Zinedine Zidane avuga ko rutahizamu Gareth Bale yimirije kugenda

Ahavuye isanamu, Getty Images
Rutahizamu wa Real Madrid na Wales, Gareth Bale, ntakiri mu bakinyi bashimwa n'umumenyereza Zinedine Zidane kandi bisa nk'aho agire ave mw'iyo kipe.
Uwo mukinyi wa Wales w'imyaka 30 ntiyashizwe mu kibuga mu rukino rwo kwitegurira amahiganwa aza, aho Real yatsindwa 3-1 na Bayern Munich muri Amerika.
Aho yavuga nyuma y'urukino, Zidane yagize ati: "Turizera ko azogenda vuba. Vyoba ari vyiza kuri twese. Turiko turaraba ko yoronka ikipe nshasha.
"Ntaco mpfa nawe ku buryo bwihariye, ariko haragera igihe ibintu bigakorwa nk'uko biba bikeneye gukorwa."
Bale asigaje imyaka itatu mu masezerano yagiranye na Real, yatsindiye Champions League inshuro zine kuva aho aguriwe imiriyoni 85 z'amahera y'Ubwongereza avuye muri Tottenham mu 2013, igiciro caruta ibindi vyose ico gihe.
Biravugwa ko aronderwa n'amakipe ya Manchester United na Spurs yo muri Premier League mu Bwongereza, Bayern yatwaye igikombe mu Budage co kimwe n'ikipe zo mu Bushinwa.
Asubiza ku vyavuzwe na Zidane, uwuhagarariye inyungu za Bale, Jonathan Barnett, yabwiye AFP ati: "Zidane ateye isoni - nta cubahiro na kimwe aha umukinyi yakoreye vyinshi cane ikipe ya Real Madrid."
Ingorane z'imvune zatumye uwo mugabo yamuka muri Wales akina gusa inkino 79 muri La Liga mu myaka ine iheze. Yakinye inkino 42 za Real mu mwaha uheze, igice cazo azikina asimbura.










