Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Gusohora intanga kenshi vyoba bifasha kurinda umugabo kanseri ya prostate?
Mu bijanye n’amagara y’igitsinagabo, kanseri ya prostate ifise ikibanza gikomeye. Ni yo kanseri iza ubwa kabiri mu makanseri afata abagabo kw’isi, igakurikirwa na kanseri yo mu mahaha. Muri Brezili, abagabo umunani batorwa iyi ngwara buri saha.
Kubera uruhara rw’aka gahimba mu bijanye n’irondoka mu gusohora intanga, abahinga bamaze imyaka itari mike bibaza uruhara ibijanye n’imibonano mpuzabitsina bigira ku vyerekeye iyi kanseri ya prostate.
Aha cane cane, baribaza nimba ugusohora intanga bishobora gufasha mu gukinga kanseri ya prostate.
Hariho ivyemezo biza bishigikira iki ciyumviro.
Icigwa giherutse gukorwa ku bushakashatsi bwose nyamukuru bwakozwe mu myaka 33 iheze cerekana ko ubushakashatsi indwi kuri 11 bwerekanye ko ugusohora intanga kenshi hari akarusho bizana mu bijanye na kanseri ya prostate.
Muri iyo nzira nyene, gusohora intanga birashobora guhindura ingene abasoda b’umubiri bari muri prostate bahangana n’imigera, mu kugabanya ubushe – ikintu kizwi ko gishobora gutera kanseri – canke mu kwongereza ubukomezi bw’abasoda b’umubiri bwo guhangana n’uturemangingo duteza ibivyimba.
Canke naho, mu kugabanya ukuremerwa mu mutwe, ugusohora intanga bishobora kugabaniriza akazi ubwonko, ibi bigatuma uturemangingo tumwe tumwe twa prostate tutimanyagura ningoga ngo duteze ivyago vyo kurwara kanseri.
Ariko nubwo bimeze uko, ubu bushakashatsi ku kamaro ko gusohora intanga burimwo insiguro zikomeye.
Imyaka irafise uruhara. Ugusohora intanga kenshi vyakingira gusa abari hagati y’imyaka 20 na 29, canke hagati ya 30 na 39, rimwe na rimwe mu myaka yitereye (ku myaka 50 canke kuduga), ariko kandi ibi vyago usanga vyariyongera mu bantu bakiri bato cane (ku myaka 20).
Mu bindi bihe, ugusohora intanga mu myaka y’ubuyabaga (igihe prostate ikiriko irakura) bigira ingaruka zikomeye ku vyago biteza kanseri ya prostate mu myaka mirongo iri imbere.
Ariko none ibi biba ku rugero rungana gute ? Twovuga ko ari ku rugero runini mu bihe bimwe bimwe.
Ubushakashatsi bwakozwe na Kaminuza ya Havard yo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika bwerekana ko abagabo basohora intanga incuro 21 canke zirenga ku kwezi baboneka ko ivyago vyo kurwara kanseri biri hasi ku rugero wa 31% ugereranije n’abagabo bavuga ko basohoye intanga incuro ziri hagati ya zine n’indwi ku kwezi mu buzima bwabo.
Ubushakashatsi nk’ubu ni ubwakorewe muri Australia, aho ku rugero rwa 36% kanseri ya prostate idashobora gutorwa ku bagabo bari musi y’imyaka 70 basohoye intanga incuro ziri hagati ya zitanu na ndwi kw’iyinga, ugereranije n’abagabo bazisohora incuro ziri musi ya zibiri gushika kuri zitatu kw’iyinga.
Ubundi bushakashatsi bwobwo butanga imbono iciriritse cane, aho bwerekana ko, ku mirwi imwe imwe y’imyaka kanaka n’iy’abantu kanaka, gusohora intanga incuro zirenga zine ku kwezi bihagije kugira ngo umuntu yikingire.
Nta mwanzuro ntabanduka
Biragoye gufata imyanzuro ntabanduka kuri ubu bushakashatsi, cane cane ufatiye ku kungene bwakozwe mu buryo butandukanye.
Imvo zitandukanye, nk’imirwi itandukanye y’abagabo bakoreshejwe muri ubu bushakashatsi, igitigiri c’abagabo bakoreshejwe mu bushakashatsi, hamwe n’ubudasa mu buryo bwo gupima urugero rwo gusohora intanga (nimba muri ubu buryo harimwo imibonano mpuzabitsina, ukwikinisha hamwe no kuzisohora umuntu asinziriye akenshi mw’ijoro) ibi vyose bishobora guteza igipfungu.
