Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Misire ICBM ya Korea ya Ruguru yari ifise ubushobozi bwo gushika muri Amerika
Na Jean Mackenzie
Umunyamakuru i Seoul
Korea ya Ruguru yarashe igisasu cambukiranya imigabane (missile ballistique intercontinental/intercontinental ballistic missile, ICBM), ifise ubushobozi bwo gushika ku butaka bwa Amerika, nk’uko bivugwa n’umushikiranganji w’Ubuyapani ajejwe kwivuna abansi.
Igisata c’Ubuyapani kijejwe gucungera inkengera kivuga ko ico gisasu ca misire gishobora kuba caguye mu nyanja ku birometero vyababa 210 mu burengero bw'izinga Hokkaido.
Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziriyamiriza iraswa ry’iki gisasu, mu gihe Korea y’Epfo yategetse ko hafatwa ingingo ruhasha zo kwihaniza Korea ya Ruguru.
Ejo ku wa kane, umushikiranganji wa Korea ya Ruguru ajejwe imigenderanire Choe Son Hui yaragabishije ko bazokwihora “bikomeye” ku migambi ya Amerika yo kurondera gushinga imizi muri ako karere.
Uwo musi nyene Korea yarekuye igisasu ca misire kiraswa ku ntera ngufi.
Ibi bibaye inyuma y’inama yo ku wa Mungu hagati ya Perezida Joe Biden wa Amerika, Yoon Suk-yeol wa Korea y’Epfo hamwe n’umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani Fumio Kishida aho bari mu nama muri Cambodge.
Umuvugizi w'inama nkuru ya Amerika ijejwe umutekano Adrienne Watson avuga ko Biden yabimenyeshejwe kandi ko Amerika izovugana n'ibihugu bigenzi vyayo.
Umuhanuzi wa Amerika mu vyo umutekano avuga ko “bazokwihora bari hamwe” mu gihe Korea ya Ruguru yoramuka igerageje ikindi kirwanisho ca nikleyeri kigira indwi kimaze kuvugwa amezi atari make n’inzego zijejwe igendereza za Amerika na Korea y’Epfo.
Korea ya Ruguru imaze kurekura ibisasu vya misire birenga 50 mu mezi abiri aheze, vyinshi bikaba ari ibiraswa ku ntera ngufi.
Ibiraswa ku ntera ndende ntibikunze kugeragezwa, kandi bigeramiye Amerika, kubera izo misire zahinguwe ku buryo zigenda zikoreye ibisasu vy’ubumara zikazoshika aho ari ho hose ku butaka bwa Amerika.
Iki gisasu cikekwa ko ari ICBM carashwe isaha zine n’iminota 15 (10:15) mu masaha ya Korea ya Ruguru, ni ukuvuga isaha cumi n’iminota 15 z’ijoro mu masaha y’Uburundi n’Urwanda, hafi y’umugwa mukuru Pyongyang, nk’uko bivugwa n’abakuru ba gisirikare ba Korea y’Epfo.
Cagurutse gushika ku birometero 6.100 uja hejuru, kikaba cageze ku ntera y’ibirometero 1.000, ku muvuduko ungana n’uw’ikindi yarekuye ku wa 22 z’ukwa gatatu, nk’uko bivugwa n’igisirikare ca Korea y’Epfo.
Umushikiranganji w’Ubuyapani ajejwe kwivuna abansi Yasukazu Hamada avuga ko iyo misire yari ifise ubushobozi bwo gushika muri Amerika kandi ko yoguruka gushika ku birometero 15.000.
Kishida yabwiye abanyamakuru muri Thailand ati: “Twabwiye (Pyongyang) ko tudashobora na gato kwihanganira ibintu nk’ibi”.
Ingendo ya Korea ya Ruguru mu mezi aheze ni iyo kurasa ibisasu vya misire mu kwihora ibikorwa vya gisirikare vya Amerika mu micungararo y’ikigwa ca Korea.
Iriko irahingura ubundi bwoko bwa misire iraswa kure, izwi nka Hwasong-17, ikaba ari ndende gusumba misire za ICBM imaze kugerageza muri kahise.
Abahinga bemeza ko imaze kugerageza kurasa Hwasong-17 incuro zitari nke ariko bikanka, kandi ko Pyongyang itarashobora kuyitunganya neza ku buryo yoguruka gushika aho yagenewe.
Mu ntango za kuno kwezi, igisasu ca ICBM carakwamiye mu nzira, nk’uko bivugwa n’igisirikare ca Korea y’Epfo.
Mu kw’icumi, Korea ya Ruguru yararekuye igisasu ca misire kiraswa kure hejuru y’Ubuyapani, bwari bwo bwa mbere mu myaka itanu.
N’aho yafatiwe ibihano vyayimugaje, Pyongyang yaragerageje ibirwanisho vya nikleyeri incuro zitandatu hagari ya 2006 na 2017, ikaba izwi ko iriko irategura irigira indwi.
Ibandanya kandi yongereza ubushobozi bwayo bwa gisirikare.