Ivyago vy'uko turwara kanseri tukiri bato vyoba vyarongerekanye, kubera iki?

    • Umwanditsi, Marie-Jose Al Azzi
    • Igikorwa, BBC News Arabic

Igihe bitagazwa ko Umuganwakazi Kate Middleton yatowe kanseri ku myaka 42 vyashegeshe benshi cane.

Nta muntu n'umwe yari yiteze ko amezi make uno muganwakazi wa Galles yamaze ataja ahabona vyari bifitaniye isano n'ikivyimba ca kanseri, kandi hari ibihuha vyinshi vyavuga ko yafashe ingingo yo kwihisha inyuma y'aho bitangarijwe ko yabazwe mu nda.

Inyuma y'amayinga yaranzwe n'amajambo menshi, vyabaye ngombwa ko yiyerekana muri videwo kugira atange inyishu ku makenga y'abantu benshi kw'isi yose.

Kuva ingwara y'uno muganwakazi akiri muto itangajwe ku mugaragaro, abatari bake bagarutse ku cigwa cashizwe ahabona muri Nyakanga (9) mu mwaka uheze wa 2023 mu kinyamakuru British Medical Journal, kivuga ko ibitigiri vy'abantu barwara kanseri bakiri bato, ni ukuvuga imbere y'imyaka 50, vyiyongereye ku rugero rwa 79,1% hagati ya 1990 na 2019.

Igitigiri c'abahitanwa na kanseri bakiri bato caraduze gushika kuri 27,7 % hagati ya 1990 na 2019.

Abashakashatsi bakoze iki cigwa babona ko abarwara n'abahitanwa na kanseri kw'isi bakiri bato bazokwiyongera kuva kuri 21% gushika kuri 31% mu 2023.

Abashakashatsi babona ko imvo ziva ku mfungurwa, nko kurya inyama nyinshi zitukura, kudafungura ivyamwa, gufungura indya zirimwo icunyunyu cinshi ca sodium, kutihereza amata menshi hamwe no kunywa inzoga n'itabi, ari zo nyamukuru zituma abantu barwara kanseri bakiri bato.

Ikindi cigwa casohowe mu kinyamakuru c'ubuvuzi, The Lancet, cerekana ko kanseri ifata ikibanza ca kane mu ngwara zahitanye abantu bari hagati y'imyaka 15 na 39 mu 2019 kw'isi yose.

Ni mu bihugu biteye imbere mu butunzi no mu mibereho usanga ibitigiri vy'abandura kanseri bari hagati y'iyo myaka biduga cane.

Nubwo abenshi mu bahinga be n'abaganga bemeranya ko imfungurwa zimwe zimwe zongereza ivyago vyo kurwana kanseri, abandi bahinga bashimangira ko kanseri ari indwara igoye, iterwa n'uruvangatirane rw'ibintu, harimwo imisemburo ndangakamere n'imvo zitandukanye zishingiye ku mfungurwa, ku bidukikije n'ibindi umuntu ahura na vyo mu buzima. Rero biragoye ko haba insiguro imwe kandi isanzwe kuri ubu bwiyongere bwa kanseri.

Ubuvyibuhe burenze yoba ari imvo?

Nk'uko biri mu cigwa casohowe mu 2019 mu kinyamakuru The Lancet, kanseri nyinshi zikunze kwibonekeza mu bakiri bato muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika zifitaniye isano n'ubuvyibuhe burenze.

Hafi 39,8 % y'Abanyamerika bafise imyaka iri hagati ya 20 na 39 bafise ubuvyibuhe burenze urugero, nk'uko bivugwa n'ikigo Centres de contrôle et de prévention des maladies (CDC) kijejwe kurwanya no gukinga indwara muri ico gihugu.

Iki cigwa cemeza ko ica kabiri ca kanseri ziterwa n'ubuvyibuhe burenze gikunze kwibonekeza mu bakiri bato, ugereranije n'umwe kw'icenda barwara kanseri idafitaniye isano n'ubu buvyibuhe.

Abahinga baremeranya ko ugufungura indya zihinguwe ku rugero rurenze, ukutagira imyimenyerezo ngororamubiri be no kunywa inzoga buri gihe ari ibintu biteza ivyago vyo kurwara kanseri.

Abahinga bavuga ko izi mvo ziyongereye kubera imibereho ya none y'ubuzima, ibi bigashobora gusigura impamvu abantu bari musi y’imyaka 50 batanguye kurwara iyi ndwara mu myaka iheze.

