USA: Imyiyerekano muri Wisconsin irabandanya inyuma y'aho abapolisi barashe umwirabure

Abigaragambya i Kenosha, Wisconsin kuwa mbere tariki 24/08

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Abigaragambya benshi baririmbaga bati "ubutabera kuri Jacob"

Mu ntara ya Wisconsin muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika hadutse imyiyerekano inyuma y'aho igipolisi kirasiye amasasu menshi umwirabure.

Uyo mugabo yarashwe azwi kw'izina rya Jacob Blake, araremvye aho ariko aravurirwa.

Ireresi yerekanywe ku mbuga hwaniro yerekana bwana Blake ariko araraswa amasasu mu mugongo igihe yariko agerageza kwinjira mu modoka mu gisagara ca Kenosha.

Abategetsi b'ico gisagara bamenyesha ko haciye hafatwa ingingo zo kuguma muhira mu masaha y'ijoro kubera imyiyerekano yadutse inyuma y'ako kabi.

Abantu baharurwa mu majana mw'ijoro ryakeye bugarije ibiro vy'igipolisi. Amamodoka yaturiwe mu gihe abari mu myiyerekano nabo bumvikana bakoma induru bavuga bati: "Ntidushobora gusubira inyuma".

Mw'itangazo ryo kugabisha abanyagihugu, igipolisi gisaba abacuruza bakora amasaha 24 kuraba ingene bokwugara kubera hashobora kuba ubusuma bukorwa n'abitwaje ibirwanisho.

Abapolisi bakoresheje vya vyuka bikoroza amosozi mu kugerageza gushwiragiza amajana n'amajana y'abari mu myiyerekano barenze ku mategeko yo kutava muhira gushika isaha imwe z'igitondo uno munsi ku wa mbere.

Buramatari w'intara ya Wisconsin Tony Evers ariyamiriza iraswa rya bwana Brake avugwa ko ata kirwanisho yari afise.

Mw'itangazo yasohoye yavuze ati: "N'aho tutararonka amakuru arambuye ku vyabaye, ico tuzi neza ni uko atari umwirabure wa mbere arashwe canke akomerekejwe canke yishwe bunyamaswa kandi ari mu minwe y'abajejwe umutekano mu ntara yacu canke mu gihugu cacu".

"Turiyamirije ikoreshwa ry'inguvu z'umurengera rituma ibintu biyangara iyo habaye ikibazo ku birabure wa Wisconsin".

Abapolisi barashe ibyuka biryana mu bigaragambya mu guhangana nabo

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Abapolisi barashe ibyuka biryana mu bigaragambya mu guhangana nabo

Izina rya Jacob Blake ryazungurutse cane ku mbuga hwaniro maze abantu ibihumbi n'ibihumbi batera igikumu ku rwandiko rusaba ko abapolisi bakoze iryo shano bashirwa imbere y'ubutungane.

None habaye iki neza na neza?

Igipolisi co mu gisagara ca Kenosha kimenyesha ko "umupolisi yarashe" inyuma y'isaha cumi n'imwe zo ku mugoroba ejo ku wa Mungu.

Kivuga kandi ko abapolisi baciye banyarukana Bwana Blake kwa muganga mu gisagara ca Milwaukee.

Nta nsiguro catanze ku vyatumye uyo mwirabure araswa.

Map
1px transparent line

Igisata kijejwe ubutungane mu ntara ya Wisconsin kiriko kirakora amatohoza. Kimenyesha ko abapolisi bakoze ivyo baciye bategekwa kuja mu karuhuko k'igihano.

Mw'ireresi yahanahanywe ku mbuga hwaniro, abapolisi batatu baboneka barabishije iminwa y'inkoho zabo kuri bwana Blake mu gihe yariko aja ku mudoka yiwe.

Mu gihe yari yuguruye umuryango agaca yegamira ku modoka, umupolisi umwe aboneka amufashe ishati kandi ariko aramurasa.

Iyo reresi yerekana ko harashwe amasasu indwi, mu gihe abari ng'aho bariko bakoma induru.

Abapolisi bakoze ivyo ntibamenyekanye amazina.

Graffiti on a Kenosha court house after the shooting of a black man by police officers

Ahavuye isanamu, EPA

Ben Crump, umunyamategeko aharanira ubutungane kuri bose, yabwiye tereviziyo CNN ko abana b'abahungu batatu ba bwana Blake bari mu modoka igihe yari agiye kwinjiramwo igihe yaraswa.

Yanditse ku rubuga rwiwe rwa twitter ati: "Bariboneye ingene umupolisi yarashe se wabo. Ivyo bizobahahamura ubuzima bwabo bwose. Ntidushobora kwemera ko abapolisi bahonyanga amabanga yabo bajejwe yo KUDUKINGIRA".

Avuga ko bwana Blake yarashwe igihe yari ahejeje kubanguranya abariko bararwana.

Eka n'ababonye ivyabaye babwiye ikinyamakuru ngurukanabumenyi Kenosha News ko Blake yari ahejeje kubanguranya abagore babiri bariko bararwana imbere y'uko igipolisi gishika.

Ibi bibaye mu gihe habandanya imishamirano ikomeye muri Amerika ivuye ku bugome bw'igipolisi inyuma y'iyicwa ry'umwirabure George Floyd mu kwa gatanu.

Urupfu rwiwe rwatumye haduka imyiyerekano ikomeye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika no mu zindi mpande z'isi, mw'isekeza ryiswe Black Lives Matter (Ubuzima bw'umwirabure ni kirumara).