Umutoza Maurizio Sarri wa Chelsea avuga ko Eden Hazard 'ashobora gutsinda ibitego 40 muri uyu mwaka w'imikino'

Nyuma y'imikino itanu ya shampiyona, Hazard ni we uri ku mwanya wa mbere mu bamaze gutsinda ibitego byinshi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Nyuma y'imikino itanu ya shampiyona, Hazard ni we uri ku mwanya wa mbere mu bamaze gutsinda ibitego byinshi

Umutoza Maurizio Sarri wa Chelsea yavuze ko Eden Hazard ashobora gutsinda ibitego 40 muri uyu mwaka w'imikino wa shampiyona y'umupira w'amaguru mu Bwongereza izwi nka Premier League.

Ku wa gatandatu, Hazard yatsinze ibitego bitatu mu mukino Chelsea yatsinzemo Cardiff City ibitego 4-1, ndetse amaze gutsinda ibitego bitanu mu mikino itanu ya shampiyona, akaba arusha igitego kimwe abo bahanganye bamurya isataburenge.

Nyuma yaho, umutoza Sarri yavuze ko uyu Mubiligi ashobora kuba umukinnyi w'umupira w'amaguru w'intyoza kurusha abandi bose ku mugabane w'Uburayi.

Umutoza Sarri yagize ati:

"Twaravuganye mubwira ko ashobora gutsinda ibitego 40."

"Hari ibintu bimwe na bimwe agomba kuvugurura, ariko yabishobora [gutsinda ibitego 40]."

Hazard yageze muri Chelsea mu mwaka wa 2012. Amaze kuyitsindira ibitego 94, ariko ntabwo arigera ageza ku bitego 20 cyangwa birenga mu mwaka umwe w'imikino mu mikino yose yakiniye iyi kipe.

Mu mwaka w'imikino wa 2014-2015 yatsinzemo byinshi kurusha iyindi kugeza ubu, yatsinze ibitego 19. Mu myaka ibiri y'imikino ishize, yatsinze ibitego 17 muri buri mwaka.

Mu mwaka ushize w'imikino, rutahizamu Mohamed Salah wa Liverpool yatsindiye igihembo cy'umukinnyi watsinze ibitego byinshi kurusha abandi muri Premier League, ubwo yatsindaga ibitego 32. Yatsinze ibitego 44 muri rusange mu marushanwa yose.

Chelsea iri ku mwanya wa mbere ku rutonde rw'agateganyo rwa shampiyona bishingiye ku kinyuranyo cy'ibitego.

"Tugomba kugenda twivugurura buhoro buhoro. Intego yanjye ni uko mu mwaka umwe, ni ukuvuga amezi 18, tuba ikipe y'intyoza kurusha izindi zose mu Bwongereza."

"Ntekereza ko kuri ubu amakipe abiri, Liverpool na Manchester City, ari yo y'intyoza kuturusha."