Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igipimo kimwe c'amaraso kiraba kanseri nyinshi gitanga icizere, ni mu cigwa gishasha
- Umwanditsi, Na Michelle Roberts
- Igikorwa, Umunyamakuru mu bijanye n'amagara y'abantu
Abashakashatsi bavuga ko mu cigwa cakozwe n’ikigo NHS kijejwe amagara y’abantu mu Bwongereza, igipimo c’amaraso cakozwe ku bwoko burenga 50 bwa kanseri (cancer) gitanga icizere kiboneka mu rugamba rwo kubona kare no kurwanya kanseri.
Iki gipimo carekanye neza kanseri zibiri kuri zitatu mu bantu 5.000 bituye abaganga bafise ibimenyetso vy’iyi ndwara mu Bwongereza no muri Pays de Galles/Wales.
Kuri 85% vyabo bayifise, kirerekana kandi igice c'umubiri irimwo.
Ico gipimo bise Galleri, kirondera impinduka mu duce dutoya tw'uturemangingo tuva muri kanseri zitandukanye. Kubona hakiri kare kanseri birashobora gufasha kurokora ubuzima bw’abantu.
Nk’uko aba bashakashatsi bo kw’ishure kaminuza ya Oxford babivuga, iki gipimo kiracasigaje “vyinshi vyo gukora”, ariko gishobora kwongereza igitigiri c’ubwoko bwa kanseri bwatowe.
Akenshi, abarwayi barerekana ibimenyetso, nk’ugutakaza ibiro, ibi bikaba bishobora guterwa n’ibintu vyinshi, ari co gituma hakenewe ibipimo vyinshi no kwama baja kwa muganga.
Abarenga 350 bariko barakorwako ivyigwa – igitigiri kinini kitari bwigere kibaho c’abantu berekana ibimenyetso vya kanseri – batowe kanseri hakoreshejwe uburyo bwa kera bwo gupima.
Hafi:
- 75% y’abo batowe ko barwaye mu gupima amaraso basanze barwaye kanseri.
- 2.5% y’abo batowe ko bakomeye basanze barwaye kanseri.
N’aho bidasobanutse neza kugira ngo “kanseri yemezwe canke ihakanwe”, iki gipimo cari ngirakamaro ku barwayi, nk’uko umushakashatsi mukuru Prof Mark Middleton yabibwiye BBC.
Ati: “Ku rugero rwa 85%, iki gipimo carerekanye inkomoko y’iyi kanseri - kandi iki naco gishobora gufasha cane kubera akenshi ntivyama vyoroha guhita ubona igipimo wokorera umurwayi yamaze gushika imbere yawe kugira ngo ushobore kumenya nimba ibimenyetso yerekana ari ivya kanseri”.
Ivyavuye muri ubu bushakashatsi bizokwerekanwa mu nama y’ikigo ca Amerika kijejwe ubushakashatsi ku kuvura kanseri, American Society of Clinical Oncology, muri Chicago.
'Hakenewe ubundi bushakashatsi'
Ikigo NHS kirakoresha kandi igipimo ca Galleri, cakozwe n’ikompanyi yo muri California, Grail, mu bantu baharurwa mu bihumbi baterekana ibimenyetso, kugira ngo barabe nimba kanseri yinyegeje ishobora kuboneka.
Inyishu za mbere zitezwe mu mwaka uza – kandi mu gihe bizoba bigenze neza, NHS itegura kwagura kugera ku bandi bantu bangana n’umuriyoni mu 2024 na 2025.
Iki gipimo ni ciza cane kuko gishobora gutora kanseri zigoye kubona nk’izo mu mutwe no kw’izosi, mu nda, mu mahaha, mu gasaho k’indurwe no mu muhogo.
Dr David Crosby wo mu kigo Cancer Research UK, avuga ati: "Ivyavuye muri ubu bushakashatsi vyerekana ko iki gipimo gishobora gufasha abaganga mw'isuzuma ryabo – ariko harakenewe ubundi bushakashatsi, mw’igerageza ryagutse, kugira ngo turabe nimba bishobora gufasha mw’isuzuma rikorwa n’abaganga, ndetse no ku barwayi”.
Umukuru w’igisata kijejwe kanseri mu kigo NHS Prof Peter Johnson avuga ati: "Iki cigwa catangujwe na NHS ni intambwe ya mbere mu kugerageza inzira nshasha yo gutora kanseri hakiri kare bishoboka - gutora kanseri hakiri kare ni kirumara kandi iki gipimo gishobora gutora izindi kanseri zikiri ku ntango ibi bigashobora gufasha kurokora ubuzima bw’ibihumbi n’ibihumbi vy’abantu”.