Chelsea 1-1 Liverpool: Maurizio Sarri avuga ko kunganya ari "sawa"

Umumenyereza wa Chelsea Maurizio Sarri avuga ko umugwi wiwe "wegereye kurusha uko ndavyibaza" Liverpool inyuma yaho iyo migwi yose ukwo ari ibiri inganirije mw'ihiganwa rya Premier League ku kibuga Stamford Bridge.
Uwo mutaliyano yagenywe mu ci riheze avuga ko Liverpool n'aba mbere mu manota Manchester City bari "intambwe imwe imbere" ku mugwi wiwe, naho abo bamenyereza bamaze igihe kirekire muri iyo migwi, ariko akibaza ko ashobora kubahamvya.
Bamaze gutsinda Liverpool 2-1 mu gikombe ca Carabao ku munsi wa gatatu, aba Blues bari bahuye ubugira kabiri mu minsi ine badatsindwa.
Ni aba gatatu mu manota, amanota abiri inyuma y'umugwi wa Jurgen Klopp na Manchester City iri mu kibanza ca mbere kubera ibitsindo vyinshi.
Yagize ati: "Dutegerezwa kuguma hafi y'imigwi ya mbere mu manota. Kandi dutegerezwa kurushirizaho gukina neza."
Igitsindo ca Eden Hazard co ku munota wa 25, cahatswe gutuma Chelsea itsinda Liverpool ubugira kabiri mu ndwi imwe.
Umumenyereza wa Liverpool Klopp avuga ko yanezerejwe n'igitsindo co kunganisha ca Daniel Sturridge ku munota wa 89.
"Rwari urukino ruryoshe kuraba," niko yavuze.
"Twaronse uturyo twinshi kandi twakinye umupira mwiza.
"Kuronka inota iwabo wa Chelsea ni vyiza cane, tubandanije dukina gurtyo tuzotsinda inkino nyinshi."
Abamenyereza bose bari banezerewe
Sarri na Klopp bagwanye mu nda urukino rurangiye.
Sarri ntiyanezerejwe kubona Chelsea itanga igitsindo mu minota ya nyuma, ariko urwo rukino rukaba rwamwijeje ko ashobora kubandanya neza mw'ihiganwa ry'uno mwaka rya Premier League.
Klopp ntiyanezerejwe no kubona ikiringo co kudatsindwa 100% mw'ihiganwa ry'uno mwaka rya Premier League kirangiye, ariko akaba yashimye ingene umugwi wakinye urondera kenshi ahuca ngo winjize.
Igitsindo ca Sturridge giteye igomwe ariko Salah nawe nyene yagwanye

Igitsindo ca Sturridge co kunganisha cibukije ko naho uwo mukinyi yarafise ingorane z'amagara no kumara igihe kirekire adakina, ko ari umusatirizi w'impano.
Yaheruka gukinira ku kibuga ca Stamford Bridge itariki 12 ukwezi kwa mbere, akopeshejwe n'umugwi West Bromwich Albion.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Salah yaronse uturyo dutatu two kwinjiza mu gice ca mbere, ariko ntiyagira amahirwe.
Vyaboneka ko utari umunsi wiwe, umumenyereza Klopp akaba yari yabibonye mu kumusubiriza Xherdan Shaqiri mu gice ca kabiri.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Eden Hazard amaze kwinjiza ibitsindo bitanu mu nkino zitatu za nyuma za Premier League.
Umumenyereza Maurizio Sarri yagize ati: "Ndanezerewe cane n'ingene yakinye. Tuguma dutera imbere ukwo dukina. Twakinye n'umugwi wa mbere kandi dukina neza n'ishaka ryinshi.
"Kunganya ni sawa."
Umumenyereza wa Liverpool Jurgen Klopp: "Twaronse uturyo twiza kandi twakinye umupira usukuye. Ndakunda gutsinda, ariko kuronka inota ku kibuga ca Chelsea ni vyiza.
"Rirya nota twari turikwiye kandi biranezereje."










