Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
'Kanseri y'imihogo yantwaye ijwi, intwara n'urugo' – Fordwor
- Umwanditsi, Komla Adom
- Igikorwa, Journalist
- Yakoze inkuru ari, BBC News, Accra
Inyuma y'igipimo ca kanseri ico arico cose, haba hari inkuru y'umuntu -y'umubabaro abayemwo, y'ukwikomeza, y'urukundo, y'ivyizigiro.
Mu gihe abaharurwa muri za miliyoni bahanganye n'iyi ndwara, icivugo catowe uyu mwaka ku musi wahariwe kurwanya cancer(04/02/2025) cavuga giti:'United by Unique' (umuntu yongereranya ko bivuga ko, 'n'ubwo bahuriye kuri ubwo burwanyi bwa kanseri, umwe wese aba afise umwihariko w'ubuzima bwiwe')
Iki civugo rero kivuga ku mibabaro abarwayi ba kanseri n'abayikize bacamwo bidakunze kuvugirwa ahagaragara, bimwe mbere ntivyigere bimenyekana.
Umwe muri bo ni Mary Amankwah Fordwor, umukozi mukuru wo mu gice c'abakirizi mu bitaro vy'ishingero Katolika vya St. Anthony muri Ghana yatowe kanseri yo mu mihogo muri 2021.
Uyu muvyeyi w'abana babiri yabwiye BBC ati "Nabonye nfise ubuvyimbe mu mihogo ariko sinababara, bwanka gukira".
Abaganga baciye bemeza ko uko 'kuvyimba gusanzwe', yariko arivuza akoresheje imiti yo mu bwoko bwa antibiotics mu bisanzwe yari, kanseri.
Mu nyuma yabazwe incuro 14, zimwe mbere zimutera inkurikizi, amaherezo, imirya y'imihogo y'ijwi ryiwe ikurwaho.
Ubu rero ahari iyo mirya hashizwe urugingo rw'uruterano (prostetic), kandi ntashobora gufungura nk'uko yahoze kera.
Yasuzumwe gatoya inyuma yo kuduzwa mu kazi ahabwa umwanya wo hejuru, mu gisata c'abakirizi mu bitaro yakoramwo.
Vyaramuhungabanirije ubuzima, atari mu bijanye n'akazi gusa ahubwo no mu marangamutima yiwe, ndetse no mu zindi nzira nyinshi atari yigeze yibaza, harimwo gutandukana n'uwo bari bamaranye imyaka 12 bubakanye.
Buri mwaka, abantu baharugwa muri miriyoni 1.1 bafise uburwayi bwa kanseri nibo basuzumwa muri Afrika, muri bo abagera ku 700,000 ikabahitana, nk'uko ibiharuro bitangwa n'ishami ry'ishirahamwe mpuzamakungu OMS/ WHO ribivuga.
Ibitigiri ku rwego mpuzamakungu biri hejuru y'aho, ihitana abarenga miliyoni 10 buri mwaka, n'ubwo isi ikomeza guhangana n'iyo ngwara, n'ubu ikiri amayobera ku buvuzi.
Yabwiye BBC ati: "Mu gihe nahabwa ubufasha bwo kuvurwa hakoreshejwe chemo (imiti) na radiation (imishwarara) therapy, nabonye abantu bacikana, nca nshiraho umugwi w'ihuriro ku rubuga-hwaniro whatsApp rwatanguye kuduhuza turi abantu 12, nkoresha inkuru z'ubuzima nabayemwo kugirango ndabatere intege ndababwira ko hariho ubuzima inyuma ya kanseri yo mu mihogo.
Mary aracakomeza ubuvugizi bwiwe, mu nzira yo kwerekana ibibazo bitandukanye bijana niyo ngwara ya kanseri, akabikora aciye kumbuga za Tiktok, Instagram na YouTube.
Avuga ko iyo agendeye amashure, amashengero, n'ayandi mashirahamwe, ashira imbere kwigisha abantu kwiyakira.
Abaganga barananiwe gutora icoba carateye iyi ngwara ya kanseri ya Mary.
Ariko nk'uko ibiharuro vya OMS/ WHO bivyerekana, ibice 90% vy'abantu, bigaragaza ko umubiri ushobora kurwanya ubwandu bwawuteye, kandi umugera wandukira wisubiriza uzwi kw'izina rya human papillomavirus (HPV) ufise imero nyinshi zishobora kubangamira umubiri (high-risk HPV types) ariwo utera kanseri zo ku gitsina (vulva), indani mu gitsina (vagina), mu kanwa canke mu mihogo, ku gitsina-gabo ndetse no mu kibuno.
