Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Intambara ya Korea: menya ingene Korea yacitsemwo kubiri
Kuri uno wa 27 Mukakaro (7), imyaka 70 irarumanye neza na neza habaye amasezerano y’agahengwe mu ntambara hagati ya Korea ya Ruguru na Korea y’Epfo, yari yadutse ku wa 25 Ruheshi (6) 1950.
Kuva ico gihe, ibi bihugu biracabana nk’imbwa n’akagomba, aho icuka kibi cadutse kuva muri ca gihe c’intambara yo kwikekana hagati ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’icahoze ari Reta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti n’ubu kikibandanya.
Ku wa 26 Kigarama (12) 1991, niho icahoze ari Reta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti (URSS/USSR) casambuka, ibihugu 15 vyose vyari bikigize bironka intahe y’ukwikukira, ibihugu bindi bitari bike vyari vyegamiye ku ruhande rwa URSS bica vyegamira ku ruhande rw’Uburengero rurongowe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Hagati aho, Korea ya Ruguru yoyo ntiyigeze inyiganyiga.
None vyaje gute?
Inyuma y’intambara ya kabiri y’isi yose, vyaragaragara neza ko isi yari yinjiye mu gihe gishasha.
Ibihe vy’aho ibihugu vya rutura vya Bulaya vyari vyiganziye isi, harimwo Ubwongereza, Ubufaransa, Ubudagi, Ubutaliyano, n’Uburusiya, vyari vyarangiye. Intambara yari yabisinzikaje ku buryo bitari bigifise uburyo bwo kubandanya bwiganziye isi.
Isi rero yasa n’iyari yigabuyemwo kubiri – uruhande rumwe rugizwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’incuti zayo z’Uburengero, urundi narwo rukaba rwari rugizwe n’icahoze ari Reta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti (URSS/USSR) n’incuti zayo.
Imishamirano hagati y’izi mpande zibiri ntiyatevye kwigaragaza, kandi vyaribonekeza ko gushika mu 1948, ibi bihugu bibiri vya rutura vyari birongoye izi mpande vyari bihanganye bikomeye, mbere gushika n’ubu niyo shingiro ry’imigenderanire hagati y’ibihugu bitari bike.
Imyaka cumi yakurikiye intambara ya kabiri y’isi yose yaranzwe n’ikwirakwira ry’intwaro ya gikomunista mu karere k’ubuseruko bwo hirya (Far East/Extrême Orient).
Intsinzi y’Abakomunista mu Bushinwa mu 1949 yeretse Amerika ko ivyavugwa vy’uko ino poritike yari ifise intego yo kwiganza kw’isi vyari bifise ishingiro. Ibi vyasigura ko iyo igihugu kimwe kirinze gikorokera mu butegetsi bwa gikomunista, n’ibindi bihugu bibanyi vyaca vyandukirwa ubwo nyene.
Mu 1950 icegeranyo c’Inama nkuru ya Amerika ijejwe umutekano (American National Security Council) casanze ko poritike yo kuzibira itari ihagije, ko vyari nkenerwa ko isubirwamwo, canke hagafatwa ingingo yo kubohoza ubutaka bwari bwigaruriwe n’abakomunista.
Intambara ya Korea, hampande y’iya Vietnam yamaze imyaka itari mike, ni imwe mu ndyane nyamukuru zaranze ca gihe c’intambara y’ukwikekana hagati ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’incuti zayo z’Uburengero ku ruhande rumwe be n’icahoze ari Reta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti (URSS/USSR) n’incuti zayo ku rundi ruhande.
Kugabura igihugu
Mu kw’indwi 1945 igihe intambara ya kabiri y’isi yose yariko irabandanya mu karere ka Indo-Pacifique, Joseph Stalin yari arongoye icahoze ari Reta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti (URSS/USSR) yarahambije ingabo za Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu gikorwa co kwirukana Ubuyapani muri Korea.
