Abarongozi ba EAC bahuriye Nairobi ngo bige ku kibazo ca DR Congo

Ahavuye isanamu, State House Kenya
Umukuru w’igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta yatumyeko inama y’abakuru b’ibihugu bigize ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko (EAC) kuri uno wa mbere kugira bavugane ku kibazo c’amahoro n’umutekano muri Repubulika y’Intwaro Rusangi ya Congo (DRC), nk’uko biri mw’itangazo rya reta.
Uhuru, ari nawe arongoye ishirahamwe EAC ku wa gatatu yasavye ko horungikwa umurwi w’ingabo za EAC guhagarika imigumuko irangwa mu buseruko bw’iki gihugu giherutse kwinjira muri iri shirahamwe.
Hagati aho, DR Congo ntishaka kwumva ko Urwanda ruri mu bagize izi ngabo, ikaba mbere yarahagaritse imigenderanire na Kigali.
Iki gihugu cagiriza Urwanda ko rufasha umuhari w’inyeshamba M23 ziherutse kwigarurira igisagara ca Bunagana kiri ku rubibe.
Urwanda Ruhakana ivyo rwagirizwa.
Mw’itangazo yasohoye, Pereziza Felix Tshisekedi yagiriza Uwanda ko rurondera kwigarurira igihugu ciwe kugira ngo rwiyimbire ubutare, mbere akaba yasavye Ubwongereza gutera igitsure Kigali kugira ngo ihagarike agasotoro kayo.
Mu ndwi nkeya ziheze, icuka kibi hagati y’ibi bihugu carunyutse, mbere haraduka n’imyiyerekano yo kwiyamiriza Urwanda i Kinshasa no mu buseruko bwa Congo.
Haciye imisi ibiri, umusirikare wa Congo yarugururiye umucanwa ku bajejwe umutekano b’Urwanda ku rubibe rwa Bukavu, akomeretsa abapolisi babiri.
Kenya niyo ihagarariye ikongera ikaba n’umuhuza mu biganiro hagati ya reta ya Congo n’imihari y’inyeshamba itandukanye.
Hagati aho, ibi biganiro ntaco birashikako.

Ahavuye isanamu, State House Kenya

Ahavuye isanamu, State House Kenya

Ahavuye isanamu, State House Kenya

Ahavuye isanamu, State House Kenya










