Umupira w'amaguru: Ibihuhwa vyo ku wa Mungu

Paul Pogba amaze gukina inkino 27 kuri 51 uyu mwaka muri Manchester United

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Paul Pogba amaze gukina inkino 27 kuri 51 uyu mwaka muri Manchester United

Manchester United ngo yiteguye kugurisha umukinyi wo hagati w'imyaka 25 Paul Pogba, umukinyi yaguzwe amahera menshi cane mu mateka w'uwo mugwi.

Manchester ngo yoba irondera guca igura umukinyi w'umufaransa w'inyuma, Raphael Varane w'imyaka 24, akina muri Real Madrid, umudagi akina hagati Toni Kroos w'imyaka 28, umunya Brésil Marquinhos, w'imyaka 23 akina inyuma muri Paris St-Germain, umutaliyano Marco Verrati w'imyaka 25 akina hagati hamwe n'umunya Brésil Alex Sandro w'imyaka 27 akina inyuma muri Juventus. (Sunday Mirror)

Pogba n'umumenyereza wa Manchester United Jose Mourinho ngo boba bariko barumvikana ingene vyogenda, inyuma yaho uwo mukinyi adakinishirijwe mu kwezi guheze. (Sun on Sunday)

Jose Mourinho yavuze mu kwezi kwa Kabiri ko ibivugwa ko Paul Pogba yicuza igituma yinjiye muri uwo mugwi kandi ko ashobora kugenda rino ci, ko ari ibinyoma.

Yavuze ko Pogba "yemeye ko atakinye neza".

Paris St-Germain ngo yoba nayo yatanguye kugira ibiganiro n'abaserukira Antonio Conte kugira ngo yimukire i Paris muri rino ci, avuye muri Chelsea. (Guardian)

Umukinyi w'imbere wa Liverpool Mohamed Salah, w'imyaka 25, ngo yoba yaranse kuja muri Real Madrid mu gihe yizeye guhembwa £200000 ku ndwi i Anfield mu masezerano mashasha. (Sunday Mirror)

Umumenyereza wa kera wa Borussia Dortmund, Thomas Tuchel ngo yoba yanse akazi ka Bayern Munich, bitewe nuko ariko aravugana na Arsenal. (Bild - in German)

Arsenal na Chelsea ngo bariko baragwanira kugura umunyezamu wa Atletico Madrid Jan Oblak w'imyaka 25. (Sunday Express)