Muri uru rugamba, ibi bihugu bibiri vya rutura vyahuriye ku murongo (transversale/ parallèle) wa 38, uca hagati muri iki gihugu cari Korea imwe. Ibi bihugu vyemeranije gucamwo kubiri iki gihugu, aho Abasoviyeti bafashe uburaruko, Amerika nayo igafata ubumanuko, maze kimwe kimwe cose gishinga reta ifatiye ku ntwaro yaco.
Mu buraruko, ni ukuvuga muri Korea ya Ruguru hashinzwe reta ya gisosiyalisti ya poritike ya URSS. Yari irongowe na Kim Il Sung. Nayo mu bumanuko hashingwa reta ya gikapitalisti, ari nayo shingiro ya poritike ya Amerika, yari irongowe na Syngman Rhee.
Nta n’umwe muri izi ndongozi yari yatowe kandi nta n’umwe yemera uwundi.
Igihe ibi bihugu vya rutura biviriye muri Korea gihugu mu 1947, vyasize intwaro zibiri ataho zihuriye, aho uburaruko bwegamiye intwaro z’Abakomunista b’Uburusiya n’Ubushinwa, ubumanuko nabwo bwegamira kuri Amerika y’abakapitalisti.
Intambara ya Korea
Impande zompi zarabana ribi, buri ruhande rurondera kurimbura urundi, zompi zicungacungana mbere n’imishamirano itabuze ku mbibe. Buri ruhande rwarondera kwigarurira urundi kugira igihugu gisubire kuba kimwe. Ikibazo kwari ukumenya uruhande rwari gutangura.
Niho ku wa 25 Ruheshi (6) 1950, isaha cumi z’agatondo, ingabo z’igisirikare ca Korea ya Ruguru yari ishigikiwe n’Ubushinwa n’Ubumwe bw’Abasoviyeti ziharurwa mu 135.000 zajabutse n’inguvu zose wa murongo wa 38, zirasatira ku muvuduko udasanzwe gushika mu micungararo y’igisagara ca Pusan/Busan kiri mu bumanuko bwa Korea y’Epfo, zifise icizere ko zari kurimbura iza Korea y’Epfo ubutakivyuka.
Muri ico gitero rurangiza, ibirindiro vy’igisirikare ca Korea y’Epfo vyari bifashwe mu mugongo n’ingabo za Amerika vyatewe bititeguye mu kanya biba birakubiswe. Iyo yabaye intango y’intambara ya mbere ikomeye yo muri ca gihe c’intambara y’ukwikekana, ikizwi nka Guerre froide/Cold War.
Ingorane Korea y’Epfo yari ifise, ni uko mu kugenda, America yayimye ibirwanisho n’amasasu kubera yatinya ko yari guhava itera Korea ya Ruguru nk’uko Syngman Rhee umutegetsi yari ateye ubwoba yari arongoye Korea y’Epfo yaguma ahiga ko yari kuyitera. Nimba atabikoze, ni uko ata birwanisho bikomakomeye yari afise.
Ico gihe vyari bigaragaye ko poritike ya Amerika yo kwifatafata yari iyigizeko ingaruka, aho Korea y’Epfo yatewe ata kintu na kimwe ifise co kwivuna ibimodoka vya rutura vy’intambara na vya muzinga vy’Abakomunita. Mu misi ibiri gusa, Seoul, umugwa mukuru wa Korea y’Epfo, uri ku birometero vyababa 48 uvuye kuri wa murongo ugabura ibi bihugu, yari ifashwe na Korea ya Ruguru.
Korea ya Ruguru yari yizeye ko Amerika yari kwirabira hirya hanyuma ikigarurira Korea y’Epfo, ariko hagati mu gihugu, Abanyamerika baratekewe n’ubwoba, babona ko bageramiwe n’Abakomunista.
Babona ko mu gihe Korea y’Epfo yari kuba yigaruriwe n’abakomunista, Ubuyapani ari bwo bwari guca bukurikira, iyi ikaba yari kuba ingorane ikomeye kuri Amerika, kuko Ubuyapani bwari igihugu ngirakamaro ku bucuruzi bwayo. Biravugwa ko iyi ishobora kuba ari yo mvo nyamukuru yatumye Amerika yinjira muri ino ntambara.
