Joe Biden bamutoye kanseri ya 'prostate' igeze kure

    • Umwanditsi, Nadine Yousif
    • Igikorwa, BBC News

Uwahoze ari umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Joe Biden, ubu afise imyaka 82, bamutoye kanseri ya 'prostate' imaze gukwirakwira mu magufa, nk'uko biri mw'itangazo ry'ejo ku wa Mungu ryasohowe n'ibiro vyiwe.

Biden, yashikirije ubutegetsi muri Nzero (1) uno mwaka, yatowe iyi kanseri ku wa gatanu inyuma yo kubonana n'umuganga ku wa gatanu w'indwi iheze ku bibazo vy'inzira y'umukoyo.

Iyo kanseri Biden afise, ifatira mu dusaho tw'intanga ngabo, ni iyo mu bwoko bukaze kurusha, ikaba irangwa n'ibipimo vya Gleason biri ku rugero rwo hejuru rwa 9 kuri 10. Ibi bisigura ko ari kanseri "igeze kure" kandi ko uturemangingo twayo dushobora gukwirakwira ningoga mu bindi bice vy'umubiri, nk'uko bishikirizwa n'ikigo Cancer Research UK cishinze gukora ubushakashatsi kuri kanseri no kuyirwanya.

Bivugwa ko Biden n'umuryango wiwe bariko barihweza ingene yokwivuza. Ibiro vyiwe bivuga kandi ko iyi kanseri ifatira mu misemburo (hormones), ibi bigasigura ko ishobora kugenzurwa biciye mu buvuzi.

Mw'iri tangazo, ibiro vya Biden vyagize biti: "Mu ndwi iheze, Perezida Joe Biden yarapimwe kubera akavyimbe kuri prostate inyuma y'ibibazo vy'inzira y'umukoyo.

"Ku wa gatanu, bamutoye kanseri ya prostate ifise ibipimo vya Gleason biri ku rugero rwa 9 (urugero rw'umurwi wa 5) ikaba imaze gukwira mu magufa.

"Nubwo iboneka ko ikaze, iyi kanseri isa n'iyifatira mu misemburo, ibi bigatuma ishobora gukurikiranwa uko bikwiye".

Inyuma y'iyi nkuru, uno yahoze arongoye Amerika yaronse ubutumwa buvuye ku mpande zompi (mu Barepubulikani no mu Bademokarate) bwo kumwihanganisha.

Perezida Donald Trump yanditse ku rubuga hwaniro rwiwe Truth Social ko we n'umutambukanyi wiwe Melania Trump bababajwe "no kwumva iyi ndwara batoye Joe Biden".

"N'umutima wacu wose, turipfurije amahirwe Jill n'umuryango wiwe", ni ko yavuze, ashaka kuvuga Jill Biden nk'uwahoze ari Première Dame/First Lady (umutambukanyi w'uno yahoze ari umukuru w'igihugu). "Twipfurije Joe arware akira kandi vuba".

Kamala Harris yahoze ari icegera ca Biden yanditse ku rubuga rwa X ko we n'umugabo wiwe Doug Emhoff babandanya basengera umuryango wa Biden.

Harris yanditse ati: "Joe ni umurwanyi – kandi ndazi ko azohangana n'iki kibazo afise inkomezi, ukwihagararako n'umwizero, vyaranze ubuzima bwiwe n'ubutegetsi bwiwe".

Mu butumwa kuri X, Barack Obama – yahoze ari umukuru w'ico gihugu kuva mu 2009 gushika mu 2017, Joe Biden na we ari icegera ciwe – yavuze ko we n'umutambukanyi wiwe Michelle bagumiza "ku mutima umuryango wose wa Biden".

Ati: "Nta n'umwe arigera akora ibisumba ivyo Joe yakoze mu kurondera ubuvuzi bwa kanseri mu bwoko bwayo bwose. Ndizigiye neza ko azohangana n'iki kibazo n'umutima wiwe wose kandi mu bugwaneza vyamye bimuranga. Turamusabira ko yokira vuba kandi neza".

Mu 2016, Obama yagenye Biden kurongora "cancer moonshot", umugambi wa reta w'ubushakashatsi kuri kanseri.

