Ivyo Kagame yavuze kuri M23, impunzi za DR Congo, n’umuzi w’ikibazo

Prezida Kagame yagiriza Congo gutoteza abantu bifatiye ku bwoko

Ahavuye isanamu, RWANDA PRESIDENCY

Insiguro y'isanamu, Prezida Kagame yagiriza Congo gutoteza abantu bifatiye ku bwoko

Perezida Paul Kagame w'Urwanda avuga ko igihugu ciwe kitazobandanya cakira impunzi zihunga Republika ya Demokrasi ya Congo kubera ubwoko.

Haraheze iminsi havugwa amakuru y'impunzi z'abanye-Congo bahungira mu Rwanda imirwano iri hagati y'igisirikare ca leta ya Congo n'umugwi w'abarwanyi wa M23.

BBC iramaze kuvugana n'abaserukiye abatutsi b'abanye-Congo muri Kivu ya ruguru, bavuga yuko batotezwa kubera uko basa iyo bageze kuri za bariyeri.

Ariko ivyo vyariyamirijwe n'abajejwe intwaro muri Congo, ahubwo bavuga ko bivugwa n'abashigikiye u Rwanda kugira baruhe impamvu yo kwinjira muri Congo.

Ejo ku wa mbere, Perezida Kagame yari aramutse arahiza mu mabanga umukuru mushasha w'inama nkenguzamateka canke senat; mw'ijambo yashikirije akaba yavuze ko adashobora kwihanganira iki kibazo kiremereye gusa u Rwanda.

Yongeyeko yuko igihugu ciwe kitazokwemera ko abantu babandanya gutotezwa bahorwa ubwoko hakurya muri Congo.

BBC iracagerageza kurondera Reta ya Congo kugira igire ico ivuze kuri ibi birego.

Imigenderanire hagati y'u Rwanda na Congo yatosekaye hagati y'umwaka uheze, nyuma yaho umugwi M23 usubiriye kugaba ibitero, leta ya Congo ikawagiriza gushigikirwa n'u Rwanda, ivyo rwo rwamye ruhakana.

U Rwanda ahubwo rwagiriza DR-Congo gukorana n'umugwi wa FDLR hamwe n'iyindi migwi y'abarwanyi ya Mai Mai.

M23 ubu iramaze gusubiza bimwe mu bice yari imaze kwigarurira ibishira mu minwe y'inteko z'umuryango w'ubuseruko bwa Afrika.

Uwo mugwi uvuga ko ukirindiriye ko leta ya Congo ishira mu ngiro amasezerano bagiranye yo gutahukana impunzi no gushira abarwanyi bawo mu nteko z'umutekano za Congo hamwe n'ibindi.

Ni ibiki Kagame yavuze?

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ijambo yashikirije abari bitavye ibirori vyo kurahiza umukuru w’inama nshingamateka mushasha yarivuganye umujinya, nk’uko we nyene yavyivugiye.

Yavuze ko igihugu c’Urwanda camye cakira impunzi ziva ahantu henshi zihunga ibibazo bitandukanye, ariko ko hari ubwoko bumwe bw’impunzi badashobora kubandanya bakira.

Ati: “Ntidushobora kubandanya twakira impunzi mu nyuma tukegekwako ivyaha, mu nzira iyi canke iriya. Impunzi nk’inkurikizi ry’umugambi wo guhonya ubwoko bwabo ubera mu kindi gihugu, ariko ugasanga tubaye ikuburiro ry’abo bantu batswe uburenganzira bwabo.

“Twarakiriye impunzi hano mu myaka irenga 20 zivuye muri DR Congo z’ubwoko bumwe.”

Avuga ko igihe yari akivugana n’umukuru w’igihugu ca Congo yavuganye nawe ibintu vyinshi kuri iki kibazo, basa n’abumvikanye, ariko ko ibintu vyahavuye bihinduka mu nyuma.

Ati: “Naramubwiye vyinshi gushika n’aho ndamubwira nti ‘none aba bari hano tubagumye tubagire abenegihugu bacu hanyuma ingorane zihere?’”

Avuga ko banabigerageje kuri bakeya ariko mu nyuma biza kuboneka ko harimwo ingorane ziturutse ku kungene wasanga ibihugu bimwe bimwe vya Bulaya na Amerika bica biza bikitoreramwo imiryango imwe imwe biza kubaha ubuhungiro hariya.

Ati: “Hari ibintu bibiri, ica mbere ntibagomba ubwenegihugu bwacu dushaka kubaha, bishakira gusubira iwabo muri Congo. Ica kabiri, ntibashaka ubwenegihugu bwacu kubera Ubulaya, Amerika, Canada n’ibindi bihugu bishaka kubatwara, ni vyo bishakira.

“Mu ntango yaboneka [Prezida Tshisekedi] nk’uwavyemeye, ariko ubu raba aho turi”.

Kuki Urwanda rubandanya rwagirizwa M23?

Perezida Kagame ati: “Ikindi, amakungu abandanya atwagiriza ngo dufasha M23…dukora ibi na biriya…twama tugerageza kubasigurira igihe cose ingene abo bantu barwana atari abavuye hano.

“Hejuru y’ivyo, hari abavuga ngo ‘Oh…aba ni Abatutsi….bava mu Rwanda, bavuye mu Rwanda n’aho hoba haciye imyaka ijana, rero bategerezwa gusubira mu Rwanda.

