DRC- M23: Bujumbura na Luanda bararondera icohagarika intambara

Abarwanyi ba M23 baje mu biganiro i Kibumba mu mwaka uheze

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abarwanyi ba M23 baje mu biganiro i Kibumba mu mwaka uheze

Umurwi w’akarere ujejwe guhagarikira ishirwa mu ngiro ry’ingingo zo guhagarika intambara mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo ushimangira ko ari nkenererwa ko ingabo z’akarere zirungikwa muri ico gihugu hanyuma umuhari M23 urwanya reta nawo ukava mu turere wigaruriye.

Biri mu cegeranyo c’inama y’uwo murwi yabereye i Bujumbura ku wa kane itariki 02 Ntwarante (3) irongowe na Perezida Evariste Ndayishimiye w’Uburundi, ari na we arongoye Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko.

Uyu murwi wiyemeje gushinga urwego rujejwe guhagarikira ishirwa mu ngiro ry’imyanzuro yafatiwe mu nama y’abakuru b’igihugu vy’akarere.

Ni mu gihe intumwa z’umuhari M23 ziri mu gihugu ca Angola kuva ku wa gatatu aho zagiye kubonana n’umukuru w’ico gihugu João Lourenço ku bijanye n’ingene bohagarika intambara.

Urwo rwego ruzoba ugizwe n’Ibiro bihuriweko, aho ababigize bazotegerezwa kubonana, mu kiringo c’indwi imwe, n’impande zirwana hamwe n’abaserukira reta ya Congo, mu ntumbero yo gushira mu ngiro amasezerano yo guhagarika intambara, hanyuma M23 ikava mu turere yigaruriye.

Ibi biro bitegerezwa gushiraho integuro n’urupapuro rw’inzira rw’ingene ishirwa mu ngiro ry’amasezerano yo guhagarika intambara n’ingene abarwanyi ba M23 bazova mu turere bigaruriye.

Hari amanama atari make amaze kuba ahuza abakuru b’ibihugu vy’akarere, uhereye ku yabaye ku wa 23 Munyonyo (11) 2022 i Luanda muri Angola, ikurikirwa n’iyindi yabaye ku wa 12 Kigarama (12) 2022 i Washington muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, iyi ikaba yakurikiwe n’iyindi nama idasanzwe yabereye i Bujumbura mu Burundi ku wa 02 Ruhuhuma (2). Iya nyuma ikaba ari iyiheruka kubera i Addis-Abeba muri Ethiopia yahuje abakuru b’ibihugu vy’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko. Izi zose zagiye zifata imyanzuro kuri ino ntambara ariko gushika ubu bikaboneka ko ata kirahinduka ku rubuga rw’intambara.

Ni mu gihe bivugwa ko intumwa z’umuhari M23 ziri i Luanda kubonana n’abategetsi ba Angola. Inama y’abakuru b’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’Ubuseruko yabereye i Addis Abeba yasavye Angola gushikira umuhari M23 kugira iwusigurire umugambi wo guhagarika intambara hamwe no kwegeraniriza hamwe abarwanyi bayo.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Avugana n’iradiyo y’abarafansa, RFI, Perezida João Lourenço yabajijwe igituma intambara zidahagarara mu buseruko bwa Congo, n’aho hari ivyemezo biherutse gufatirwa mu nama y’abakuru b’ibihugu we nyene yari arongoye, akaba yishuye ko vyoroshe gutangura intambara, ariko bigoye kumenya ingene irangira.

Yabwiye FRI ati: “Iyo intambara itanguye iza uko nyene, urusoro rwa mbere ruvuze, iba itanguye. Iyo tuvuze guhagarika intambara ni ibintu bitoroshe, bisaba umwanya. Kwoba ari ukwihenda kwibaza ko vyoroshe, ko ushobora kurangiza intambara ku musi umwe.

“Shaka urabe ibiriko bibera muri Ukraine , intambara imaze umwaka urenga, nta muntu n’umwe ashobora kukubwira igihe iyi ntambara izorangirira n’aho ibishoboka vyose vyoba biriko birakorwa kugira ngo irangire nta muntu n’umwe afise inyishu yo Kwizera kuri iki kibazo.

“Ku vyerekeye hano muri RDC, ni nka co kimwe, ntiduhave twihenda ngo twibaze ko ku musi umwe gusa ishobora guhagarara, vyoba ari vyiza, ariko rero ukuri kuratandukanye”.

Perezida Laurenco yabwiye iyi radiyo ko abategetsi ba Angola batanguye kuvugana n’abarongoye M23 kuva ku wa 28 Ruhuhuma (2), ariko ko atakiravamwo.