Umupolisi w'umuzungu muri Amerika yagirijwe kwica umwirabura

Umupolisi yarashe mu mugongo umugabo w'umwirabura atari afise inkoho
Insiguro y'isanamu, Umupolisi yarashe mu mugongo umugabo w'umwirabura atari afise inkoho

Umupolisi w'umuzungu mu ntara ya South Carolina, muri leta zunze ubumwe za Amerika, yagirijwe icaha co kwica nyuma y'aho agaragariye mw'i video arasa umugabo w'umwirabura yariko ariruka ata nkoho afise.

Abagira itohoza i North Charleston bafashe uwo mupolisi nyuma yo kuraba video y'iryo raswa, yafotorewe kuri telefone ngendanwa y'umuntu yariko arihitira.

Iyo video yerekana uwo mugabo, Walter Scott, araswa mu mugongo ariko ariruka nyuma yo gukirana n'uwo mupolisi.

Igipolisi ca Amerika FBI hamwe n'ubushikiranganji bujejwe ubutungane biriko bikorera hamwe itohoza, rikurikiye ibisa nk'ivyo vyinshi bimaze kuba, aho abirabura b'abanye Amerika baraswa n'abapolisi b'abazungu.