Amaze kwumva uburakari bw’abanyagihugu, Perezida Harry Truman yaciye yihutira kugomora ibitero vyo mu kirere no mu mazi ku bibanza vya Korea ya Ruguru.
Abenshi muri Amerika babona ko bategerezwa kugira ico bakoze kubera bari biyemeje kugendera ku ntego ya Perezida Truman - gutabara ibihugu vyari bigeramiwe n’abakomunista.
Ubwo nyene indege z’intambara za Amerika zaciye zitangura akazi, zikorora iza Korea ya Ruguru zitandatu ku musi wa mbere zinjiye mu ntambara.
Aho nyene, igisirikare kirwanira mu mazi cacucagiye ibibombe ibisagara vya Korea ya Ruguru biri ku mweha, ariko Abakomunista bari bazi akarere ku buryo bitababujije kubandanya basatira.
Hari ababona ko Amerika yari kwikora kuri bombe ruhonyanganda y’ubumara (bombe atomique) nk’uko yari yabikoze ku Buyapani, imyaka itanu imbere y’aha, ariko ntivyakunda, kuko Uburusiya nabwo bwari bwagerageje neza iyabwo mu ci ry’umwaka wa 1949, ivyo bigasigura ko iyo ihirahira ikarekura iyi bombe kari guca kaba akaga isi itari bwigere ibona.
Vyaciye biba ngombwa ko Perezida Truman asaba ko ishirahamwe ONU rirungika ingabo guhangana na Korea ya Ruguru, maze Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’isi iremera, zari zirongowe na Amerika. Iki gisabo ca Amerika cemejwe kubera gusa Ubumwe bw’Abasoviyeti ico gihe bwanka kwitaba amakoraniro y’Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’isi.
Ibihe nyamukuru vy’iyi ntambara
Ruheshi (6) 1950: Igisirikare ca Korea ya Ruguru cateye ku muvuduko udasanzwe kirirukana ingabo za Korea y’Epfo gushika mu bumanuko mu micungararo y’agasagara gato ka Pusan.
Mukakaro(7) 1950: kubera ubwoba yari ifise ko Abakomunista bari guhava biganzira akarere, Amerika yarungitse ingabo gufasha Korea y’Epfo.
Nyakanga (9) 1950: ingabo za ONU, zirongowe n’umujenerali wa Amerika yari karuhariwe Douglas MacArthur, zinjiye mu karere ka Inchon kari ku mweha w’uburengero zirukana abasirikare ba Korea ya Ruguru zibarenza wa murongo wa 38. Gushika muri Gitugutu (10) 1950, zisa n’izari zamaze kwirukana Abakomunista zibashitsa ku ruzi Yalu ruri ku rubibe n’Ubushinwa.
Kitugutu (10) 1950: kubera butari bukeneye kubona igihugu gishigikiwe na Amerika cegera ku rubibe rwabwo, Ubushinwa bwarateye Korea bwirukana ingabo za ONU buzirenza wa murongo wa 38. Ico gihe, Jenerali MacArthur yaciye asaba ko hokoreshwa vya birwanisho ruhonyanganda vy’ubumara kugira Korea ishobore gukingirwa, ariko Perezida Truman yarabimwankiye, mbere aca aramubogoza.
Ruheshi 1951: ONU yarungitse izindi ngabo muri Korea zashoboye kwirukana Abakomunista gushika kuri wa murongo wa 38. Aha, ibintu vyarabuze iyo bija niyo biva. Intambara yahavuye yikumira mu kirere, aho abadereva b’Abanyamerika n’abasoviyeti batanye mu mitwe mu kiringo c’imyaka ibiri. Abadereva b’Abasoviyeti barwana bambaye umwambaro w’Ubushinwa kandi bakoresha indege zifise ibimenyetso vy’Ubushinwa. Izi ntambara zo mu kirere zagumijwe mw’ibanga kugira ngo abanyagihugu ba Amerika ntibahave babimenya ngo basabe intambara yeruye na URSS.