Mu cigwa casohowe n'ikigo ca Amerika, US National Library of Medicine, ku rubuga ngurukanabumenyi rwaco, abashakashatsi basanze hashobora kuba hari isano hagati y'umugore yibungenze afise ingorane y'ubuvyibuhe burenze n'ingaruka bishobora kugira ku mwana mu myaka iri imbere, mu gutuma arwara kanseri imbere y'imyaka 50. Hagati aho, haracakenewe ubundi bushakashatsi kugira ibi vyemezwe.

Dr Daniel Huang, umuganga w'indwara z'igitigu kuri Kaminuza ya Singapour, yabwiye ikinyamakuru co mu Bwongereza gitangaza amakuru ajanye n'ubuvuzi Nature ko izi mpamvu zidahagije mu gusigura ukwiyongera kw'abarwayi ba kanseri bakiri bato.

"Hari benshi bavuga ko ubuvyibuhe burenze hamwe n'inzoga bishobora gusigura bimwe mu vyo twatoye. Ariko biboneka ko ari ngombwa ko twihweza cane amakuru dufise", ni ko avuga, mu ntumbero yo gutahura ibiri mu vyatowe.

Mu vy'ukuri, abantu benshi bafungura neza, bagakora imyimenyerezo ngororamubiri, nta buvyibuhe burenze bafise kandi baratewe na kanseri bari musi y'imyaka 50. None ibi umuntu yobisigura gute?

Urusoro rukorwa ryari?

Ibiharuro vya vuba vyerekana ko amakanseri yo mu mara ari mu makanseri arwiriye cane kw'isi, kandi akunze gufata abantu bari musi y'imyaka 50.

Icigwa kimaze umwaka gisohowe ku rubuga ngurukanabumenyi rw'inzu y'ububiko bw'ibitabo vy’ubuvuzi muri Amerika bwerekana ko imikorobi yo mu mara imwe imwe ishobora gutera kanseri.

Nubwo ibi ku ruhande rumwe bishobora kuba biterwa n'ivyo dufungura, birashobora kandi no kuva ku mikorobin'imigera duhura navyo, nk'umugera uzwi nka H-pylori (Helicobacter pylori), umugera utera indwara y'igitigu co mu bwoko bwa B na C, hamwe n'uwundi uzwi nka papillomavirus, nk'uko biri muri iki cigwa.

Abandi bahinga bavuga ko iyo habaye ibitagenda neza mu dukoko (bacteries) ngirakamaro ku rura (ikizwi mu gifaransa nka microbiome), bishobora kuba bivuye mu guhindura ivyo umuntu afungura, canke gufata imiti imwe imwe ivura udukoko dutera indwara, ariko hano haracari ivyigwa biriko birakorwa bitararangira.

Barbara Kohn, umuhinga w'indwara z'ivyaduka ku kigo cigisha ibijanye n'amagara y'abantu c'ahitwa Oakland, muri California, yabwiye ikinyamakuru c'ubuhinga Nature ko ubushakashatsi bwerekana ko kanseri ishobora kuboneka inyuma y'imyaka myinshi umuntu ahuye n'ibintu bishobora kuyitera, nk'akarorero umwotsi w'itabi.

Ati: "None nimba igihe cayo co kwirabika gishobora gufata imyaka mirongo, none twohera hehe kurondera icayiteye?"

Basanze hashobora kuba hari isano hagati ya kanseri yo mu kibuno ku bakiri bato n'imiti ikunze guhabwa abagore bibungenze kugira ngo birinde kuvyara hataragera. Hagati aho, iki cigwa ni ngombwa ko gikorwa ku yindi mirwi y'abantu kugira ngo abahinga bashobore kwemeza imyanzuro yabo.

Dr Kimmy Ng wo kw'ishure kaminuza ya Harvard, yemeza ko imvo zifatiye ku bidukikije abantu bashobora guhura navyo bakiri abana bato zishobora kugira uruhara mu myaka iri imbere mu buzima bwabo.

Nk'umuhinga mu bibazo bijanye n'indwara zo mu nda, uno mugore akora ubushakashatsi ku mvo zituma ibitigiri vya kanseri ku bantu bari musi y'imyaka 50 biduga kw'isi yose. Icigwa ciwe gishingiye ku bintu umuntu ashobora guhura navyo akiri mu gitereko [mu nda kwa nyina], akiri umwana hamwe n'isano rishobora kuhaba hagati y'ibi bintu na kanseri ashobora kurwara akiri muto.

