurusha bituri imbere bikenewe kwitabwaho vuba, hako abantu bondaba ndiko ndakina tennis".
Ishirahamwe US Tennis Association, ATP na WTA yaciye atangaza ko abaye arahagaritse ihiganwa Western and Southern Open kuwa kane rikazobandanya kuwa gatanu.
Bongeyeko bati "tennis iriyamirije ubusumbane bufatiye kw'ibara ry'urukoba hamwe n'akarengane mu kibano".
Ntibiramenyekana niba uwo Muyapani yahoze ari nimero imwe kw'isi azokina urukino rwiwe n'Umubirigi nimero 14 Elise Mertens kuwa gatanu.










