DRC Congo: 'Hagarika ikinamico' ryo kugarukana amahoro -Société civile

Col John Imani Nzenze

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Col John Imani Nzenze wa M23 (yambaye inkofero itukura) hamwe n'abamucungera umunsi bashikiriza ingabo za EAC ikigo ca gisirikare ca Rumangabo

Amashirahamwe adaharanira poritike muri Kivu zompi (ya ruguru n’iyepfo) mu buseruko bwa Repuburika ya Demokrasi ya Congo avuga ko yahaye umunsi ntarengwa ingabo z’igihugu n’iz’akarere kugira zivane umugwi witwaje ibigwanisho M23 mu turere yigaruriye muri teritware za Rutshuru na Nyiragongo.

Mw’itangazo basohoye kuri uyu wa kane, abahagarariye ayo mashirahamwe batanze itariki ntarengwa ya 15 uku kwezi kwa mbere mu 2023 – n’ukuvuga ku wa mungu.

Ivyo bitabaye, nk'uko itangazo ribivuga, bazoca ''bahamagarira abanyagihugu gutera imigumuko ... kuri abo bose badashaka gutora inyishu y'intambara imaze imyaka irenga 20''.

Mu masezerano y’inama y’abakuru b’ibihugu y’i Luanda yo mu kwezi kwa cumi na rimwe 2022 ku kibazo c’amahoro muri Congo, iyo tariki niyo yari yashinzwe ko ingabo za M23 zoba zarangije kuva mu turere twose yigaruriye kuva intambara isubiye kwaduka mu mpera z’umwaka wa 2021.

M23 imaze gusubiza Kibumba n’ikambi ya Rumangabo kandi ‘’gahunda yo kwubahiriza itangazo rya Luanda irakomeza’, nk’uko vyemezwa n’ingabo z’ishirahamwe ry’akarere k’ubuseruko, East African Community Regional Forces (EACRF).

Ariko ayo mashirahamwe yo yemeza ko haba gusa ‘’ibirori vy'ikinamico vyo guha amaso’’ hagati y’ingabo za reta n’iz’akarere vyo kuva [kwa M23] no gusubiza ivyo bibanza, ariko mu vy’ukuri atagihindutse ku rubuga.

Co kimwe naa reta ya Congo, ayo mashirahamwe aguma agaruka ku Rwanda arwagiriza uruhara muri iyo ntambara rwihishihije inyuma ya M23, ivyo Urwanda rudasiba guhakana.

Gusubiza uturere bigenda neza, amabi avugwa ntayo tuzi -EACRF

Mw’itangazo ryabo, abayaserukira Igr John Banyenye na Adrien Zawadi, badondagura ibibanza vyinshi bemeza ko M23 ikirangwamwo kandi vyitwa ko yahavuye.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Bavuga kandi ko abagwanyi b’uwo mugwi babandanya gukorera amahano abanyagihugu mu kubabuza kuja mu mirima yabo no kubakubita, gushika aho bamwe bapfa, iyo babasanzeyo.

Ingabo z’akarere , EACRF, zo zemeza ko gushika ubu isubizwa ry’aho M23 yari yarigaruriye ririko riragenda neza.

Mu butumwa bwanditse, EACRF yabwiye BBC ko ‘’ mu kwubahiriza ishirwa mu ngiro ry’itangazo rya Luanda, ukuva kwa M23 [kw’aho yari yarigaruriye] kuba mu buryo butunganijwe, ku murongo kandi mu rutonde bimeze neza’’.

Ku mabi amashirahamwe adaharanira poritike avuga ko M23 ibandanya gukorera abanyagihugu mu turere yitwa ko yavuyemwo, EACRF ivuga ko gushika ubu ‘’ata mabi iramenyeshwa muri Kibumba na Rumangabo hari mu minwe y’ingabo za EACRF.’’

EACRF ivuga kandi ko intambara yo mu buseruko bwa Congo imaze imyaka irenga 20 kandi ko ‘’ntawurusha kubimenya abanyagihugu n’mashirahamwe adaharanira inyungu za poritike’’

‘’Intambara yo mu buseruko bwa Congo irimwo inzitane nyinshi zikeneye gutorerwa inyishu hakoreshwejwe inzira nyinshi mu ntumbero y’impera n’imperuka yo gushika ku mahoro’’.