DR Congo : M23 na FARDC baritana ba mwana

Inyeshamba za M23 hejuru y'komodoka ntamenwa c'ingabo za reta inyuma y'intabara muri Rutshuru mu mpera z'umwaka uheze
Insiguro y'isanamu, Inyeshamba za M23 hejuru y'komodoka ntamenwa c'ingabo za reta inyuma y'intabara muri Rutshuru mu mpera z'umwaka uheze

Umuhari w’inyeshamba za M23 zirwanya ubutegetsi bwa Repubulika y’Intwaro Rusangi ya Congo uvuga ko wowo witeguriye umugambi w’amahoro ariko ko uruhande rwa reta ari rwo rutawerekwa.

Ni inyuma y’aho abakuru b’ibihugu vy’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko mu nama yabo yabahuje inyuma y’ikoraniro ry’Ubumwe bwa Afrika i Addis-Abeba muri Ethiopia mu mpera z’indwi, batereye akamo uyu muhari « guhagarika ibitero vyawo ku ngabo za Reta ya Congo n’iza MONUSCO ».

Umuvugizi wa gisirikare w’uyu muhari, Majoro Willy Ngoma yabwiye BBC ko gushika ubu Reta ibandanya ibitero vyayo ku birindiro vya M23 mu turere tutari duke two muri Teritware ya Masisi mu ntara ya Kivu ya Ruguru.

Igisirikare ca Congo cagiriza M23 gufatanya n'igisirikare c'Urwanda mu gutera ibirindiro vyaco mu turere tumwe tumwe tw'i Masisi mw'ijoro ryo ku wa Mungu buca ari ku wa mbere. Yaba M23, yaba reta y'Urwanda, bose bamye biyamiriza ibivugwa na Reta ya Congo.

Majoro Willy Ngoma avuga ko kubona hari amanama atari make ahuza abakuru b’ibihugu vy’akarere amaze kuba ariko ata co ashobora gushikako bitumwa n’uko uruhande rwa Reta ya Congo ata gushaka rufise rwo kurangiza intambara yo mu buseruko bw’ico gihugu mu nzira y’amahoro.

Majoro Ngoma ati : « Umusi umwe gusa inyuma y’inama ya Addis-Abeba ingabo za reta zatereye ica rimwe ibirindiro vyacu. Ubu turiko turavugana, zaduteye i Kitshanga, Kalengela, Kitogo n’ahandi hose, ubu intambara zikomeye ziriko zibera muri Kibalizo ».

Hari amanama yagiye ahuza abakuru b’ibihugu vy’akarere, uhereye ku yabaye ku wa 23 Munyonyo (11) 2022 i Luanda muri Angola, ikurikirwa n’iyindi yabaye ku wa 12 Kigarama (12) 2022 i Washington muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, iyi ikaba yakurikiwe n’iyindi nama idasanzwe yabereye i Bujumbura mu burundi ku wa 02 Ruhuhuma (2), izi zose zikaba zagiye zifata imyanzuro kuri ino ntambara ariko gushika ubu bikaboneka ko ata kirahinduka ku rubuga rw’intambara.

Majoro Ngoma avuga ko ingorane nyamukuru gushika ubu muri Congo ari uko hari abanyaporitike bamwe bamwe muri ico gihugu bakokeza intambara, bagakora ibishoboka vyose kugira ngo ntihere “kubera bayifisemwo inyungu zabo”.

Ati : « Reta mu gitondo ivuga amahoro, ku mugoroba igasohora inkota. Ntibashaka ko iyi ntambara irangira mu nzira y’amahoro”.

'RDF/M23 nibo baduteye' - FARDC

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Igisirikare ca Repubulika y’Intwaro Rusangi ya Congo (FARDC) casubiriye kwagiriza igisirikare c’Urwanda ko ari co cateye ibirindiro vyaco gifadikanije n’abarwanyi b’umuhari M23.

Mw’itangazo ryateweko igikumu n’umuvugizi wa gisirikare mu ntara ya Kivu ya Ruguru, Liyetena-Koroneri (Lt Col) Ndjike Kaiko Guillaume, FARDC ivuga ko “mw’ijoro ryo ku wa Mungu buca ari ku wa mbere, RDF/M23 bakoze ibitero ku birindiro” vy’igisirikare ca Congo i “Kyahemba, Butchalwichi, Kihusha na Lubula muri teritware ya Masisi”.

Si bwo bwa mbere reta ya Congo yagirije igisirikare c’Urwanda ko gishigikiye kikongera kigafasha umuhari M23 mu ntambara ibera mu buseruko bw’ico gihugu, ivyo M23 hamwe na reta y’Urwanda bamye kandi babandanya bamirira kure.

Lt Cl Ndjike Kaiko atera akamo “amakungu, Ubumwe bwa Afrika, umuryango wa Afrika y’Ubuseruko hamwe n’umugwi w’ishirahamwe CIRGL/ICGLR, gukurikiranira hagufi aya mabi n’inkurikizi z’ayo”.

Mw’iri tangazo, Lt Col Ndjike avuga ko igisirikare ca Congo “cafashe ingingo zose nkenerwa kugira ngo zituze aka kabi congere gikingire abanyagihugu ba Congo n’ivyabo, ibi vyose kikabikora kibandanya cubahiriza ishaka ry’abakuru b’ibihugu vya EAC”.

Bumvikane iki i Addis-Abeba

Inyuma y’inama y’abakuru b’ibihugu n’amareta mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, abakuru b’ibihugu vy’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko (EAC) mu nama yabahuje ku wa 17 Ruhuhuma, bateguye urutonde rw’ukungene vyogenda mu gutorera umuti intambara yo mu buseruko bwa Congo.

Ibi bihugu vya EAC bibona ko iyi nteguro ishobora gufasha mu gukura icuka kibi no mu kugarukana imigenderanire myiza hagati ya Congo n’Urwanda.

Abategetsi b’ibi bihugu bashimangira kandi ko intambara zihagarara, cane cane ibitero vya M23 ku ngabo za reta n’iza MONUSCO.

Mw’itangazo bateyeko igikumu inyuma y’uwo mubonano, babona ko ari nkenerwa ko abarwanyi ba M23 begeranirizwa hamwe bagasubiza ibirwanisho, bikabera ku butaka bwa Congo, igikorwa kigahagarikirwa n’abategtsi ba Congo, ingabo z’akarere ka Afrika y’Ubuseruko n’izo Inama mpuzamakungu ku karere k’Ibiyaga binini, bafadikanije na MONUSCO.

Bashimangira ko abataye izabo bagahungira hagati mu gihugu hamwe n’abahungiye mu gihugu kibanyi c’Urwanda bataha bagasubira mu zabo, nk’uko biri mu rupapuro rw’inzira rwa Luanda.

Aba bakuru b’ibihugu basavye igihugu ca Angola gifadikanije n’umuhuza muri ivyo biganiro kw’izina rya EAC , Uhuru Kenyata, ko bashikira abategetsi ba gisirikare ba M23 kugira ngo babashikirize izi ngingo zafatiwe i Addis Abeba.