Mason Greenwood: Uyu muyabaga rutahizamu wa Man Utd azoshikana hehe?

Ahavuye isanamu, PA Media
"Ntafyinira imbere y'igoli." "Kwinjiza ibitsindo bimuri mu maraso." "Ni icago ku kipe ihura nawe."
Abamukeza babaye benshi mu gihe Mason Greenwood yanditse ayandi mateka ku wa kane, mu gukina kwiwe kugitangura.
Ku myaka 18 n'iminsi 72, uyu rutahizamu yabaye umukinyi wa Manchester United akiri muto kurusha abandi atsinze ibitsindo bibiri mw'ihiganwa rya Buraya aho United yatsinda 4-0 AZ Alkmaar mw'ihiganwa rya Europa League.
Vyabaye ibitsindo vyiwe bigira gatanu na gatandatu mw'ikipe y'abakuze bikaba vyigaragaza ko azoba uwundi rurangiranwa avuye mw'ishure ry'umupira w'amaguru rya Manchester United.
Mu vy'ukuri, Greenwood yarigaragaje cane mu bakiri bato, umumenyereza Ole Gunnar Solskjaer akaba yari amaze imyaka 11 amureretse ijisho.
Solskjaer yahagaritse gukinira United mu 2007 yagize ati: "Ahubwo ndibuka aho nahura nawe ubwa mbere kuko umuhungu wanje nawe yagirira imyimenyerezo i Chill mu bafise imyaka umunani. Mason yari afise indwi."
"Ndamubona ubwa mbere yaraboneka ko arusha abandi kandi twarifotoje hamwe. None ubu ari ngaha. Ibi nivyo dukora.
"Namusavye ko twifotoza kuko nari nzi yuko azoba umukinyi. Nibaza ko iyo foto ayifise, canke se niwe ashobora kuba ayifise."
None mu gihe yari umukinyi mwiza akiri muto cane uko, urwego ashobora gushikako ni uruhe?
'Ni icago ku bakinyi b'inyuma' - uko abonwa n'abamwegereye muri Man Utd

Ahavuye isanamu, Getty Images
Hari abatangaye igihe Solskjaer yemera ko Alexis Sanchez na Romelu Lukaku bagenda mw'ici riheruka kandi, hako azana abandi bakinyi bazimvye bo kubasubiriza, yashize icizere muri Greenwood.
Iyo ngingo yafashe ubu isa nk'iyifise ishingiro, kuko Greenwood ubu amaze kwinjiza ibitsindo vyinshi kurusha ivyo Sanchez yinjije igihe cose yamaze Old Trafford.
Solskjaer yagize ati "Twari tuzi ko afise impano".
"Ku bwanje, guteza imbere umuntu afise impano nk'izi, nta handi wobikorera hasumvya ngaha (muri United)."
Ku bitsindo vyiwe bibiri yinjije ejo, Solskjaer yongeyeko ati: "Birya ni vyo akora. Arabikora mu myimenerezo - kuri we ni ibisanzwe kandi uko asatira igoli niko asumbiriza gukara. Ni icago ku bakinyi b'inyuma."
Mugenzi wa Greenwood bakinana, Juan Mata, ntatangara iyo abonye uyu muhungu avyifatamwo neza ku rwego rwo hejuru.
Uwo munye Espagne agira ati "Igihe cose iyo akinye, aratsinda."
"Turiko turimenyereza, ashobora kudakora ku mupira kenshi ariko arakomeye mu kwinjiza kandi ntafyina imbere y'igoli. Ni umwana mwiza kandi ndahimbawe ku bwiwe."
'Rurangiranwa ariko araremwa' - ivyo abahoze ari abakinyi bavuga

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uwahoze ari umukinyi wo hagati wa Manchester United Owen Hargreaves ntakekeranya ko Greenwood ashitse aho yokina ku rwego rwo hejuru mu mupira w'amaguru naho akiri muto.
Hargreaves yabariye BT Sport ati: "Ibitsindo yinjiza, sinzi ingene abigenza ariko atera umupira neza cane. Ndakunda kuraba ingene atsinda kuko aravyorosha cane. Ntahatiriza.
"Afise uwo arabirako vyiza ari we Marcus Rashford, ico akeneye gusa n'ukumwigirako. Ku myaka yiwe, 18, nibaza ko ari umuntu yaremewe kwinjiza ibitsindo. Azoba rurangiranwa, nta nkeka."
Uwahoze ari rutahizamu wa Manchester United Michael Owen avuga ko Greenwood afise ubushobozi bwo kumara imyaka myinshji ari umukinyi akomeye - mu gihe atoreka uku kuduga kwiwe kunyaruka kukamusindisha.
"Uraba ko babishoye iyo bakiri bato cane, ariko ubu igikenewe ni guhagarara neza mu mutwe.
"Niyabandanya muri ino nzira mw'ikipe nziza imaze kurerura urwaruka rutari rukeyi, urashobora kwizera ko vyose bikwiye. Nta nkeka azomara igihe kinini ari umukinyi akomeye."











