Fifa yahaye agashimwe Modric nk'umukinyi mwiza mu bagabo hamwe na Marta mu bapfasoni

Ahavuye isanamu, Getty Images
Bubaye ubugira gatatu hatangwa agahembo k'umukinyi mwiza wa Fifa, kashizweho inyuma y'aho urwo rwego rurongoye umupira w'amaguru kw'isi rukuriye akarenge mw'itangwa ry'agashimwe ka Ballon d'Or.
Agashimwe ka Ballon d'Or katangwa n'ikinyamakuru ca France Football kuva mu 1956, ariko mu nyuma bija hamwe n'agashimwe ku mukinyi wa mbere yarushije abandi mu mwaka kuva mu 2010-2015.
Urwo rwego rurongoye umupira w'amaguru kw'isi ruca rutanguza agahembo k'umukinyi mwiza wa Fifa, katanguye gutwarwa n'umukinyi wa Portugal Ronaldo nk'agashimwe ka mbere gakomeye mu 2017.
Amatora ku bakinyi n'abamenyereza yakozwe na ba kizigenza hamwe n'abamenyereza, bamwe mu bamenyeshamakuru hamwe, ku ncuro ya mbere, n'abakunzi b'umupira w'amaguru babicishije ku mbuga ngurukanabumenyi. Umwe wese ku bice 25% vy'abatoye.
Umukinyi wa mbere mwiza wa Fifa mu bagabo - Luka Modric
Luka Modric arangije igihe kirekire c'udushimwe twagiye duhabwa Cristiano Ronaldo na Lionel Messi mu mupira w'amaguru kw'isi, kuva mu 2007 igihe Kakka yatwara agashimwe ka Ballon d'Or.
Modric yakiniye yakiniye umugwi n'igihugu ciwe atwara igikombe c'imigwi yabaye iya mbere iwabo anashika no mu rukino rwa nyuma rw'igikombe c'isi - aho bari batsinze Ubwongereza mu gice ca kabiri gishira ica nyuma - aho yivugiye, imbere y'uko haba ivyo birori ko "wabaye umwaka mwiza wiwe wa mbere".
Ku bintu bitari vyitezwe, umumenyereza w'umugwi nserukiragihugu w'Ubwongereza Southgate na we yatoye Modric.
Uwo yahoze ari umukinyi wo hagati wa Tottenham yarahawe agashimwe k'umupira w'inzahabu gahabwa umukinyi mwiza mu gikombe c'isi inyuma yo gutsindwa n'Ubufaransa.
Yarinjije ibitego mu nkino zibiri za mbere za Croatia zo gukuranamwo, aranafasha mu kwinjiza igitego kimwe.
Umumenyereza wa Croatia Zlatko Dalic yashimagije uwo mukinyi inyuma yo kwumva ivyavuye mu matora, avuga ko uwo mukinyi wo hagati ari "nk'icegera canke mu kibuga".
Dalic yavuze ati:"Luka Modric ni kizigenza w'umugwi wanje, ni we mukinyi wiza mu mugwi wanje no kw'isi, kandi ako gashimwe aragakwiye".
Ahejeje kuronka ako gashimwe, Modric yavuze "atewe iteka" kandi ko ashimira abamenyereza bose bakoranye kuba bamushikanye kuri iyo ntambwe.
Modric yavuze ati:"Aka gashimwe si akanje gusa. N'ako abakinyi turi kumwe muri Real Madrid no mu mugwi nserukiragihugu wa Croatia. Sinari kukaronka tutari kumwe na bo, kandi iyo ataba umuryango wanje sinari kuvamwo umukinyi mwiza nk'uko ndi ubu".

