Liverpool 1-1 Chelsea

Willian scores Chelsea's equaliser against Liverpool

Ahavuye isanamu, PA

Insiguro y'isanamu, Willian ubu afise ibitego bitatu mu nkino zine ziheze.

Umumenyereza wa Liverpool Jurgen Klopp 'arashavuye' kubera atashoboye kwinjiza bashasha imbere y'uko Willian atsinda igitego co kunganya ca Chelsean mu rukino batsinzemwo 1-1 ku kibuga cabo.

Klopp yariko arasaba kwinjiza Adam Lallana aho Willian, yinjije ibitego bibiri muri 4-0 batsinze Qarabag mu nkino z'imigwi yabaye iya mbere iwabo, yinjiza ku munota wa 85.

"Vyambabaje kuko twashaka guhindura umukino ariko umuhagarikizi nta karyo yaduhaye," ni ko Jurgen Klopp yabwiye BT Sport.

"Sinzi ico yibajije muri uyo mwanya, yambwiye ibintu bijanye n'uko vyofata umwanya munini, sindabitegera.

"Nari kumara umwanya munini gute? Ntitwashatse guta umwanya, twashaka guhindura umukino ni na co gituma nashavuye."

Mohamed Salah

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ubu Mohamed Salah amaze gutsinda ibitego 15 mu nkino zose yakinye muri uyu mwaka

Ico gitsindo cononye akaryo ka Mohamed Sarah ko kwigina itsinzi ku mugwi yahoramwo, inyuma y'aho uwo mukinyi w'imbere atsindiye igitego ca Liverpool.

Mu zindi nkino vyagenze gutya:

Crystal Palace 2-1 Stoke City

Manchester United 1-0 Brighton And Hove Albion

Newcastle 0- 3 Watford

Swansea City 0-0 Bournemouth

Tottenham Hotspur 1-1 West Bromwich Albion