Mu Bwongereza, umushikiranganji wa mbere Keir Starmer yagize ati: "Ndababaye cane kwumva ko Perezida Biden arwaye kanseri ya prostate. Ndipfurije amahirwe Joe, umukenyezi wiwe Jill n'umuryango wabo, kandi nipfurije umukuru w'igihugu ko yovurwa vuba kandi neza."

Iyi nkuru y'uburwayi bwa Biden ije inyuma hafi y'umwaka bibaye ngombwa ko akura akarenge mu matora y'umukuru w'igihugu ya 2024 kubera impungenge ku magara yiwe no ku myaka yiwe. Ni we muntu yarongoye iki gihugu afise imyaka myinshi kuruta abandi bose muri kahise ka Amerika.

Biden, ico gihe yaserukira umugambwe w'Abademokarate muri ayo matora kugira arondere ikiringo kigira kabiri, yaraneguwe bikomeye inyuma yo kuvyitwaramwo nabi mu kiyago mpari co ku mboneshakure muri Ruheshi (6), aho yari ahanganye n'uwaserukira umugambwe w'Abarepubulikani ubu akaba ari umukuru w'igihugu, Donald Trump. Yasubiriwe n'icegera ciwe Kamala Harris kugira ngo abe ari we aserukira Abademokarate.

Kanseri ya prostate ni yo iza ubwa kabiri mu bwoko bukunze gufata abagabo, inyuma ya kanseri y'urukoba, nk'uko bivugwa n'ikigo c'ubuvuzi Cleveland Clinic.

Ikigo ca Amerika kijejwe kugenzura no gukinga indwara, Centres for Disease Control and Prevention (CDC), kivuga ko 13 ku bagabo 100 baterwa na kanseri ya prostate mu gihe kanaka c'ubuzima bwabo.

CDC ivuga ko imvo nyamukuru ari imyaka.

Dr William Dahut arongoye igisata c'ubuhinga mu kigo ca Amerika kijejwe kurwanya kanseri, American Cancer Society, akaba n'umuganga yize ivyo kuvura kanseri ya prostate, yabwiye BBC ko iyi kanseri isanzwe ikomeye, afatiye ku biri mu bipimo vyakorewe Biden.

Ati: "Mu bisanzwe, iyo imaze gushika mu magufa, sinibaza ko ari kanseri ishobora kuvurwa igakira".

Hagati aho, avuga ko bikunze kugenza neza ku barwayi hafi bose iyo bahawe imiti ya mbere, kandi ko "abantu bashobora kubaho imyaka myinshi bagendana iyi ndwara".

Dr Dahut avuga ko umuntu arwaye nk'uyu yahoze ari umukuru w'igihugu ashobora guhabwa ubuvuzi bufatiye ku misemburo kugira ngo bugabanye ibimenyetso vy'iyo ndwara, no kugabanya ukwiyongera kw'uturemangingo twa kanseri.

Biden ntakunze kwishira ahagaragara kuva avuye ku butegetsi.

Muri Rusama (5), yarahaye ikiganiro BBC – ari na co ca mbere kuva avuye muri Maison Blanche/White house (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Reta zunze Ubumwe za Amerika) – aho yemeye ko ingingo yo gukura akarenge mu matora y'umukuru w'igihugu ya 2024 yari ingingo "itoroshe".

Muri ano mezi ya vuba, Biden yarabajijwe ibibazo ku bijanye n'amagara yiwe.

Igihe yari mu kiganiro The View c'imboneshakure ABC muri Rusama nyene, Biden yarahakanye ivyavugwa ko yariko aragira ibibazo vyo kwibagira mu mwaka wiwe wa nyuma muri Maison Blanche. Ati: "Nta na kimwe gishobora kuvyemeza."

Uno yahoze ari umukuru w'igihugu yaramaze imyaka asaba ko hoba ubushakashatsi kuri kanseri.

Mu 2022, we n'umupfasoni wiwe baravyuye umugambi "cancer moonshot" bafise intego yo guhimiriza ko hoba utwigoro two guhagarika impfu zirenga imiriyoni zine ziturutse kuri kanseri gushika mu mwaka wa 2047.

Biden we nyene ubwiwe yarabuze umuhungu wiwe w'imfura, Beau, yahitanywe na kanseri yo mu bwonko mu 2015.