Ubutumwa ni bumwe kuri Tshisekedi na Kagame -Blinken

Antony Blinken na Paul Kagame

Ahavuye isanamu, Antony Blinken

Insiguro y'isanamu, Antony Blinken yabonanye na prezida Paul Kagame

Umushikiranganji wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ajejwe imigenderanire avuga ko, mu rugendo yakoze mu Rwanda no muri Repuburika ya Demokrasi ya Congo, yahaye ubutumwa bumwe abategetsi b'ivyo bihugu vompi.

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru mu kurangiza urugendo rwiwe mu Rwanda, ari kumwe n'umuhsikiranganji w'ico gihugu ajejwe imigenderanire, Vincent Biruta, Antony Blinken yavuze ko abategetsi b'ibihugu vyompi yababwiye ko "gushigikira canke gukorana n'umugwi witwaje ibigwanisho uwariwo wose mu buseruko bwa Congo bishira mu akaga abahaba n'amaragamo y'akarere".

Yavuze ko buri gihugu gitegerezwa kwubahiriza ubutavogerwa bw'ikindi gihugu.

Blinken yabonanye n'umukuru w'Urwanda, Paul Kagame, yamenyesheje ko bavuganye ku cegeranyo 'co kwizera' kivuga ko Urwanda rushigikiye umugwi M23 ugwaniriza reta ya Congo mu buseruko bw'ico gihugu hamwe n'uko Urwanda rufise ingabo muri ako karere.

Ivyo ni navyo Congo yagiriza Urwanda.

Blinken yavuze iki kandi?

Ariko kandi uwo mutegetsi wo muri reta ya Amerika yavuze kandi ko yumva impungene z'Urwanda ku bibazo vy'umutekano warwo harimwo n'uko ingabo za Congo n'iza ONU zikorana n'umugwi FDLR.

Ati "Turazi kandi ko Urwanda rutewe impungene mu buryo bwumvikana n'amajambo y'urwanko atota abavuga ikinyarwanda muri Congo".

Blinken yavuze ko Amerika izokomeza kwiyamiriza bene ayo majambo kandi ko yateye intege reta ya prezida Tshisekedi nayo kubikora.

Yavuze ko ico akuye muri urwo rugendo ari uko abakuru b'ibihugu vyompi biyemeje kubandanya bavugana kuri ivyo bibazo, anashima utwirogoro tw'abategetsi ba Angola na Kenya mu gufasha gutora inyishu y'ikibazo ca Congo kimaze guhitana abantu barenga "miriyoni zitanu abandi benshi kurusha bagateshwa izabo".

Paul Rusesabagina yavuzweko iki?

Antony Blinken yavuze kandi ko mu biganiro na prezida Kagame harimwo n'ikibazo ca Paul Rusesabagina.

Blinken yavuze ko yashikirije impungene za Amerika z'uko hatakozwe ibikenewe vyose kugira Rusesabagina acirirwe urubanza rutagira akanenge.

Rusesabagina yaba muri Amerika mu buryo bwemwe n'amategeko mu 2020 yisanze ageze mu Rwanda mu buryo yavuze ko kwabaye ukumuyuruza.

Rusesabagina azwi cane muri film Hotel Rwanda ku ruhara yagize mu gukiza abatutsi muri jenocide yo mu 1994 mu mwaka uheze yaciriwe gupfungwa imyaka 25 yagirizwa ivyaha vy'iterabwoba.

Umushikiranganji w'Urwanda ajejwe imigenderanire Vincent Biruta yavuze ko Rusesabagina yaciriwe urubanza "hisunzwe amateko y'urwanda na mpuzamakungu" kandi ko asaba abo bafashanya kwubahiriza ubucamanza n'inzego z'Urwanda.

Kuri ico kibazo, Antony Blinken yavuze ko ata vyinshi avuga ku co bakivuganyeko n'umukuru w'Urwanda ariko ko Amerika izobandanya kugikurikirana.