Munyonyo (11) 1952: Umurepubulikani Dwight D. Eisenhower yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu, maze yiyemeza kuzoja muri Korea kugira ngo arabe ingene intambara yorangira.
27 Mukakaro 1953: mu kigwati ca Panmunjom kiri kuri wa murongo wa 38, hatewe igikumu ku masezerano y’agahengwe, hanyuma intambara irahagarara, ariko Korea ibandanya icitsemwo ibice bibiri nk’uko vyari bimeze mu 1950, kandi gushika n’ubu niko bikimeze.
Kubera iki Amerika yinjiye mu ntambara?
Abanyamerika bari bazi ko igihugu ca Reta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti cari kirongowe na Stalin ari co cari inyuma y’igitero ca Korea ya Ruguru, bakaba babona ko vyari ngombwa kumuzibira.
Amerika yabona ko yari gutsinda intambara kandi ko Ubushinwa butari kwinjira muri yo. Yari yizeye kandi ko, kubona URSS ico gihe yatera akagere ishirahamwe ONU, vyari kuyiha akarusho, maze igashobora kwumvisha ONU maze ikemera guha Korea y’Epfo imfashanyo ya gisirikare.
Hari kandi ibintu vyinshi vyariko biraba bishingiye kw’itsimbatara n’ikwirakwira ry’intwaro za gikomunista irya n’ino kw’isi, maze bituma intwaro ya Perezida Truman wa Amerika ifata ivyemezo bikomeye.
Bimwe muri ibi vyariko biraba, harimwo URSS kugerageza ibombe ruhonyanganda y’ubumara yayo ya mbere mu 1949; ivyabaye ku mugwa mukuru w’Ubudagi Berlin mu 1948-49, aho ku wa 24 Ruheshi (6) 1948 ingabo z’Abasoviyeti zazibiye ibarabara ry’indarayi, ibarabara ry’ubutaka n’amazi kugira ntihagire icinjira mu gace ka Berlin kegukira ibihugu vy’Uburengero vyari vyishize hamwe (Allies/allied); hamwe kandi n’aho Abakomunista bafatiye ubutegetsi mu Bushinwa mu 1949.
Kubera iki Ubushinwa bwinjiye mu ntambara?
Indongozi y’Ubushinwa, Mao Tse Tung, yari atewe ubwoba n’ivyariko birakorwa n’ishirahamwe ONU hamwe na Reta zunze ubumwe za Amerika.
- Ubushinwa bwari bufise ubwoba ko Amerika yari kubutera
- Mao ntiyashaka gusubira inyuma. Korea ya Ruguru nk’igihugu kigendera ku ntwaro ya gikomunista yabereye inkinzo Ubushinwa
- Amasezerano y’ubucuti n’ugutabarana hagati y’Ubushinwa n’Abasoviyeti ba URSS yasigura ko, nk’incuti, Ubushinwa bwari ku gitsure ca Stalin co gufasha Korea
Kubera iki URSS/USSR yinjiye mu ntambara?
