‘Ntituzigera twihanganira na gato uwuzovogera Urwanda’ – umuvugizi wa Reta

RDF yagiriza ica Congo ko gikorana na FDLR mu guhungabanya u Rwanda

Ahavuye isanamu, RWANDA PRESIDENCY

Insiguro y'isanamu, RDF yagiriza ica Congo ko gikorana na FDLR mu guhungabanya u Rwanda

Reta y’Urwanda ivuga ko idashobora kwihanganira ko ibibazo vy’umutekano w’ubutaka bwarwo bifatwa minenerwe bikarenzwako uruho rw’amazi.

Biri mw’itangazo ryaraye risohowe n’ibiro vy’umuvugizi wa reta y’iki gihugu, aho ishima imyanzuro y’amanama aheruka yahuje abategetsi b’akarere ku kibazo c’umutekano muke urangwa mu buserruko bwa Congo, hari inyuma y’ikoraniro ry’abategetsi b’ibihugu bigize Ubumwe bwa Afrika i Addis-Abeba.

Mw’iri tangazo, irashima umwitwarariko w’amakungu ku mugambi w’amahoro urongowe n’akarere, ariko ikagaya ingene aya makungu ananirwa no gutorera umuti ikibazo c’inyeshamba z’Urwanda za FDLR ivuga ko ari “ikibazo gikomeye kidategerezwa kwiyobagizwa”.

Akarere k’Ubuseruko bwa Repubulika ya Demokrasi ya Congo kamaze imyaka n’iyindi karangwamwo intambara zidahera.

Congo n’Urwanda biguma vyitana ba mwana, aho reta ya Congo ibandanya yagiriza Urwanda ko rufashe mu mugongo, haba mu buryo canke mu kuyiha abarwanyi, umuhari M23, ivyo uyu muhari hamwe na Reta y’Urwanda bamye kandi babandanya biyamiriza. Urwanda na rwo rukagiriza Congo ko ifashe mu mugongo inyeshamba z’umuhari wa FDLR urwanya Urwanda, ivyo Congo na yo nyene yamirira kure.

Reta ya Repubulika ya Demokarasi ya Congo ntaco irashikiriza ku bivugwa n’Urwanda muri rino tangazo.

Mw’iri tangazo, reta y’Urwanda irashima ibiherutse gushikirizwa na Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku myanzuro y’amanama atandukanye y’abategetsi b’akarere, ku bijanye n’imvugo y’urwanko, indyane z’amoko, guhungura impunzi no kwaka ibigwanisho hamwe no gusubiza mu gihugu inyeshamba za FDLR.

Hagati aho, yagiriza iki gihugu ko “gisa n’ikitamenya aho ibintu bigeze ku bijanye n’utwigoro tw’akarere”, kandi ko “gishobora kudupfisha ubusa mu kubandanya gishigikira ibinyoma vya reta ya RDC iguma yagiriza Urwanda ko ari rwo ruteje iyi ntambara” mu buseruko bwa kino gihugu gitunze ubutare bwinshi.

Amerika yasubiye gusaba Urwanda guhagarika gufasha M23

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mw’itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika ku wa 22 Ruhuhuma (2), reta y’iki gihugu yasubiye gutera akamo “reta y’Urwanda guhagarika imfashanyo iha M23, igakura ingabo zayo ku butaka bwa DR Congo kugira ngo vyorohe gushira mu ngiro imyanzuro yafatiwe mu manama y’abategetsi b’akarere nk’uko biri mu kirangamisi cemejwe mu nama yo ku wa 17 Ruhuhuma yahuje abategetsi b’Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko”.

Reta y’Urwanda ivuga ko “kubona amakungu ananirwa no kwiyamiriza reta ya Congo ibandanya ikingira ikibaba FDLR, bitera intege iki gihugu kubandanya giha ibirwanisho kinifatanya n’uyu muhari w’ihonyabwoko... ujabuka ugakora ibitero mu Rwanda”.

Iti: “Iki ni ikibazo gikomeye ku mutekano w’Urwanda. Aba FDLR si ikibazo gito kandi intumbero y’uku gukorana n’igisirikare ca Congo ni ugutera Urwanda”.

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru The East African co muri Kenya mu ndwi iheze, Perezida Paul Kagame w’Urwanda yavuze ko Reta ya Congo “yarenze umurongo utukura” mu guha uburyo inyeshamba zirwanya Urwanda zicumbikiwe muri ico gihugu “gutera igihugu zikica inzirakarengane”.

Mu gusigura ko ibitero nk’ibi bizotuma Kigali yishura ubwo nyene, yabwiye The East African ati: “Turubaha ubusugire bwa Congo, ariko na twebwe nyene dufise ubusugire dutegerezwa gukingira. Aha nta ruhusha dukeneye gusaba”.

Reta y’Urwanda yagiriza Congo ko iriko ituma ibintu vyunyuka mu guhitamwo inzira y’intambara yirengagije imyanzuro yafatiwe mu manama y’abategetsi b’akarere.

Urwanda ruvuga ko rwakomeje ingamba zo gukingira igihugu kubera ibibazo vy’umutekano “mu ntumbero yo gukingira ivogerwa ry’ikirere n’ubutaka bwaco”.

Iri tangazo rivuga riti: “Izi ngamba zama ziteguye gushirwa mu ngiro mu kwishura igitero ico ari co cose cova hanze (...) dufatiye ku buremere bwaco, iyo coba kivuye n’ubwoko bwaco”.

“Ntituzokwigera twihanganira na gato ivogerwa iryo ari ryo ryose ry’Urwanda ryokorwa n’umurwi uwo ari wo wose witwaje ibirwanisho, kandi umutekano w’ubutaka bwacu n’uw’abanyagihugu uzokingirwa”.

BBC iracagerageza kurondera abategetsi ba Congo kugira ngo bagire ico bashikirije kuri iri tangazo rinenga iki gihugu ryaraye risohowe na Reta y’Urwanda.