Umukinyi w'umupira w'amaguru, Zlatan Ibrahimovic ngo yoba agira agaruke muri Manchester United

Zlatan Ibrahimovic agikinira Manchester United mu 2017

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Nyuma ko kugenda kwa Lukaku na Alexis Sanchez, bigaragara nk'uko Ibrahimovic ari imbere ku rutonde rw'abaronderwa na United

Manchester United ngo yoba iri mu biganiro n'umukinyi Zlatan Ibrahimovic mu ntumbero yo kumugarukana Oldtrafford, nyuma y'aho aviriye muri LA Galaxy n'igihuha c'uko agira ahebe gukina, nk'uko vyatangajwe n'ikinyamakuru MailOnline.

Uwo mukinyi rurangiranwa w'imyaka 38 yavuye Old Trafford aja mw'ikipe LA Galaxy yo mw'ihiganwa MLS ryo muri Amerika mu 2018, nyuma yo kwinjiza ibitsindo 29 mu myaka ibiri yakiniye United.

Kandi ikinyamakuru candikirwa kuri internet co mu Butariyano, TuttoMercatoWeb, kivuga ko United ishobora kumuha akazi mu gihe irondera inguvu mu bakinyi b'imbere.

Ibrahimovic yatwaye ibikombe vya Europa League na Carabao Cup akinira United igihe yamenyerezwa na Mourinho, kandi yinjiza igitsindo c'intsinzi mu rukino rwa nyuma na Southampton.

United ubu imenyerezwa na Ole Gunnar Solskhaer, imaze iminsi ifise ibibazo vyo kwinjiza ibitsindo, kandi kugerageza kugura Mario Mandzukic wo muri Juventus vyigijwe mu ci riza.

Kandi nyuma yo kugenda kwa Romelu Lukaku na Alexis Sanchez muri Inter Milan, Ibrahimovic asa n'uwigaragaje nk'uwuronderwa bwa mbere na United.