Intambara ya Ukraine: Amerika igiye kwongereza inguvu za gisirikare i Bulaya

Perezida Joe Biden wa Amerika avuga ko ibi ari “neza na neza” ivyo Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya atashaka

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Perezida Joe Biden wa Amerika avuga ko ibi ari “neza na neza” ivyo Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya atashaka

 Reta Zunze Ubumwe za Amerika zigiye kwongereza ingabo ku mugabane wa Bulaya inyuma y’aho ibihugu bigize OTAN/NATO vyumvikaniye ku “mpinduka zikomeye” kubera igitero c’Uburusiya kuri Ukraine. 

Icicaro kizokwamaho kigiye gushingwa muri Pologne, mu gihe amato y’intambara ya Amerika azorungikwa muri Espagne, indege nazo zirungikwe mu Bwongereza, nayo abasirikare barwanira ku butaka barungikwe muri Roumanie/Romania. 

Perezida Joe Biden wa Amerika avuga ko OTAN ari “nkenerwa gusumba uko yahoze”.

Iri huriro ryo kwivunira umwansi hamwe ririko riranagurwa gusumba uko ryavyigeze kuva kuri ya ntambara y’ukwikekana (Guerre froide/Cold War), nk’uko bivugwa n’umunyamabanga mukuru wa OTAN Jens Stoltenberg. 

Iyi nteguro nshasha yo kwishura ku gitero c’Uburusiya isigura ko ingabo zirenga 300.000 zizoba zimeze magabo mu mwaka uza, zivuye kuri 40.000 zari zisanzwe zihari ubu.

Perezida Biden yabwiye abari mu nama yabo yabera ku mugwa mukuru wa Espagne, Madrid, ko OTAN “izokomezwa mu buryo bwose ku mpande zose - ku butaka, mu kirere no mu mazi”.

Ubushikiranganji bw’Ubwongereza bujejwe kwivuna abansi na bwo nyene buvuga ko buriko burongereza ingabo zishobora gukoreshwa na OTAN mu kwivunira umwansi hamwe, mu gutegura amato y’intambara, indege z’intambara n’ingabo zirwanira ku butaka – n’aho ubu bushikiranganji buvuga ko budashobora gutanga amakuru arambuye ku bitigiri kuko ari “ibanga rya gisirikare”.

Iri tangazo rya Amerika risigura ko igiye kwongereza inguvu za gisirikare ku mugabane wose cane cane mu buseruko bwa Bulaya, ahagiye gushingwa icicaro gishasha ca gisirikare c’iri huriro ryo kwivunira umwansi hamwe.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Perezida Biden ashimangira ko iri huriro ryiyemeje “gukingira agace ako ari ko kose” k’ubutaka bwaryo, akavuga ati: "Tuba twavyiyumviriye iyo tuvuze ko igitero ku gihugu kimwe ari igitero ku bihugu vyose”.

Muri izi ngingo harimwo: 

· Kwongereza amato y’intambara ya Amerika muri Espagne kuva kuri ane gushika kuri atandatu

· Kwongereza "ingabo zikurakuranywa muri Roumanie zigizwe n’abarwanyi 3000 hamwe n’uwundi murwi w’abasirikare 2000

· Iyindi mirwi ibiri y’abasirikare barwanira mu kirere bakoresha indege zo mu bwoko bwa F-35 mu Bwongereza

· Kwongereza uburyo bwo kurwanira mu kirere mu Budagi no mu Butaliyano.

Ubwongereza bwarongereje hafi incuro zibiri abasirikare bufise muri Estonia, ku ngabo zirenga 1600 muri ico gihugu. 

Abenshi bazorungikiwa mu bihugu vy’akarere ka Balte, n’aho ubushikiranganji bwo kwivuna abansi buvuga ko izi ngabo zongerejwe zishobora kwama zigavye mu gihe zizoba zisubiye mu gihugu.

Muri iri koraniro, abategetsi ba OTAN bumvikanye kwemerera ibihugu vyahoze ataho vyegamiye vyo mu buraruko Finland na Suède/Sweden kwinjira muri iri huriro, ariko igisabo cabo kikazotegerezwa kwemezwa n’ibi bihugu vyose 30 bigize OTAN.

Perezida Biden avuga ko ibi ari “neza na neza” ivyo Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya atashaka, kandi ko ingingo yiwe yo gutera Ukraine yamugizeko ingaruka mbi. 

Umunyamabanga mukuru wa OTAN Stoltenberg avuga ko Finland na Suède bimaze gutumirwa kwinjira muri iri huriro rya gisirikare, akavuga ko “ari vyo bihugu bizoba vyinjiye ningoga kuva ribaho”, kandi ko yizeye ko bigeye kwihutishwa.

Ibi bihugu bibiri bisaba kwinjira muri iri shirahamwe bitegerezwa kwerekana ko bigendera ku ngingo ngenderwako za OTAN muri poritike, mu mategeko no mu gisirikare – ikintu kigiye kuba vuba bwango muri ibi bihugu vyo mu buraruko bwa Bulaya.

Stoltenberg avuga ko Ukraine ishobora kubandanya yizeye imfashanyo y’iri huriro mu guhangana n’igitero c’Uburusiya “igihe cose bizoba nkenerwa”, yongerako y’uko Ukraine iriko irwanira ubwigenge bwayo ariko kandi n’indangagaciro isangiye na OTAN.

Avuga ko ibihugu biri muri iri shirahamwe vyumvikanye guha Ukraine “imfashanyo iboneka”, irimwo igitoro, imiti, imyambaro yo kwikingira amasasu, ibikoresho vyo kurwanya za ndege zitagira abadereva (drones) hamwe n’ibikoresho vyo kurwanya ama mines.

Iri koraniro rirerekana integuro ngenderwako nshasha y’iri huriror rivuga ko Uburusiya ari bwo “bubangamiye cane umutekano w’ibi bihugu vyishize hamwe be n’amahoro n’umutekano w’akarere ka Bulaya na Atlantiki [Euro-Atlantic]”. 

Rivuga kandi ko “tutohava twibaza ko Uburusiya budashoboye guhungabanya ubwigenge n’ubusugire bw’ibi bihugu vyishize hamwe”.

Perezida Putin ntahakana ko hashobora kwaduka icuka kibi hagati y’Uburusiya na Suède hamwe na Finland inyuma yo kwinjira muri OTAN, akavuga kandi ko Moscou ishobora kwihora uko vyokenerwa mu gihe OTAN yoshinga ibirindiro muri ibi bihugu.

Avuga ko abategetsi ba OTAN bashaka “kwishira hejuru gusumba ibindi bihugu vyose no kwiyagurira uturere”, ariko akavuga kandi ko Uburusiya ata “ngorane” bufise kuri Finland na Suède kwinjira muri iryo huriro.