Hassan Karera yabwiye BBC ko amacakubiri yakorewe abakinyi b'Ubwongereza yamubayeho kenshi

Ahavuye isanamu, Hassan Karera
Abakinyi b'ikipe y'Ubwongereza b'abirabura bakorewe amacakubiri mabi cane aho bakina n'ikipe ya Bulgaria, ariko Hassan Karera yakinye kera mu Bubirigi, avuga ko atari bishasha.
Mu rukino rwo ku munsi wa mbere aho ikipe nserukira gihugu y'Ubwongere mu mupira w'amaguru yahura n'iya Bulgaria, abarorerezi ba Bulgaria batutse abakinyi birabura b'Ubwongereza bifatiye ku rukoba rwabo.
Urwo rukino Ubwongereza bwatsinzemwo Bulgaria 6-0, rwahagaritswe inshuro zibiri ariko ivyo bitutsi ntivyahagarara.
Vyarimwo kugira indamutso zo kurambura ikiganza nk'uko vyagirwa n'aba Nazi ba Hitler mu Budage mu myaka 1940, bakaririmba indirimbo z'ibitutsi hamwe no kwigana urusaku rw'inkende.
Ariko naho vyari uko, abakinyi b'Ubwongereza baranse kuva mu kibuga, urukino ruhera batsinze Bulgaria 6-0 mu guhiganirwa itike yo kuja mu gikomba ca Buraya 2020.
Amacakuri yamyeho, aracariho
Naho bimeze uko ariko, abakinye umupira kera bobo bavuga ko muri kino gihe amacakubiri nk'ayo yagabanutse ugereranije na kera.

Ahavuye isanamu, Hassan Karera Facebook
Hassan Karera, umukinyi wa kera w'Umunyarwanda yakiniye ikipe za Kiyovu Sport yo mu Rwanda na Vitalo yo mu Burundi mu myaka 1980, yabwiye BBC ko akija gukina i Buraya kari akamaramaza.
Karera agira ati: "Mu gihe cacu vyari bikomeye kurusha ubu kuko abakinyi bava Afrika (abirabura) bamaze kuba benshi.
"Kera baradutuka ibitutsi vyinshi, bakigana insaku z'inkende, ivyo vyose narabibayemwo."
Ivyo Hassan Karera vyamubayeho aho yava muri Vitalo akaja gukina mw'ikipe zo mu Bubirigi zitwa K F C. VERBROEDERING GEEL. hamwe na WESTERLOO FC, hagati y'imyaka 1988 n'2008.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abandanya agira ati: "Muri gukora entrainements (imyimenyerezo) canke kwishusha abantu baraza bakakwita 'negre' (igitutsi kigayitse gitukwa abirabura).
"Vyaratubabaza ariko abatoza n'abandi bakinyi (b'abazungu) ntibavyumve kuko bo babona ari ibisanzwe."
Karera aremera ko ubu hari icahindutse kuko ibintu nk'ivyo ubu ari gake biba ku mugaragaro ariko akavuga ko mu mitwe y'abantu bikirimwo.
Yagize ati: "Ubu n'aho batavyerekana, uracabona ko mu mitwe yabo bibaza ko umwirabura ari hasi yabo."
Ishirahamwe rijejwe umipira w'amaguru kw'isi, FIFA, rirategekanya ibihano ku makipe abafana bayo bitwaye nabi muri ubwo buryo, nko kuyaca amafaranga canke gukina ata bafana bari ku kibuga.
Ariko naho biri uko, ikibazo c'amacakubiri afatiye ku rukoba mu mupira w'amaguru, naho hari utwigoro twinshi two kubirwanya, kiracariho.










