DRC - Rwanda: Tshisekedi yagiriza u Rwanda gushaka kwigarurira Kivu ya ruguru

Ahavuye isanamu, Getty Images
Prezida Felix Tshisekedi wa Republika ya Demokrasi ya Congo mu majambo akaze yagirije u Rwanda kugira umugambi wo kwigarura intara ya Kivu ya ruguru mu buseruko bw'igihugu, ikoresheje umutwe wa M23.
Bwana Tshisekedi yavuze kandi ko u Rwanda rwitwaza ko hari abanye-Congo bo mu bwoko bw'abatutsi batotezwa hamwe n'uko FDLR yoba ikorana n'igisirikare ca Congo, mu kwinjira ku butaka bw'ico gihugu gukora amabi.
Reta y'u Rwanda yamye ihakana gufata mu mugongo umugwi wa M23, ikavuga ko ikibazo ca Congo gifise imizi muri Congo nyene.
Ivyo uwo mukuru w'igihugu ca Congo yabivugiye mw'ijambo yashikirije imbere y'inama y'umugwi wa ONU ujejwe ivy'agateka ka zina muntu mu muji wa Geneve mu Busuwisi ejo kuwa mbere.
Yavuze ko ubuseruko bw'igihugu ciwe bwatanguye guhura n'ibibazo vy'umutekano hamwe n'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu kuva aho habereye jenoside mu Rwanda mu 1994.
Kuva ico gihe ngo muri ico gice ca Congo hagiye haravuka imirwi itandukanye yitwaje ibirwanisho, myinshi muri iyo ifise intumbero yo gusahura umutungo wa Congo ifashijwe na bimwe mu bigo vyo mu makungu hamwe n'ibihugu bibanye.
Yavuze ko muri iyo myaka ishika 30 iheze Congo yabaye rurangiranwa mu guhonyanga agateka k'abagore mu kubahohotera vy'ikirenga, hamwe n'akabana mu kubinjiza mu migwi itandukanye yitwaje ibirwanisho.
Yavuze ko kuva yaza ku butegetsi yagiye aragerageza gukemura ibibazo bijanye n'agateka ka zina muntu, nko kwugara amabohero yose yapfungirwamwo abantu mu buryo buteye kubiri n'amategeko.
Sentare mpanavyaha yihariye kuri RDC
Prezida Tshisekedi yasavye ko hoshingwa sentare mpanavyaha yihariye ku gihugu ca Republika ya Demokrasi ya Congo, igakurikirana abagirizwa ivyaha 617 vyatohojwe na ONU mu ciswe "Mapping Report".
Iryo tohoza rya ONU ryasanze ivyaha vyakorewe mu buseruko bwa Congo bishobora gufatwa nka jenoside mu gihe vyoshirwa imbere ya sentare.
Bwana Tshisekedi kandi yerekanye impungenge z'uko mu gihe hitezwe amatora muri Congo mu mpera z'umwaka uza, ayo matora ashobora guhungabana mu buseruko bw'igihugu kubera ikibazo c'umuteno kiharangwa.
Yavuze rero ko ari ngombwa ko hubahirizwa amasezerano ya Nairobi na Luanda, imigwi yose yitwaje ibirwanisho ikabishira hasi mu maguru masha.
Ntiwovuga agateka ka muntu mu ntambara
Mu gusozera ijambo ryiwe, Bwana Tshisekedi yagarutse cane ku gihugu c'u Rwanda aguma yagiriza kuba inyuma y'umutekano muke n'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu birangwa mu buseruko.
Yavuze ko u Rwanda rwitwaza yuko hari intwazangabo za Congo zikorana n'abagaba ba FDLR, hamwe n'uko ngo abanye-Congo b'abatutsi bageramiwe, mu gushoza intambara muri Kivu ya ruguru.
Ku kuba u Rwanda ruhakana gufata mu mugongo M23, yasavye abari mu nama gusoma icegeranyo c'abahinga ba ONU casohotse mu kwezi kw'icenda 2022, aho cemeza ko hari ingabo z'u Rwanda ku butaka bwa Congo.
Yavuze ko mu gihe utwigoro two kugarukana amahoro twariko turashimangirwa mu gutegura amanama n'imigwi yose yitwaje ibirwanisho, u Rwanda ngo "rwazuye umugwi wa M23" mu bisanzwe wari waratsinzwe mu 2013, usubira gusongera isibe muri Kivu ya ruguru.
Kuri ico kibazo c'abatutsi b'abanye-Congo boba batotezwa, Bwana Tshisekedi yasavye ko haba inama y'inyabutato hagati ya Congo, u Rwanda na HCR, bakarabira hamwe iyo bizanana, abahunze nabo bagatahukanwa.
Yanahamagariye abanye-Congo bakoresha imvugo y'urwando kuri benewabo kubihagarika, avuga ko ababikora bagiye guhagurukirwa.
Asa nk'uwubwira ibihugu vy'amakungu, Bwana Tshisekedi yavuze ko "udashobora kuvuga ko ukingira agateka ka zina muntu, ukarenza uruho rw'amaso ku gusotorana u Rwanda rugirira Congo mu buseruko".
Umubano w'u Rwanda na Congo muri iki gihe ugeze aho umwansi ashaka, mu gihe amajambo avugwa n'abakuru b'ibihugu vyombi yerekana ko bishoboka cane ko ivyo bihugu bikozanyako.