“Sinzi igituma bavuga ibi, kuko ababatwayeyo nibo bazi igituma, jewe sinsi ingene babatwayeyo, nibo bategerezwa kubibazwa.

“Sinsi ko abo bashigikiye iki ciyumviro baba bazi ibi…bashobora kuba babizi ariko bakabikora n’ibigirankana, ariko ni agatotezo, agatotezo gakomeye ku burenganzira bw’abantu, hanyuma bagaca badutoteza nk’igihugu.

“Ibi rero bica bituma Urwanda ari rwo rwagirizwa indyane ziriko zibera muri karya karere ka Congo.

“Ibi nivyo nama niyamiriza nivuye inyuma”.

Congo barayishishitira bakizizira Urwanda

Perezida Kagame ariyamiriza ivyo Urwanda rwagirizwa ko ari rwo ntandaro y’itotezwa ry’abantu muri Congo.

Ati: “Tugeze aho twagirizwa amajambo abiba urwanko, bisigura ko ari twebwe twagirizwa guhonya ubwoko, twebwe? Oya ni ukuri!

“Abahinga baheruka gusohora icegeranyo, hamwe bakagiriza Congo, ahandi bakagiriza Urwanda, ariko benshi barajwe ishinga n’ibivugwa ku Rwanda, ariko ivyo kuri Congo vyovyo bakabifata nk’ibisanzwe, bakayishishitira, arico gituma uza wumva Congo igiye hejuru ngo ‘e mama kora ibi ku Rwanda’”.

Ati: “Bakore iki ku Rwanda kubera iki? Kubera rwakoze iki? Twakoze iki?

“Nimba hari ico twakoze mutegerezwa ubwa mbere na mbere kumenya igituma dushobora kuba tubikora. Kubera iki twoba turiko turakora ivyo mutwagiriza? Kubera iki abantu batobanza gutorera umuti ico kintu gituma dukora ivyo batwagiriza”.

“Turiteguye koko kwagirizwa, ariko tuzokwagirizwa gukora ivyo dutegerezwa gukora”.

Nayo ku boba bamwagiriza guhonyanga inyungu zabo muri Congo, Perezida Kagame abamirira kure.

Ati: “Abavuga inyungu izi na ziriya muri Congo, jewe nta nyungu z’umuntu n’umwe ngwanya, aho ari ho hose. Inyungu zawe muri Congo jewe ntaco zimbwiye”.

“Ariko kandi sinumva ingene wobungabunga inyungu zawe mu gihe ata mahoro ahari, sintahura ivyo biharuro.

“Inyungu twebwe nk’Urwanda turondera ziratandukanye n’izo bobo bita inyungu. Twebwe turwanira ukubaho.

“Mbandanya mvuga ibi kugira ngo ndabe ko abantu botahura ibibera ku rubuga.

“Bavuga ko ntibagomba kuvugana na M23 ngo kubera ari umuhari w’iterabwoba...none ugomba kumbwira ko izi mpunzi ibihumbi 80, abagore, abana n’abatamakazi ari bo wita abaterabwoba? Uko ni ugufyina!

“Bavuga ngo ntibashaka kuvugana nabo ku mugaragaro, ngo bavugane mu kinyegero, ivyo ni ukugira ngo bagume berekana ko ingorane ari Urwanda, ariko nashaka kubabwira ikintu kimwe: ‘Iyi si ingorane y’Urwanda kandi tuzokora uko dushoboye kwose kugira ngo bose babone ko atari ingorane y’Urwanda’”.

“Iyo uvuze ngo M23 bategerezwa gusubira mu Rwanda banka bemera, ariko ntuvuge FDLR kubera ushaka ko ubagumana, uwo ni wo muzi w’ingorane zose (..). Ushaka kwirukana abantu bamwe kugira ngo ugumane abo ushaka”.

Hari abatipfuza ubutegetsi buri mu Rwanda

Perezida Kagame avuga ko hari abantu bamwe boba bashaka guhindura ingene ibintu bitunganijwe mu Rwanda, ati “n’ico naco kirimwo”.

Ati: “Hari abavuga bati: ‘Oya, turarushe n’ibi bintu mu Rwanda, e mama bamwe bakama bavuga ngo ba Kagame... FPR... ngo mu Rwanda nta bwigenge buhari..nta demokarasi ihari ariko bakaba aba mbere bariko barondera kunyaka ubwigenge bwanje’.

“Abanyarwanda bariko bakwa ubwigenge ari naco gituma hari abariko barondera kubasubiriza.

“Mbega wewe uri nde ushaka kugena ingene abantu babaho n’ingene bitwara? Uri nde? Uri uwa he?”

“Ariko nagomba ndababwire ikintu kimwe, iki gihugu caciye muri vyinshi, cabonye vyinshi, ikintu conyene ibi vyavuyemwo, ni uko dukomeye nk’urutare”.

Ati: “Ni wadutera tuzokwivuna, ushaka ko tuba abagenzi tuzoba abagenzi, kandi Dushobora kuba abagenzi beza cane ku bashaka ubugenzi natwe, ariko kandi ntitwoba beza kuri abo bipfuza ko tuba abansi babo.”