Premier Ligue: umufana ari mu minwe y'igipolisi kubera ivangura rishingiye ku rukoba

Fred

Ahavuye isanamu, Getty Images

Igipolisi co mu gisagara ca Grand Manchester gitangaza ko cahagaritse umugabo yagirizwa amacakubiri y'urukoba mu rukino rwariko ruhuza Manchester City na Manchester United ku wa gatandatu.

Mu gice ca kabiri c'urwo rukino rwabereye ku kibuga ca Man City, umukinyi w'umwirabure wo hagati wa Manchester United, Fred, yatewe ibintu n'abakunzi ba Man City.

Man City ivuga ko "yanabonye ireresi yakwiragijwe ku mbuga hwaniro" isa n'iyerekana umufana ariko yerekana ibimenyetso vy'inguge kuri uyo mukinyi wa Manchester United Frederico Rodrigues de Paula Santos, azwi cane nka Fred.

City yaciye isohora itangazo imenyesha ko bagiye gukora amatohoza kuri ivyo bintu.

Avugana n'ikinyamakuru c'inkino ca Brezili ESPN Brazil, uyo mukinyi w'umunya Brezili w'imyaka 26 avuga ko ari ibiterasoni kubona ibintu nk'ivyo bikivugwa mu mwaka wa 2019.

Fred yari agiye gutera umupira wo mu mfuruka igihe ako kabi kaba

Ahavuye isanamu, PA Media

Insiguro y'isanamu, Fred yari agiye gutera umupira wo mu mfuruka igihe ako kabi kaba

Ati: " Turacari kumwe n'abantu bakiri inyuma. Birababaje kubona ibintu nk'ibi bigikorwa mu bibuga bimwe bimwe. Hano vyashitse, kandi vyarashikiye bagenzanje muri Ukraine".

"Ni ibintu bibabaje, ariko nta mwanya bishobora kudutesha nk'uko bobo bavyipfuza. Navuganye n'umuhagarikizi urukino ruheze, ndizeye ko bazogira ico bakoze, nta bindi"!

Ni ibintu vyama vyabaye igihe cose

Mu gihe yari agiye gutera umupira wo mu mfuruka ku munota wa 67, vyabaye ngombwa ko abanza guhagarika agasubira mu kibuga inyuma y'aho abafana ba Manchester City bamuteye ibintu.

Umukinyi mugenziwe wa Brezili, Fernandinho, akinira Manchester City, ari kumwe n'abandi bakinyi baciye basaba abafana babo gutekereza.

Urukino rwagiye kubandanya haciye akanya, inyuma y'aho umuhagarikizi we nyene akuriye ivyo bintu bari bateye mu kibuga.

Kick It Out, ishirahamwe ryishinze kurwanya ivangura rishingiye ku rukoba, rivuga ko ryashikirijwe amakuru menshi cane rwose inyuma y'aho ayo mabi yerekaniwe n'ama camera.

Kick It Out ivuga ko yiteze ko hazokorwa igishoboka cose kugira ngo ababikoze bamenyekane.

Abamenyereza b'iyo mirwi barerekanye umubabaro udasanzwe inyuma y'iyo nyifato y'uwo mufana.

Ole Gunnar Solskjaer, umumenyereza wa Manchester United avuga ko ivyo bintu "bidashobora kwihanganirwa".

Fred ati: "Turacari kumwe n'abantu bakiri inyuma"

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Fred ati: "Turacari kumwe n'abantu bakiri inyuma"

Ati: " Nabibonye mw'ireresi kandi ivyo ari vyo vyose uwabikoze ariyagiriza. Ni ikintu tudashobora kwihanganira kandi ndezeye ko uyo muntu ata rukino na rumwe azosubira kuja kuraba".

Ku ruhande rwiwe, Pep Guardiola wa Man City avuga ko atipfuza gusubira kubona ibintu bijanye n'ikumira rishingiye ku rukoba.

Ati: "Ni urugamba rwa minsi yose, ariko ikibabaje ni uko vyama biba ahantu henshi".

Umukinyi Marcus Rashford wa Man United, nawe nyene aherutse gukorerwa ikibi nk'ico igihe yariko akinira umurwi nserukiragihugu w'Ubwongereza muri Bulgaria mu kw'icumi guheze, wewe abona ko kubivuga gusa bidakwiye.

Ati: "Ivyo bintu twarabivuzeko cane mu mezi atandatu canke umunani aheze, ariko kubandanya tubivuga uko ntibihagije".

"Inzego zibijejwe zikwiye gufata ingingo ruhasha kugira bihagarikwe. Ni ikintu giteza urubwa cane urukino n'igihugu".

Umwe amaze guhagarikwa

Mwitangazo casohoye ejo ku mugoroba, igipolisi ca Manchester catangaje ko cahagaritse umugabo w'imyaka 41 yagirizwa ako kabi.

"Igipolisi caratabajwe ko hari umufana yerekanye inyifato avuga n'amajambo bishingiye kw'ivangura rishingiye ku rukoba mu rukino rwariko ruhuza Manchester City na Manchester United".

"Umugabo w'imyaka 41 yahagaritswe kubera yikekwa ko yahungabanije umutekano w'abanyagihugu yishimikije ivangura rishingiye ku rukoba, akaba ari mu gasho aho ariko arabazwa".