Mu nkuru yacishijwe ku rubuga ngurukanabumenyi rw'ikinyamakuru c'iyi kaminuza, uno mugore ashingira ku nkuru iherutse gusohoka kandi yavuzwe cane mu binyamakuru ku vyerekeye isano riri hagati y'utuvunjivunji twa plastiki hamwe na kanseri yo mu mara.

Nk'uko bivugwa n'ishirahamwe ryo muri Amerika rijejwe kurwanya kanseri, (American Cancer Society), imibereho irashobora kugira uruhara kuri kanseri, co kimwe no guhura n'ivyuka vy'ubumara, ibirere bicafuye, ibintu vy'ubumara usanga biri aho umuntu akorera canke imishwarara irekurwa n'ivyuma vyo gupima indwara.

Gukinga birashoboka?

Nk'uko bivugwa n'ikigo American Cancer Society, abantu bababa 80.000 bari hagati y'imyaka 20 gushika kuri 39 barapimwa kanseri buri mwaka muri Amerika.

Kanseri iza ubwa kane mu ndwara zihitana abantu mu bantu bari muri iyo myaka, inyuma y'amasanganya,ukwiyahura n'ukwicwa. Abagore bakiri bato ni bo bakunze guterwa na kanseri gusumba abagabo bakiri bato, ariko ino mirwi yompi ihura n'ivyago vyo guhitanwa na kanseri ku rugero rumwe.

Ibiharuro vyo mu bindi bihugu kw'isi vyerekana ibintu nk'ivyo nyene ku bijanye n'abantu barwara kanseri bari hagati y'iyo myaka.

Mu gihe hari amadidane mu bijanye n'ubuvuzi hamwe n'uko ata myanzuro nyayo irashikwako muri ubu bushakashatsi, hoba hariho uburyo bwo kwirinda kanseri canke naho bwo kugabanya ivyago vyo kwandura amakanseri amwe amwe?

Ibisata vyose vy'abahinga n'abavuzi baremeranya ku ngingo zofatwa mu ntumbero yo kugabanya ivyago vyo kwandura ubwoko bumwe bumwe bwa kanseri:

  • Kwirinda kunywa itabi canke gushikirwa n'umwotsi w'itabi ririko rinyobwa n'abandi bantu
  • Kutagira ibiro birenze, gukora imyimenyerezo ngororamubiri no gukora ibikorwa vy'inguvu
  • Gufungura neza mu kugabanya imfungurwa zihinguwe hamwe n'inyama zitukura be no gufungura intete nyinshi.
  • Kwirinda kwiyanikira ku zuba.
  • Kwirinda imibonano mpuzabitsinda itabereye kugira ngo umuntu ntahave yandura wa mugera papillomavirus be n'uwa SIDA.

Nimba hari vyinshi bivugwa ku bituma ibitigiri vy'abarwara kanseri bakiri bato biduga, ikivugwa cane ni imibereho.

Mu cigwa gikomeye co kugereranya, abaganga Shoji Ogino na Tomotaka Ogai bo kuri kaminuza ya Harvard, bakoze umwihwezo bongera bagereranya ivyavuye mu bushakashatsi biva kw'isi nzima mu ntumbero yo gufasha abaganga n'abahinga gutahura ibintu biba.

Abaganga baba bakongera bagakora muri Amerika ariko bamuka mu Buyapani, babwira ikigo c'ubushakashatsi kuri kanseri co mu Bwongereza, Cancer Research UK, ko ubudasa mu biharuro vya kanseri mu Buyapani no muri Korea y'Epfo buteje ibibazo vyinshi.

Ibi bihugu vyompi birasa mu moko y'abanyagihugu bavyo no mu butunzi, ariko ibiharuro vy'abarwaea kanseri yo mu mara ntibiduga ku rugero rumwe hagati y'Ubuyapani n'umubanyi wabo.

Ubuyapani buri mu bihugu bike bifise amikoro manini bidafungura indya nk'izikunze gufungurwa mu bihugu vy'Uburengero, cane cane inyama zitukura n'imfungurwa zihinguwe zifise ibinure vyinshi n'isukari nyinshi. Abayapani bafungura cane cane ifi, imboga, n'ibisa nazo.

Abana hafi bose b'Ubuyapani baja kw'ishure n'amaguru canke n'ikinga, aho kugenda n'imodoka, ibi bigatuma bakoresha cane inguvu z'umubiri gusumba abana bo mu bindi bihugu.

Imibereho muri Korea y'Epfo iratandukanye cane, kuko yegereye cane iyo muri Amerika n'uburengero bwa Bulaya. Ibiharuro vy'abarwarwa kanseri bakiri bato muri Korea y'Epfo biri hejuru cane.