Korea ya Ruguru yarekuye ibindi bisasu vya misire biraswa kure, bitangazwa na Korea y’Epfo

    • Umwanditsi, Na George Wright
    • Igikorwa, BBC News

Korea ya Ruguru yarashe ibisasu vya misire biraswa kure bitari bike mu mazi hanze y’inkengera y’ubuseruko, nk’uko bitangazwa n’igisirikare ca Korea y’Epfo.

Mu mezi make aheze, iki gihugu c’ubutegetsi bwa gikomunista gitunze ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara cagiye kigerageza ibisasu vya misire, ivyatumye icuka kibi ciyongera mu karere.

Iki gikorwa co kuri uno wa Mungu cabereye hafi y’ikivuko ca Sinpo. Igitigiri n’ubwoko bw’ibi bisasu vyarashwe ntibiramenyekana.

Ku wa gatatu, Korea ya Ruguru yagerageje ikindi gisasu gishasha ca misire karuhariwe kizwi nka Pulhwasal-3-31, nk’uko bivugwa n’itororokanirizo ry’amakuru Yonhap ryo muri Korea y’Epfo.

Mu gutangaza iraswa ry’iki gisasu gishasha ryabaye isaha zibiri z’agatondo mu masaha yo muri ico gihugu, ni ukuvuga isaha indwi z’ijoro mu masaha ya Gitega na Kigali, ibiro bikuru vy’igisirikare ca Korea y’Epfo vyatangaje biti: "Igisirikare cacu kibandanya gukorana hafi na hafi na Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu gukurikiranira hagufi ibimenyetso vy’agasomborotso ka Korea ya Ruguru".

Kim Jong Un, indongozi ya Korea ya Ruguru, abandanya yongereza akariro muri poritike n’amajambo vyiwe kuva mu mezi aheze, aho yahagaritse amasezerano atari make yari afise intumbero yo kubungabunga amahoro, anongereza kandi n’ibikorwa vya gisirikare.

Kuva mu ntango z’uku kwa mbere, Korea ya Ruguru kandi yatangaje ko kuva mu ntango z’uku kwa mbere yagerageje igisasu gishasha ca misire rutura, hamwe n’amadrone y’intambara yo mu mazi avugwa ko ashobora kwikorera ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara.

Ibi bikurikiye ikiringo c’imyaka ibiri imaze igerageza ibisasu vya misire hafi buri kwezi, yongera kandi ihingura n’ibirwanisho bishasha, mu guhonyanga ku mugagarao ibihano yafatiwe na ONU.

Mu ntango z’uku kwezi, Kim Jong Un yatangaje ko intego yahahora yo kwiyunga na Korea y’Epfo ihagaze, avuga ko Korea y’Epfo ari yo “mwansi nyamukuru".

Ibi vyateje impungenge ko Korea ya Ruguru iriko itegura intambara.

Umukuru w’igihugu ca Korea y’Epfo Yoon Suk Yeol yabwiye reta yiwe muri uku kwezi ko ari nka hamwe Korea ya Ruguru yoramuka isotoye rimwe gusa, Korea y’Epfo "yoca yihora bimwe bitarabaho", ashaka kwerekana “ubushobozi bwo ku rwego rwo hejuru cane bwo kwivuna” bw’igisirikare ca Korea y’Epfo.