Muri 2019, HPV yateje abagore 620,000 n'abagabo 70,000 ingwara ya kanseri kw'isi yose.
Ubiharuro vy'ikigo ca OMS kijejwe kugenzura kanseri muri Ghana vyo mu 2022, vyerekanye ko kanseri yo mu mihogo, iza mu mwanya wa 17 mu mero za kanseri zigera ku 32 zikunda kuboneka, aho muri uwo mwaka abayitowe bagera kuri 227, nayo ibiharuro vyashizwe hamwe vy'abari bafise iyo ngwara kuva mu myaka itanu vyari bigeze kuri 626.
Muri Afrika, ico kigo caharuye abarwayi ba kanseri yo mu mihogo 10,665 mu 2022, nayo ibiharuro vy'imyaka itanu vyari bigeze kuri 28,077.
Muganga Ama Boatemaa Prah, akora mu gice ca Otolaryngology [(gisata c'ubuhinga bwo kubaga (surgery), kirimwo abanonosoye ubuhinga bwo kubaga no kuvura ibice vyo mw'izosi no mu mutwe] wo ku bitaro vya kaminuza y'ubuganga ya Korlebu muri Ghana, avuga ko "abantu batazi ibimenyetso vy'iyo ngwara – iyo ibonetetse hakiri kare, turashobora kugira ico dukoze. "
Ibimenyetso vya mbere birimwo gusarara giturumbuka, guhema nabi no kugira ibicurane bidahera.
Agira ati "Twahora tubona za kanseri zo mu mihogo mu bantu bashaje, ariko ubu turayibona no mu bakiri bato bari nko mu myaka 40 canke munsi yayo".
N'ubwo Mary yagize amahirwe yo kuvurwa kandi akaba akiri muzima, abaganga bavuga ko hakiri kare cane kuvuga ko ata kanseri ikiri mu mibiri wiwe.
Agira ati " Kanseri y'imihogo ntiyantwaye ijwi ryanje ryiza gusa, ahubwo yantwaye n' ubuzima bw'urugo bw'imyaka 12 nari maze nubatse."
Uyu ni umwe mu bakenyezi batabwa n'abagabo mu gihe bagihanganye na kanseri, nk'uko vyabonetse mu 2014, mu bushakashatsi bwakozwe na kaminuza ya Michigan.
Bwerekana ko ibice 31% vy'ababubatse, iyo bagize ibihe vyo guhangana n'ingwara, birangira batandukanye, aho usanga kenshi abagabo aribo baheba abagore bagwaye.
Ubundi bushakashatsi bw'ikigo ca Fred Hutchinson mu 2009, bushira urugero rwo gutandukana kw'abubatse mu gihe umugore arwaye kuri 20.8%, nayo iyo ari umugabo agwaye kanseri, urwo rugero rubarizwa muri 2.9%.
Abahinga mu magara y'abantu muri Ghana, bavuga ko ivyo bitera birwira, n'ubwo ata biharuro vyaho bizwi neza.
Mary ntahengeshanya kwiyibutsa ko yafashe ingingo nziza mu guhitamwo ubuzima aho kuguma yidadira ku rugo.
N'ubundi, afise umuryango ugizwe n'abavyeyi biwe n'abana biwe babiri b'imyaka 11 na 8- bamubaye hafi, n'ubwo batari bazi ivyo umuvyeyi wabo ariko aracamwo.
Umukobwa wiwe Emmanuella w'imyaka umunani avuga ati "Mama yaratubwiye ko afise ingwara ya kanseri, igihe twaja kumusuhuza ahejeje kubagwa, naratinya ko ashobora gupfa. Ariko ubu ari kumwe natwe, kandi turanezerewe.
Dr Prah, avuga ko Mary ari nk'icitegererezo ku bandi, kandi yama anezerewe. Uyu muganga agira ati: Twifuza ko abarwayi bacu bamurabirako akarorero bakagira icizere co gutsinda kanseri".
Icivugo c'uyu mwaka, 'United by unique' gitanguriye imyaka itatu yo kuraba mu nzira zitandukanye zishingiye abarwayi ba kanseri nk'abantu (umwe wese mu mwihariko wiwe) aho gushingira ku ngwara yabo gusa mu kubafasha muri urwo rugendo rwo guhangana na kanseri, no kuraba ingene hoboneka inzira nshasha zoborohereza muri urwo rugendo; bihereye ku gukangura abantu bakamenya ivy'iyo ngwara, hamwe rero no kugira ico bakoze.