Korea: Ubwo Kim Jong Un yoba ariko ategura intambara?

    • Umwanditsi, Na Frances Mao
    • Igikorwa, BBC News

Ubwoba – bashizwe mu kangaratete na babiri muri bo.

Mu ndwi iheze, aba bahinga bakomeye cane barakije umuriro – nimba twovuga gutyo – mu kuvuga ko indongozi y’iki gihugu cataramuwe iriko itegura intambara.

Kim Jong Un yaramiriye kure umugambi nyamukuru wo gusubiza hamwe no kwiyunga na Korea y’Epfo, nk’uko babivuga. Ahubwo, yerekana Korea ya Ruguru na Korea y’Epfo nk’ibihugu bibiri bihanganye mu ntambara.

“Turazi, nk’uko vyagenze kuri sekuru mu 1950, ko Kim Jong Un yafashe ingingo ikomeye cane yo kuja mu ntambara”, vyandikwa na Robert L Carlin, yahoze ari umuhinga wa CIA hamwe na Siegfried S Hecker, umuhinga mu vya nikleyeri yagendeye Korea ya Ruguru incuro zitari nke, mu nkuru yo ku kinyamakuru 38 North gikorera ku rubuga ngurukanabumenyi.

Aya majambo yateje umutima uhagaze muri Amerika no muri Korea y’Epfo, anateza n’impari nyinshi mu basanzwe bakurikiranira hagufi ibibera muri Korea ya Ruguru.

Hagati aho, benshi mu bahinga ntibemera ko hari intambara yoba iriko irategurwa; BBC yavuganye n’abahinga indwi ku migabane ya Aziya, Ubulaya na Amerika y’Uburaruko - muri bo nta n’umwe ashigikiye iki ciyumviro.

Christopher Green, wo mw’ishirahamwe Crisis Group akurikiranira hagufi ibibera muri Korea akaba ari mu Buholande, avuga ati: "Guta mu kaga intwaro yiwe yose mu ntambara ishobora gusenyura igihugu cose nta biri mu mitwe y’abanya-Korea ya Ruguru”.

We n’abandi babona ko Korea ya Ruguru ikunze gukora ivyo ikora irondera kugondoza ibihugu vy’Uburengero kuja mu biganiro; kandi noneho no mu gihugu abanyaporitike baratera igitsure ubutegetsi.

Ico aba bahinga bahurirako ni uko imvugo ikaze ya Kim igenda yiyongera idashobora kwirengagizwa, mu gihe kandi n’ubutegetsi bwiwe bubandanya buteza ibibazo.

Ariko n’ubwo benshi bavuga ko ata ntambara ishoboka, abandi bafise ubwoba ko hashobora kuba ibitero bito bito.

Ibi vyatewe n’iki?

Abakurikiranira hagufi Kim Jong Un baramenyereye iterabwoba rishingiye ku birwanisho ruhonyanganda vy’ubumara, ariko bamwe bavuga ko ubutumwa buherutse gutangwa na Korea ya Ruguru butandukanye n’ubumenyerewe.

Imisi itandatu inyuma y’ijambo ryiwe ry’umwaka mushasha aho yavuze ko “bigaragara ko intambara ishobora kwaduka umwanya uwo ari wo wose mu karere ka Korea”, igisirikare ciwe caturikije ibisasu hakurya y’urubibe.

Kuva mu ntango z’uku kwa mbere, Korea ya Ruguru kandi yatangaje ko yagerageje igisasu gishasha ca misire rutura, hamwe n’amadrone y’intambara yo mu mazi avugwa ko ashobora kwikorera ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara.

Ibi bikurikiye ikiringo c’imyaka ibiri imaze igerageza ibisasu vya misire hafi buri kwezi, yongera kandi ihingura n’ibirwanisho bishasha, mu guhonyanga ku mugagarao ibihano yafatiwe na ONU.

Hagati aho, icateje ubwoba gusumba ni itangazo ryiwe mu ndwi iheze ry’uko ahevye umugambi wo kwiyunga na Korea y’Epfo.

Kwiyunga na Korea y’Epfo yamye ari yo ntego ya poritike ya Korea ya Ruguru kuva ibayeho – nubwo vyagiye biba nk’umugani.

Peter Ward, umushakashatsi kw’ishure kaminuza Kookmin University i Seoul, ati: "Iki ni ikintu gikomeye. Gihindura ku buryo bukomeye imwe mu ntego nyamukuru z’ubutegetsi."