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukinyi mwiza wa Fifa mu bapfasoni - Marta
Umukinyi w'imbere wa Brezil na Orlande, Marta ni we yatsindiye agashimwe k'umukinyi mwiza wa Fifa ku ncuro ya gatandatu.
Agashimwe ka mbere nk'ako ka Fifa k'umukinyi w'umupfasoni mwiza mu mupira w'amaguru yakaronse mu 2006.
Yaratahukanye igikombe Copa Amerika mu bapfasoni mu kwezi kwa kane, ahoBrezil yatsinze inkino zose ko ari ndwi - n'aho yatsinze kimwe mu bitsinzo 31.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abikinyi 11 ba FIFA
Fifa yahinduye abakinyi bane gusa ku rutonde rwo mu 2017.
Kylian Mbappe w'imyaka 19 yagiye muri uwo mugwi inyuma yo gutahukana agashimwe k'umukinyi akiri muto yagiye mu gikombe c'isi ku kungene yitaye mu mugwi w'Ubufaransa.
N'umukinyi w'imbere wa Chelsea n'UbubiligiEden Hazard na mugenzi we N'Golo Kante bari kuri urwo rutonde, mu gihe umunyegoli wa Manchester United ari mw'igoli, Raphael Varane na we wa Real Madrid akaba ari we ari mu kibanza co gukina inyuma.
Ariko umunyegoli Thibaut Courtois yatowe nk'umunyegoli wa mbere canke Salah ari mu bakinyi batatu ba mbere beza ku rutonde rw'umaka, ntibari muri abo bakinyi cumi n'umwe.

Umumenyereza wa mbere mwiza mu bagabo - Didier Deschamps
Umumenyereza w'umugwi nserukiragihugu w'Ubufaransa Didier Deschamps yatsindiye agashimwe k'umumenyereza waa mbere mwiza mu bagabo mu 2018.
Uwo yahoze ari umukinyi wo hagati wa Marseille, Juventus na Chelsea yari kizigenza w'umugwi w'Ubufaransa watwaye igikombe mu 1998, imbere y'uko arongora umugwi uherutse gutwara igikombe c'isi mu nkino zabereye mu Burusiya mu kwezi kw'indwi.
Descahmps atwaye ako gashimwe yahiganirwa n'uwo bakinanye Zinedine Zidane - yatwaye ibikombe bitatu vy'imigwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabe wa Buraya incuro zitatu yikurikiranya amenyereza umugwi wa Real Madrid - hamwe n'umumenyereza wa Croatia Zlatko Dalic umugwi wiwe watsinzwe n'Ubufaransa mu rukino rwa nyuma rw'igikombe c'isi i Moscou mu Burusiya.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umumenyereza wa mbere mwiza mu bapfasoni - Reynald Pedros
Uwahoze ari umukinyi wo hagati w'Ubufaransa, Reynald Pedros yasikanye umugwi wa Lyon w'abapfasoni mu nkino z'imigwi yabaye iya mbere iwabo i Buraya incuro zibiri zose agishingwa ayo mabanga.
Babiri mu bakinyi biwe, Ada Hegerberg na Dzsenifer Marozsan bari ku rutonde rw'abakinyi beza b'abapfosoni bahiganirwa agashimwe.
Agashimwe ku watsinze igitego ciza (Puskas award) - Mohamed Salah
Agashimwe ka Puskas kashinwe inyuma y'aho umukinyi rurangiranwa wa Hngria Ferenc Puskas aherewe agashimwe incuro 10 zose kubera gutsinda ibitego vyiza.
Ako gashimwe rero kahawe Mohamed Salah .
Salah aronse ako gashimwe ka Puskas kubera igitego yatsinze mu rukino rwahuza Liverpool na Everton ku kibuga ca Anfield mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza mu kwezi kwa cumi na kabiri.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umunyegoli mwiza - Thibaut Courtois
Uwahoze afatira umugwi wa Chelsea ni we yabaye umunyegoli mwiza.
Courtois ni we yari mw'igoli ry'Ububiligi mu nkino z'igikombe c'isi, aho igihugu ciwe catahukanye ikibanza ca gatatu - kure ico gihugu kimaze gushika muri iryo higanwa.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abarorerezi beza ba mbere - Peru
Abakunzi b'umugwi wa Peru batahukanye agashimwe k'abakunzi b'inkino beza ba Fifa inyuma y'aho abantu ibihumbi n'ibihumbi bafatiye indege baja mu Burusiya gushigikira umugwi w'igihugu cabo - aho bari bagiye mu gikombe c'isi ubwa mbere kuva mu 1982.
Abarorerezi bonyene bakaba ari bo batanze amanota.

Ahavuye isanamu, Getty Images










