Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abarokotse kanseri ‘barakarirwa n’indwara z’umutima’
Hari icigwa giherutse kwerekana ko abarenga umwe kw'icumi mu barwayi ba kanseri baruhira gupfa bahitanywe n'indwara z'umutima hamwe n'ukuziba kw'imitsi, gusumba uko bicwa n'iyo ndwara.
Ikinyamakuru European Heart Journal candika ku vyerekeye indwara z'umutima cakoze icigwa ku barwayi imiliyoni zitatu muri Amerika, barwaye ubwoko 28 butandukanye bwa kanseri, mu kiringo c'imyaka irenga 40.
Abashakashatsi bavuga ko kubona ibitigiri vy'abarwaye kanseri vyiyongera bivuga ko bokwitwararikwa cane gusumba kugira ntibandure indwara z'umutima zifatira mu bwonko.
Abahinga b'abongereza bavuga ko abaganga bakwiye kubimenya gusumba bagakurikirana abarwayi uko bikwiye.
Mu barwayi imiliyoni zirenga zitatu bagizweko ubushakashatsi, ibice 38% nibo bahitanywe na kanseri abandi 11% nabo bahitanwa n'indwara z'umutima zifatira mu bwonko (AVC) - muri bo, bitatu vya bine bikaba vyavuye kuri iyo ndwara y'umutima.
Igitigiri c'abarwaye kanseri bapfa bahitanywe na AVC cari kinini cane mu bantu barwaye indwara z'amafyigo, imihogo, udusaho tw'intangangabo, igitereko, amara n'amabere.
Ku mwaka wa mbere, ivyo bishobora gutumwa n'ingaruka z'imiti ya kanseri canke ibipimo vya radiyo mu mibiri y'abantu.
Bakwiye kwitabwaho gusumba
Ico cigwa kivuga ko abarwayi ba kanseri "bagumye babangamirwa gusumba" abantu basanzwe.
Muganga Nicholas Zaorsky, umuhinga mu kuvura indwara za kanseri mu kigo Penn State Cancer Institute kijejwe kvura iyo ndwara niwe yari arongoye ico cigwa.
Avuga ko iyo umuntu amenye ko ashobora kubangamirwa n'iyo ndwara bishobora gutuma abaho igihe kirekire.
"Mu gihe abarwayi ba kanseri bomenya ko bashobora kubangamirwa gusumba bishobora kubatuma bafata ingendo y'ukwinengesera ishobora gutuma batandura AVC, ariko kandi ishobora gutuma batongera kurwara kanseri".
Naho Martin Ledwick wo mu kigo Cancer Research UK kijejwe ubushakashatsi mu Bwongereza avuga ati:
"Abaganga bategerezwa kumenya ibiri muri buno bushakashatsi busaba ko abarwayi bakeneye gukurikiranwa gusumba inyuma y'ugufata imiti, kugira barabe ntibahave bandura indwara z'imitima".
"Hagati aho, ico cigwa ntikitubwira igituma abarwayi bamwe bamwe ba kanseri bashobora guhitanwa n'izo ndwara z'imitima".
"Kuri bamwe, bishobora kuba ari ingaruka z'ukuvura iyo ndwara - ibipimo vya radiyo mu gikiriza n'imiti imwe imwe bishobora gutuma bafatwa n'indwara z'umutima.
"Hagati aho, hari ubwoko bwa kanseri bwakozweko amatohoza buboneka ko bufatanya n'imibereho y'abantu mu gutera indwara z'imitima - nk'akarorero ubuvyibuhe burenze n'itabi, navyo bishobora gutuma kanseri yiyongera.
"Ni naco gituma ari nkererwa ko umwe umwe wese yokwitaho imibereho yiwe yotuma agira amagara meza".