Impunzi ya Sudani muri Iran: 'Igihugu canyakiriye ubu kiri mu ntambara

Israeli yateye ububiko bw'igitoro itariki 15 z'ukwezi kwa Ruheshi(6) 2025 i Tehran muri Iran

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Israeli yateye ububiko bw'igitoro itariki 15 z'ukwezi kwa Ruheshi(6) 2025 i Tehran muri Iran
    • Umwanditsi, Mustafa Saeed
    • Igikorwa, BBC Arabic

Mu gihe intambara hagati ya Iran na Israel igenda yongerekana, abantu basanzwe muri Iran baguma barondera uko bahunga ayo mabombe.

Muri bo, harimwo abari bahunze intambara mu bihugu vyabo, biteze kuronka akazi n'amashure ahandi.

Muri bo, hari umunyeshure muvyo ubuhinga w'umunya Sudani, Salim Mahmoud, atashatse gukoresha izina ryiwe bwite kubera umutekano wiwe.

'Iran yanyakiriye yahindutse urubuga rw'intambara'

Yabwiye BBC ko mu kiringo c'imyaka itanu irangiye, yari yamenyereye ikirere c'igisagara ca Isfahan mw'ijoro. Ariko, mu misi mike iheze, ico gisagara caratumberejweko ibitero vya Israel vyo mu kirere. Avuga ko ubu ikirere c'uzuyemwo urwamo rwa drone hamwe n'ibindi bintu bigenda biturika.

"Ubu nikoreye imitwaro ibiri - igihugu canyibarutse, Sudan, gisinzikajwe n'intambara, hamwe na Iran, canyakiriye ariko na co cabaye urubuga rw'intambara," ni ko avuga.

Salim yiga kuri kaminuza, avuga ko igitero ca mbere kitamuteye ubwoba cane. Ariko uko intambara yiyongereye vyihuse vyatumye uko abona ibintu bihinduka.

Co kimwe n'abandi banya Sudani bari muri Iran, Salim yahunze igihugu ciwe kubera intambara iriyo ibandanya hagati y'igisirikare hamwe n'umuhari wa Rapid Support Forces (RSF). Inkuru zitangwa n'ishirahamwe mpuzamakungu Onu, zivuga ko iyo ntambara yatumye Sudani kiba igihugu ca mbere kw'isi kiri mu kaga, kikaba gifise abantu bateshejwe izabo baharurwa mu mamiriyoni.

Amasanamu y'ikigendajuru [Satellite] yerekana ivyononekaye ku nyubako zimwe zimwe z'ikigo ca nikreyere, inyuma y'aho Israel igiriye ibitero kuri Iran irondera gusambura ibigo vya nikreyere.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Amasanamu y'ikigendajuru [Satellite] yerekana ivyononekaye ku nyubako zimwe zimwe z'ikigo ca nikreyere, inyuma y'aho Israel igiriye ibitero kuri Iran irondera gusambura ibigo vya nikreyere.

I Isfahan, Salim avuga ko yiboneye n'amaso yiwe igisasu kimwe "cumvikanye mu gisagara cose". Mu nyuma yamenye ko igitero ca Israel catumbereye ico kigo kidasanzwe.

Ku musi ugira kabiri w'ibitero, Salim yafashe ingingo yo kuba arimukiye mu gisagara ca Kashan, ku birometero 210 uvuye i Isfahan. Ariko ubu ariko ariyumvira gufata iyindi ngingo itoroshe: Kuva muri Iran akaja muri malaysia kurangiza amashure yiwe.

Avuga ko gusubira muri Sudani, uravye ingene intambara ibandanya kubica bigacike, atari "ibintu bishoboka".

Igitero ca Israel ku mugwa mukuru wa Iran, Tehran

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Igitero ca Israel ku mugwa mukuru wa Iran, Tehran
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Kuva ku musi wa Gatanu itariki 13 z'ukwezi kwa Ruheshi(6), Isfahan yaratewe n'ibitero vyo mu kirere vy'igisirikare ca Israel kigwanira mu kirere, bitumbereyeibibanza vya gisirikare n'ibigo vya nikreyere - harimwo n'ahahingurirwa ubutare ba Uranium hamwe n'ahatererwa ibigwanisho vya misire.

N'aho hari ibitero bikaze, Iran ntirahamagarira abantu gufata umugambi wo guhunga. Ariko, haragaragaye amasanamu y'amabarabara apfungiranye, abantu bariko barava mu turere twegereye ibibanza vya giisirikare bagana ibisagara bikirimwo umutekano nka Kashan na Yazd.

Reta ya Sudani, igizwe n'akanama kigenga mfatakibanza - yasubiye kwunga ubucuti na Israel mu myaka itanu iheze - ivuga ko yiyamiriza ibitero vya Israel ku butaka bwa Iran, yemeza ko ishigikiye ubusugire bw'igihugu kandi ikaba iniyamiriza ibikorwa vy'urugomo vya gisirikare ku gihugu ico ari co sose.

Ibiro nserukiragihugu vya Sudani i Tehran bivuga ko vyuguruye imiryango ku bashaka gufashwa kuva muri ico gihugu. Uwuserujira Sudan muri Iran, Abdelaziz Saleh, avuga ko abantu ba mbere bazovanwa muri ico gihugu bashika 25 ku bashika 200 bamaze kwiyandikisha mu buserukizi.

Igitigiri c'abanye Sudani baba muri Iran kigereranywa ko coba gishika ku gihumbi, nk'uko umushakashatsi akaba n'umumenyeshamakuru Atef Hassan yabibwiye BBC