Mu vy’ukuri, Kim Jong Un ashobora kuba ariko arasambura iri ragi. Hampande yo kuzibira amayira y’ibiganiro no kwugara n’amaradiyo yumvikanira ku mpande zompi, yatangaje ko azobomora urugori rwo kwiyunga, icibutso c’amagorofa icenda cubatswe mu micungararo ya Pyongyang.

Uru rugori rwerekana abagore babiri bambaye umwambaro kama wa Korea bafatanye amaboko, rwubatswe mu 2001 mu kwibuka utwigoro twa se wiwe na sekuru wiwe two kurondera kwiyunga.

Kim Il Sung ni we yatanguje intambara yo mu 1950, ariko kandi ni we yatanguje iciyumviro c’uko bishobora kuzoshika abanya-Korea ya Ruguru bagasubirana na bagenzi babo bo muri Korea y’Epfo.

Ariko uno mwuzukuru wiwe wewe yahisemwo gufata ko abanya-Korea y’Epfo ari abantu batandukanye – kumbure ashaka kwerekana ko ari bo ntego y’umugambi wiwe wa gisirikare.

Yoba ategura ibitero bito bito?

Carlin na Dr Hecker, abahinga babiri berekanye ko hashobora kwaduka intambara, babona ko ibi vyose ari ibimenyetso vy’uko Kim Jong Un yiyemeje kubandanya ingwano.

Ariko abenshi mu bahinga siko babibona. Seong-Hyon Lee, wo mu kigo George HW Bush Foundation akurikiranira hagufi imigenderanire hagati ya Amerika n’Ubushinwa, abona ko mu kwezi kuza Korea ya Ruguru ishobora gusubira kwugururira imiryango ingenzi, kandi ikaba yaranagurishije ibisasu vyayo vya muzinga ku Burusiya mu ntambara yabwo – ibintu itokwubahuka mu gihe yoba itegura intambara.

Ikintu kiyibangamiye n’ubwo biri uko, ni uko nimba Korea ya Ruguru yoba iriko itegura igitero, Amerika na Korea y’Epfo biri ku ntambwe iteye kure cane.

Ward wo kuri Kookmim University ati: "Intambara yeruye yohitana abantu benshi muri Korea y’Epfo, ariko ishobora kuba amaherezo ya Kim Jong Un n’intwaro yiwe”.

Ahubwo, we n’abandi bagabisha ko, uko ibintu bimeze, biriko bituma hashobora kuba ikintu gito.

Ankit Panda wo mu kigo Carnegie Endowment for International Peace, ati: "Mfise impungenge nyinshi mu bisanzwe ko hashobora igitero gito kuri Korea y’Epfo… igitero nk’iki gishobora gukorwa ku butaka bwa Korea y’Epfo canke ku ngabo zayo ariko kikaba gito”.

Korea ya Ruguru ishobora gukora ibi mu kurekura ibisasu vya muzinga canke mu kugerageza kwigarurira amazinga ateje impari mu burengero bwa Korea.

Mu 2010, Korea ya Ruguru yarateye izinga rya Yeonpyeong yica abasirikare bane ba Korea y’Epfo, ivyayiteje uburakari.

Agasomborotso nk’ako gashobora kuba mu ntumbero yo kuraba aho ubushobozi bwa Korea y’Epfo bugera, nk’uko abahinga babibona, be no gushavuza Perezida Yoon Suk Yeol, indongozi ifise uburakari yiyemeje kwishura ku gitero ca Korea ya Ruguru mu buryo burengeye kure cane.

Panda ati: "Korea ya Ruguru ishobora kwitega igitero co kwihora kivuye i Seoul gisumba kure cane icayo”, ivyotuma ibintu bishobora kuyangara muri ino ntambara.

Agasomborotso nk’umukenyuro

Abandi babona ko ubwoba bw’intambara bukwiye kubonwa ko ari ikintu kiri mu mikenyuro ya Kim.

Seong-Hyon Lee ati: "Turavye muri kahise ka Korea ya Ruguru, yamye ikoresha agasomborotso kugira ngo ihagarike umutima ibindi bihugu iyo irondera ibiganiro”.

Iyi ntwaro ibandanya ikorwako n’ibihano mu gihe abansi bayo bategura amatora muri uno mwaka wa 2024 - aho Amerika itegura amatora y’umukuru w’igihugu Korea y’Epfo nayo igategura ay’abashingamateka.

Dr Lee ati: "Aka ni akaryo keza kuri Kim Jong Un ko gusomborotsa”.

Ubutegetsi bwa kino gihe bwa Perezida Joe Biden – mu gihe burajwe ishinga n’intambara za Ukraine na Gaza – ntibwitayeho cane Korea ya Ruguru, iyi nayo ikaba yagiye ikorana cane n’ubutegetsi bw’Abarepubulika.