Mu bisanzwe, ibipimo vy’urugero rwo gusohora intanga bishingiye ku kwigenzura kwa buri muntu kandi bifata imyaka myinshi, ishobora kuba no muri mirongo. Nico gituma rero ibi ari ibiharuro ngereranyo kandi bishobora kuba bivana n’imibereho, haba ku giti c’umuntu we bwite canke mu kibano, mu bijanye n’imibonano mpuzabitsina canke kwikinisha, ibi bigashobora gutuma umuntu arenza urugero mu vyo yivugako canke ntavuge vyose.
Hashobora kandi kuba ukwiyobagiza mu gushira ahabona ibivyimba vya kanseri ya prostate, aho abagabo bakora cane imibonano mpuzabitsina bateba canke bakihoza kuja kwa muganga mu gutinya ko igikorwa co kubavura kanseri gishobora kubabuza imibonano mpuzabitsina.
Rero aba bagabo basohora intanga ku rugero runini cane barashobora kurwara kanseri ya prostate ariko ugasanga ntibimenyekanye muri ubu bushakashatsi.
Birashoboka kandi ugusohora intanga ntihagire ico bifasha mu gukinga kanseri ya prostate kandi isano riri hagati yavyo rigashobora kuba rifise izindi mvo.
Nk’akarorero, abagabo basohora intanga ku rugero runini bashobora kugira ubuzima bwiza bugabanya amahirwe yo gutorwa kanseri.
Igabanuka ry’urugero rwo gusohora intanga rifitaniye isano n’ubuvyibuhe burenze urugero, igabanuka ry’imyimenyerezo ngororamubiri hamwe no kwahukana – ibi vyose bikaba bituma umuntu agira amagara mabi, iki na co kigatuma umuntu ashobora gufatwa na kanseri.
Imisemburo ya kigabo (Testosterone) ishobora kuba kirumara
Testosterone, imisemburo nyamukuru itanga ubushobozi bwo gukora imibonano mpuzabitsina ku mugabo, ifise uruhara rudasanzwe muri ibi.
Iyi misemburo izwi ko yongereza akayabagu k’imibonano mpuzabitsina, rero iyo umugabo afise urugero ruto rwa testosterone, ashobora kutagira akayabagu k’imibonano mpuzabitsina yomutuma asohora intanga ku rugero rumwe n’umugabo afise testosterone nyinshi.
Mu buryo butandukanye n’imbere y’aha aho vyavuga ko abagabo bafise urugero runini rwa testosterone bafise ivyago vyinshi vyo kurwara kanseri, ubu bigaragara ko uretse y’uko ino misemburo ata vyago vyo kwandura kanseri itera, ahubwo urugero ruto rwayo ni rwo ruteza ivyago vyinshi vyo kuyirwara. Ibi ni ukuri cane cane ku bagabo basanzwe barwaye kanseri ya prostate, aho usanga yiyongera cane iyo urugero rwa testosterone ari ruto.
Rero testosterone ishobora kugabaniriza abagabo ivyago vyo kurwara kanseri ya prostate hejuru y’uko ibongerereza akayabagu k’imibonano mpuzabitsina.
Nubwo biri uku, ubushakashatsi hafi bwose ntibupima urugero rwa testosterone, gusa buremera ko ifise uruhara.
Ubushakashatsi bumwe bwapimye urugero rw’uno musemburo mpuzabitsina ku bagabo bwatoye ko abagabo bakunze gusohora intanga kenshi baba bafise urugero runini rwa testosterone. Kandi ni aba bagabo nyene bafise ivyago bike vyo kurwara kanseri ya prostate.
Imibonano mpuzabitsina no gusohora intanga birafise izindi nyungu bitanga hampande y’izijanye na prostate, harimwo nk’ingaruka nziza ku mutima, ku bwonko, ku bushobozi bw’umubiri bwo kurwanya ingwara, mu gusinzira no kugononokerwa.
Rero, mu gihe isano riri hagati yo gusohora intanga kenshi na kanseri ya prostate ritarasobanuka neza kandi hakaba hakenewe cane ubundi bushakashatsi, gusohora intanga kenshi (ku rugero rukwiye) ntaco vyica, ahubwo kuri iyi mvo vyategerezwa kuba mu bigize ubuzima bwiza bw’umugabo.
* Daniel Kelly ni umwigisha wa biochimie kuri kaminuza ya Sheffield Hallam, yo mu Bwongereza.
Iyi nkuru yasohowe ubwa mbere ku rubuga ngurukanabumenyi rutanga amakuru y’ubumenyi The Conversation ikaba itangarijwe hano ku burenganzira bwa Creative Commons.