- Vyari mu marangamutima y’Abasoviyeti yo gukwiragiza intwaro ya gikomunista, ari navyo Kim Il Sung yariko aragerageza gukora
- Stalin yashaka kubona intwayo ya gikomunista iriko irakwiragira itarinze kwinjira mu ntambara “y’ikibonane” na Reta Zunze Ubumwe za Amerika
- Kwigarurira Korea y’Epfo vyari gutuma URSS igira ijambo rinini ku mugabane wa Aziya
- Bitumwe n’uko URSS yariko itera akagere ONU, ntivyayishobokera kuzibira iri shirahamwe kuja gufasha muri Korea, ari co gituma yabonye ko ari ngombwa gushigikira Sung
Inkurikizi z’intambara ya Korea
Inyuma y’iyi ntambara, Korea yabandanije icitsemwo ibihugu bibiri. Ino ntambara yaratandukanije imiryango, mu banyamuryango umwe bamwe bisanze ku ruhande rundi rwa wa murongo 38, kandi badashobora kugenderanira canke ngo bavugane
N’aho intambara yahagaze, ingabo za Amerika zagumye muri Korea y’Epfo, ibi bikaba vyateye uburakari reta y’Ubushinwa, kandi bituma haba icuka kibi hagati y’ibi bihugu
Amerika yarashoboye kuzibira Korea y’Epfo ntiyagwa mu minwe y’Abakomunista, ariko ubwoba bwa Amerika bw’uko Abakomunista bari kugenda bigarurira ibindi bihugu bwaragize ingaruka mu migenderanire ya Amerika mu myaka 20 yakurikiye
Ino ntambara yatumye icuka kibi hagati y’icahoze ari URSS n’Ubushinwa ciyongera kuko hagati yavyo hadutse impari zerekeye uwuzategerezwa kuriha uburyo bwakoreshejwe mu ntambara
Ubushinwa bwahavuye bubona ko Ubumwe bw’Abasoviyeti butari reta yo kwizigira kandi ko yasaba vyinshi, maze buca bufata ingingo yo kwigira inyuma kugira ngo ntibuhave bwisanga bugendera kuri URSSS mu myaka yakurikiye iyo ntambara
Mu 1960, Ubushinwa bwaritandukanije n’Ubumwe bw’Abasoviyeti kubera ukutumvikana kuri poritike y’ibi bihugu vyompi, ivyatumye haduka icuka kibi hagati y’ibi bihugu vyompi vya gikomunista
Uku gucanamwo hagati y’Ubushinwa na URSS kwaturutse ku ntambara ya Korea kandi kwarabandanije gushika mu 1989. Amerika ni yo yungukiye muri ya ntambara y’ukwikekana
Ino ntambara yatumye haduka ingendo y’aho iyo igihugu kimwe muri ibi bihugu vya rutura kigize uruhara rutaziguye mu ntambara kanaka, ikindi categerezwa kwinjira mu buryo butaziguye. Bwari bwo bwa mbere ibi bihugu bibiri vya rutura, Amerika na Reta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti, bihangana mu ntambara biciyishije mu kindi gihugu
Ico gihe, Ubushinwa bwagiye kuboneka ko cari igihugu gikomeye kandi cari citeguye guhangana n’Uburengero. Ubwoba bwari mu bihugu vy’Uburengero kwari uko Ubushinwa cari guhava kivamwo igihugu ca rutura kigira gatatu
Ingene ibintu bimeze ubu
Mu binjana bitari bike, Korea yari igihugu kimwe ca kahise kamwe, umuco umwe, ururimi rumwe n’ubwoko bumwe.
Ariko, icatanguye nk’ukugabura igihugu mu gihe gito cagiye kuvamwo intambara yihishije irangwa n’icuka kibi kibandanya gushika ubu.
Gushika ubu, ibi bihugu biracatandukanijwe na rumwe mu mbibe ntajabukwa kw’isi: ikizwi nk’Akarere katarangwamwo ibikorwa vya gisirikare (DMZ) kari ku murongo wa 38.
Muri kino gihe, Amerika ifise abasirikare barenga 28.000 muri korea y’Epfo, mu ntumbero yo kuzibira igitero coza kiva muri Korea ya Ruguru hamwe kandi, hejuru ya vyose, no gutsimbataza inguvu za gisirikare mu buseruko bwa Aziya mu guhangana n’abakeba bayo, nk’Ubushinwa n’Uburusiya.
Kuva mu 1953 habaye amasezerano y’agahengwe - kuri uno wa kane bariko bahimbaza isabukuru y’imyaka70 - abasirikare b’impande zompi babandanya amarondo kuri aka karere.
Ibi bihugu biracagendera kuri aka gahengwe gushika ubu kuko, n’aho birabana urunuka kuva imyaka mirongo, nta ntambara nshasha yeruye irasubira kwaduka.