Gareth Bale ari ku rutonde rw'abakinyi batanu ba mbere bahiganirwa agashimwe Ballon d'Or

Gareth Bale

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Bale yatsinze igitego ciza cane mu rukino rwa nyuma rw'imigwi yabaye iya mbere iwabo i Buraya aho Real Madrid yatsinze Liverpool ibitego 3-1

Umukinyi w'imbere wa Real Madrid Gareth Bale ari ku rutonde rw'abakinyi batanu bahiganirwa agashimwe ka Ballon d'Or k'uyu mwaka.

Umukinyi w'imbere wa Manchester City Sergio Aguero, umunyegoli wa Lierpool Alisson, umukinyi w'imbere wa Real Madrid Karim Benzema n'uwa Paris St-Germain Edinson Cavani na bo bari mu bahiganirwa ako gashimwa.

Urutonde rw'abakinyi 30 bahiganirwa ako gashimwe ka Ballon d'Or barashirwa ahabona uyu musi.

Ballon d'Or, agashimwe gahambaye mu mupira w'amaguru gatangwa kuva mu 1956, gahabwa umukinyi wa mbere mwiza w'umwaka.

Ibirori vyo kwerekana uwagatsindiye bizobera i Paris itariki 3 z'ukwezi kwa cumi na kabiri, mu gihe agashimwe nk'ako ku bigeme kazotangwa ku ncuro ya mbere.

Umukinyi w'imbere wa Portugal, ubu akinira Juventus ahi yaje ava muri Real Madrid mu ci, ni we yaheruka gutwara ako gashimwe ka Ballon d'Or.

Ballon d'Or n'iki?

Agashimwe ka Ballon d'Or gatangwa na France Football buri mwaka kuva mu 1956, aho uwagatwaye ubwa mbere ari umukinyi nserukiragihugu w'Ubwongereza Sir Stanley Matthews.

Urutonde rukorwa n'abakozi b'ico kinamakuru co mu Bufaransa, uwutsinda akaba atorwa n'abamenyeshamakuru bo kw'isi yose, umwe umwe aserukira abandi kuri buri gihugu.

Mu myaka itandatu bagiye hamwe n'abatwara Fifa, ako gashimwe kaca kitwa Fifa Ballon d'Or.

Ariko Fifa yarakuye akarenge muri ubwo bufatanye bwo gutanga ako gashimwe mu kwezi kw'icenda mu 2016.

Mu birori vyo gutanga agashimwe ka Fifa mu kwezi kw'icenda, umunya Croatia n'umukinyi wo hagati wa Real Madrid Luka Modric ni we yagahawe nk'umukinyi mwiza kw'isi, mu gihe umukinyi w'imbere wa Brezil na Orlando Pride Marta ari we yaronse ako gashimwe mu bigeme.