Kim Jong Un na Donald Trump barakundanye cane birakomera mu 2019 imbere y’uko ibiganiro bifise intumbero yo guhagarika umugambi wo guhingura ibirwanisho vy’ubumara bihagarara – uno mutegetsi wa Korea ya Ruguru akaba ashobora kuba arindiriye ko uyo yahoze arongoye Amerika agaruka ku butegetsi, kugira abone ingene yoca intege ubucuti na Korea y’Epfo hanyuma akabona kwemera ibindi biganiro.

Ubucuti bwa hafi cane hagati ya Korea ya Ruguru n’Uburusiya hamwe n’imfashanyo y’Ubushinwa ibandanya vyayitumye ataco ibona yotinya, nk’uko abahinga babivuga.

Yarafashwe mu mugongo n’Uburusiya mu bijanye n’ubuhinga kugira ngo ishobore gushika ku ntego yayo y’igihe kirekire yo kurungika mu kirere ibigendajuru vyayo kandi ibi bihugu vyompi vyaragiriraniye imibonano yo ku rwego rwo hejuru harimwo umubonano w’indongozi z’ibi bihugu mu mwaka uheze.

Panda ati: "Vyinshi mu vyo turiko turabona ni inkurikizi y’ukwiyemera kwinshi kwa Korea ya Ruguru kubera ubushobozi bwayo n’igihagararo ifise kw’isi kubera ubufasha ihabwa n’Uburusiya hamwe, ku rugero ruto, n’Ubushinwa”.

Intego zo hagati mu gihugu

Abandi babona ko ingendo ya Kim Jong Un ifise intumbero yo gutsimbataza intwaro yiwe bwite.

Leif-Eric Easley wo kw’ishure kaminuza Ewha University i Seoul avuga ati: "Ibi bisa n’ukurondera gushira ku murongo poritike yiwe kugira ngo arokore intwaro yiwe. Abanya-Korea ya Ruguru babandanya batahura intege nke z’igihugu cabo kigendera ku ntwaro ya gikomunista bagereranije na Korea y’Epfo”.

Abona ko poritike yibanda ku kwerekana umwansi uwo ari we ari yo isigura uburyo Kim ashira mu mugambi wiwe wo guhingura za misire, mu gihe hari amakuru y’inzara igeramiye igihugu cose.

Mu kwerekana ko Korea y’Epfo ari umwansi bituma kandi vyoroha gukura amadidane ku kungene Korea ya Ruguru ibona Korea y’Epfo, nk’uko Ward abivuga.

Ati: "Imbere y’aha, cari igihugu kibi carondera guhuzwa n’ikindi ariko camunzwe n’umuco w’igiturire utashobora kwakirwa uko vyari kugenda kwose, ariko kibaba gifise abanyagihugu bakeneye kubohorwa bakavanwa mu vyara vya reta mbi”.

"Ubu iki gihugu n’imico yaco birashobora kwerekanwa nk’akabi, ibi navyo bigasigura igituma ari ngombwa kubandanya bacuvya umuco wa Korea y’Epfo”.

Sokeel Park wo mw’ishirahamwe Liberty in North Korea rifasha impunzi za Korea ya Ruguru ati: "Mu bisanzwe nta ntambara ashaka – aho ata na kimwe yokwungukiramwo ahubwo yotakaza vyose”.

Avuga ko iterabwoba ryiwe ahubwo rigamije gushimangira poritike yiwe nshasha kuri Korea ya Ruguru n’iy’Epfo yo kwerekana inguvu ziwe mu gihugu.

Mu gihe ari ngombwa ko Korea y’Epfo, Amerika n’incuti zayo bitegurira ico ari co cose kibi coshika, ni ngombwa gukurikiranira hagufi ingene ibintu vyifashe hagati mu gihugu muri Korea ya Ruguru no ku rwego mpuzamakungu, niko abahinga bavuga.

Impera n’imperuka, kugira ngo umenye ico ino ndogozi ya Korea ya Ruguru itegura, ni ugukorana na yo, nk’uko Dr Lee abivuga.

Avuga ati: "Amakungu ntabona ko ingingo ya Amerika yo kuvugana na Kim Jong Un ari ukumanika amaboko kw’iterabwoba rya Kim Jong Un. Bifatwa nk’inzira ikenewe yo gushika ku ntego”.

"Bibaye ngombwa, umuntu yotegura kubonana n’indongozi y’igihugu c’umwansi kugira ntihabe ukwihenda kandi ntihagire n’intambara yaduka”.