DR Congo: Abashingamateka 17 bo muri Kivu ya Ruguru basaba Tshisekedi kuganira na M23

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abashingamateka 17 bo mu ntara ya Kivu ya Ruguru bandikiye urwandiko Perezida Félix Tshisekedi wa Repubulika y’Intwaro Rusangi ya Congo bamusaba yo yokwicarana n’umuhari M23 bakaganira.
Mw’iri kete ryuguruye, aba bashingamateka bavuga ko barajwe ishinga n’ingene ikibazo co muri Congo gihungabanya imigenderanire hagati y’ibihugu vy’akarere k’ibiyaya binini, n’ingene iyi ntambara iriko iratera ukwinubana hagati y’amoko.
Basaba ko intambara zihagarara maze hakaba ibiganiro nabo nyene botumirwamwo, bari kumwe na bagenzabo bo ku rwego rw’igihugu.
Umukuru w’inama nshingamateka ya Kivu ya Ruguru Habinshuti Seninga Robert yabwiye BBC ko bandikiye umukuru w’igihugu bisunze impanuro zavuye mu manama atandukanye y’abakuru b’ibihugu i Luanda, Nairobi, Bujumbura ndetse n’iya nyuma ya Addis-Abeba yasaba ko intambara zihagarara.
Utwigoro tw’aba bategetsi gushika ubu nta gahengwe turashobora kuzana mu karere k’ubuseruko bwa Congo kamaze igihe mu ntambara zidahera.
Habinshuti Robert avuga ko babwiye umukuru w’igihugu ca Congo ko inzira y’amahoro ari yo yorangiza iyi ntambara ibandanya mu buseruko bw’ico gihugu imaze guhitana abatari bake, abandi nabo bagasigara mu kangaratete.
Hampande y’uko basaba ko impande zompi zihagarika intambara, aba bashingamateka basaba ko ingabo za M23 zisubira inyuma hanyuma zikaganira uko intambara zohagarara, nk’uko umushingamateka Habinshuti yabibwiye BBC.
Iki kandi kiri mu vyo M23 isabwa n’abategetsi b’akarere ariko wowo ukavuga ko ataho uja kuko ari uw’abanyecongo.
Umushingamateka Habinshuti avuga ati: “Ntabwo tubasaba ngo basubire mu Rwanda nk’uko bohava bavyiyumvira, kandi n’abakuru b’ibihugu ntibababwiye ngo basubire mu Rwanda, bababwiye ko bahagarika ibitero kugira ngo baje mu biganiro. Ntabwo abantu baba bariko bararwana ngo bongere baganire”.
Aba bashingamateka basaba kandi Perezida Tshisekedi kwihweza ibituma imirwi y’inyeshamba, FDLR urwanya reta y’Urwanda, hamwe na ADF urwanya reta y’Ubuganda, ibandanya ikiyogoza ku butaka bwa Congo mu ntumbero yo kurondera ingene bosubizwa iwabo.
Bamusaba kandi gushiraho icuka ciza n’ituze hagati y’ibihugu vy’akarere hakubahirizwa ubusugire bwa buri gihugu.
Basaba kandi ko ingabo z’igisata ca ONU, FIB (Force Intervention Brigade) zihabwa inguvu kandi zikagira n’ubushobozi “kugira ngo imirwi yose itazoshobora kwubahiriza inzira y’amahoro ishobore gufatirwa imyanzuro”, nk’uko Habinshuti abivuga.
Ababijwe icizere afitiye ingabo z’akarere ka Afrika y’Ubuseruko ziyemeje kuja kugarukana umutekano mu buseruko bwa Congo, avuga ko azizeye ariko ko akimuhana kaza imvura ihise.
Ati: “Kuzizera, ntabwo ari ikibazo, ariko none zizoguma ng’aha gushika ryari? Amahoro yo muri Congo aronderwa ubwa mbere n’abakongomani.
“Inshingano ya mbere yo kuzana amahoro muri Congo ni iy’abakongomani. Iyo witabaje umuvandimwe, ntiwomubwira ngo aje imbere, ahubwo ni wewe ubanza kuja imbere hanyuma akagutabara”.
'Akarere ni gashire mu ngiro ivyo kiyemeje'
Umukuru w’inama nshingamateka ya Kivu ya Ruguru atera akamo abategetsi b’ibihugu vy’akarere gushira mu ngiro ivyo biyemeje.
Ati: “Ivyo dusaba ibihugu vy’akarere ni ukuva mu mvugo bakaja mu bikorwa. Ivyiyumviro batanga ni vyiza, ariko none ni kubera iki biguma mu majambo gusa ntibije mu bikorwa?”
Kubwiwe, mu gihe boshira mu ngiro ivyemezo bafashe amahoro yogaruka.
Yongerako ati: “Iyo umugabo avuze ikintu, ategerezwa kuba yiteguriye kugikora. Rero ni bave muri twarumvikanye, twaravuze, baje muri twarakoze.
“Ntabwo ushobora kuraga umwana ikintu utari bushobore kumuha. Niba ari abakuru b’ibihugu bafata ivyemezo hanyuma ejo ntihagire ico babikorako wumva agaciro kabo kameze gate?
“Niba bavuze bati twemeje iki, ni ngombwa ko bagikora. Umugabo ni uwuvuga ikintu akagishira mu gikorwa. Rero tubasaba ivyo bemeje babishire mu ngiro hanyuma akarere kagire umutekano, abantu bishire bizane”.
Mu ndwi nkeya ziheze, umuhari M23 wagiye wigarurira ibigwati n’ibisagara utera usugereza umugwa mukuru w’intara ya Kuvu ya Ruguru, Goma.
Uyu muhari wategerezwa gutangura kuva ku birindiro vyawo ejo ku wa kabiri mu kiringo c’ukwezi kumwe.
Ntibiramenyekana nimba uyu muhari waratanguye gushira mu ngiro iki cemezo.
BBC yagerageje kurondera abarongoye uyu muhari kugira imenye nimba woba watanguye gushira mu ngiro iki cemezo ariko ntirashobora kubaronka.
Reta ya Congo hamwe n’umurwi w’abahinga b’ishirahamwe ONU bagiriza Urwanda ko ari rwo rufashe mu mugongo M23, ivyo uyu muhari wiyamiriza, co kimwe n’Urwanda.










