Kanseri mu Burundi: Ingorane nyamukuru ni ukutamenya hakiri kare ko uyifise – uwayikize

Imwe mu ngorane abarwayi ba kanseri mu Burundi bafise ni uko iyi ngwara itaramenyekana cane kuri benshi, ibi bigatuma abamenye ko bayirwaye bashika kwa muganga barasinzikaye.

Bivugwa na Nyandwi Agrippine, arongoye ishirahamwe APAC (Association des Personnes Affectées par le Cancer) rihurikiyemwo abarwaye kanseri mu Burundi.

Ni mu gihe kuri uno wa 22 Nyakanga (9), ari umusi mpuzamakungu wahariwe kwitaho abarwayi ba kanseri, umusi uzwi nka World Rose Day.

Umupfasoni Agrippine yabwiye BBC ko na we nyene yarayirwaye hanyuma arayikira, ariko abanje kwivuza hanze.

Kubw'iwe, abantu bakwiye kumenya ko kanseri ari ingwara ikira “kuko na jewe nyene turiko turavugana narayirwaye ndayivuza ndakira, hari n’abandi twayirwariye rimwe n’abandi bayirwaye imbere yanje, nabo bakize”.

Hagati aho, avuga ko n’abayimenye hakiri kare bagira ingorane z’aho bivuriza mu Burundi kuko ata kigo citaho abarwayi ba kanseri.

'Benshi bamenya ko barwaye kanseri batevye'

Nyandwi Agrippine avuga ko benshi bamenya ko barwaye kanseri batevye, kuko mu ntango iza ifise ibimenyetso nk’ivy’izindi ngwara zisanzwe zimenyerewe mu gihugu.

Ati: “Bamaze gushika kwa muganga, kubera benshi batarashira mu mutwe iyi ndwara, usanga batanguye kubavura izi ngwara basanzwe bamenyereye, ugasanga amaze imisi, amezi, umwaka, ...yivuza ariko ntakire, ugasanga agiye kwiyumvira kuja ku bitaro bifise ubushobozi bwo gusuzuma kanseri yaramaze gusinzikara”.

Avuga ko we nyene ubwiwe yatanguye kubona ibimenyetso bibayabaye mu 2012, ibimenyetso vy’ukuri bija ahabona haheze imyaka ibiri muri Gitugutu (10) 2014.

Avuga ko yagiye kwa muganga muri Myandagaro (8) 2016, akaba yahejeje kwivuza muri Ruhuhuma (2) 2017.

Umupfasoni Agrippine abona ko abanyagihugu baba mu mitumba ya kure ari bo “bigora cane, aho usanga bishiramwo ibintazi, ugasanga bariko biyumvira ngo ni uburozi, bagaca birukira ba rumenyi... abandi ugasanga bafashe uduti two gupfupfahaza bagaca bibaza ngo bakize, bakaza kwiyumvira kuja kwa muganga baramaze gusinzikara, ba rumenyi baramuriye amahera”.

'Ni ingwara benshi tutaramenyera'

Avuga ko atahura abarwara kanseri ariko bagatinya ko bamenyekana kubera ari ingwara abanyagihugu batarakira.

Ati: “Nk’uyo jewe ndamutahura kuko mu bisanzwe ni indwara itinyitse kandi igoye kubera nyene Abarundi benshi tutarayimenyera, abarundi benshi bakabona ko uwurwaye kanseri ari urupfu ubwo nyene.

“Mu kibano ntibamunena ariko usanga baguma bamutunga urutoke bavuga ngo urya, nta misi asigaje, ugaca usanga hari n’abo batirukira ngo babaronderere uburyo bwo kwivuza kuko baba babona ko ari ugusesagura, babona ko ata kizovamwo, ugaca usanga rero umuntu asinzikariye muhira”.

Ku bwiwe, iyo umuntu agiye kuyivuza yatevye, bisaba uburyo bwinshi, imiti myinshi mbere imwe igategerezwa kuva hanze, canke n’ubuhinga buzwi nka radiotherapie, iyo “nayo tukaba tutarayironka mu Burundi”.

Avuga ko, n’aho baba abaganga canke abanyagihugu muri rusangi baratayimenyera, ubu biriko biraza bukebuke, kuko “hari igihe umuntu agenda ku bitaro ubwo nyene umuganga agaca yumva ko akwiye kumutuma ibipimo vya kanseri”.

Eka aranashima intambwe reta iriko iratera mu bijanye n’ukuvura ino ngwara agereranije n’igihe ibintu vyari bimeze igihe ayirwara.

Ati: “Nka jewe nkirwara nta bitaro na bimwe vyashobora kuvura ingwara ya kanseri, uretse ko washobora kuronka nk’umuganga nk’umwe akaba ari we agufasha.

“Ubu hariho ama-chimotherapie [ukuvura kanseri hakoreshejwe imiti yica uturemangingo twa kanseri mu mubiri] ashobora kuboneka, n’ubwo hari amakanseri y’ubwoko bwinshi bigatuma uburyo butegerezwa kuronderwa hanze”.

Kanseri y’ibere niyo igisibije gusumba

Mu gihe hari ubwoko bwinshi bwa kanseri, ishirahamwe arongoye rirwiriyemwo abagore barwaye “kanseri y’ibere na kanseri y’igitereko, hakaba kandi n’abagabo barwaye kanseri ya prostate, kanseri yo mu muhogo hamwe no mu kibuno [rectum]”.

Arashima kubona reta yarashizeho igisata kijejwe indwara zidakira, muri ki gisata harimwo igisata kijejwe ingwara ya kanseri, hamwe no gushiraho umurwi ujejwe kwitaho ibibazo vy’abarwayi ba kanseri, ari intambwe ikomeye mu gushigikira abafashwe n’ino ngwara.

BBC yagerageje kurondera mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza SIDA ibiharuro bigezweho vy’abarwaye kanseri ariko ntavyo iraronka. Hagati aho, buremeza ko iri mu ndwara ziteye isibe mu gihugu.

Mu kwezi kwa kabiri kw’umwaka uheze, Dr Sylvie Nzeyimana arongoye ubu bushikiranganji, afatiye ku biharuro vyo mu 2020, yavuze ko vyerekana ko abantu abarenga 7900 bagendana kanseri, muri bo hafi 20% bari bafise kanseri y’ibere, 9.5% nabo kanseri ya prostate, 6% nabo bafise kanseri y’urukoba (sarcome de Kaposi), 5.2% nabo kanseri zo mu muhogo, ibice vyababa 49% nabo bakaba bari bafise kanseri zo mu bundi bwoko .

Umushikiranganji Nzeyimana yavuze ko ingorane zihari mu gikorwa co kurwanya ino ngwara harimwo ko abanyagihugu badafise inyigisho zihagije, uburyo budakwiye bwo gukinga no gupima kanseri hakiri kare, hamwe n’uko itamenyekana hakiri kare kugira ngo ivurwe hatararengerana.