Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Korea y’Epfo ifise ubwoba bw’igitero nk’ica Hamas kivuye muri Korea ya Ruguru
- Umwanditsi, Na Jean Mackenzie
- Igikorwa, Umunyamakuru i Seoul
Ku wa mungu, igihe umukuru w’igihugu ca Korea y’Epfo, Yoon Suk-yeol, yakira umushikiranganji wa Amerika ajejwe kwivuna abansi Lloyd Austin muhira iwe, yasavye Austin kuba maso ku gitero ico ari co cose ca Korea ya Ruguru, harimwo n’ibitero vya giturumbuka “bisa n’ivya Hamas”.
Kuva Hamas ijabutse urubibe igakora ibitero vy’ubugome muri Israel ku wa 07 Gitugutu (10), abanyaporitike ba Korea y’Epfo hamwe n’abajejwe kwivuna abansi babigereranije n’ivyo Pyongyang (umugwa mukuru wa Korea ya Ruguru) ishobora gukorera Korea y’Epfo.
Mu kwezi guheze, umukuru w’ihuriro ry’abakuru b’ibisata vy’igisirikare ca Korea y’Epfo yavuze ko nimba Pyongyang yoba ifise imigambi yo gutera Korea y’Epfo muri kazoza, hari ivyemezo vy’uko “ishobora gukora ibisa n'ivya Hamas”.
Ariko none, ubwo Korea y’Epfo yoba iri mu vyago vyo guhura n’igitero nk’iki, canke izi ndyane hagati ya Israel na Hamas zoba zayihaye impamvu yo gukomeza igisata cayo co kwivuna abansi no gukarira cane Korea ya Ruguru?
Igitero ca Hamas kuri Israel, aho ibisasu vya muzinga vyarashwe ku butaka bwayo mu gihe abarwanyi bayo nabo bari bateye, ni akarorero nyako k’igitero c’uruvangatirane (guerre hybride/ hybrid warfare).
Ryu Sung-yeop, umushakashatsi ku kigo 21st Century Military Studies Institute, avuga ko Korea ya Ruguru isanzwe imenyereye cane ubwoko bw’iyi ntambara, akongerako y'uko ari nka hamwe yoramuka ikoze iki gitero c’uruvangatirane, Seoul (umugwa mukuru wa Korea y’Epfo) yogira ingorane.
Mu gihe Hamas yarashe ibisasu 5000 muri Israel mu masaha ya kare yo ku wa 07 Gitugutu, vya muzinga vya Pyongyang bishobora kurekura ibisasu vyababa 16.000 kw’isaha. Mu ntumbero yo guhangana n’iki kibazo, Seoul iriko irahingura ibirwanisho vyo kuzibira ibisasu vya misire, bisa na Iron dome/Dome de fer za Israel.
Hanyuma kandi, nk’uko bimeze kuri Hamas muri Gaza, bikekwa ko Korea ya Ruguru na yo nyene yoba yarubatse amayira n’inzu zo mu kuzimu, zimwe zikaba zica muri ka karere katagira ingabo gatandukanya ibi bihugu (zone démilitarisée/Demilitarised Zone, DMZ), zishobora kubikwamwo ibirwanisho zikongera zikanakoreshwa mu gitero.
None koko Korea ya Ruguru irashobora gutera Korea y'Epfo?
Kuva imyaka mirongo, Korea ya Ruguru yamye yiteze igitero gishobora kuva muri Korea ya Ruguru, mu gihe icuka kibi hagati y’ibi bihugu ari kinini.
Hagati aho, igitero gikomeye cabaye mu myaka 13 iheze, aho abasirikare barashe ibisasu muri Korea y’Epfo, bakica abasirikare babiri barwanira mu mazi hamwe n’abasivire babiri.
Abahinga mu bijanye n’umutekano bavuga ko imikenyuro ya Korea ya Ruguru yateye imbere kuva ico gihe, bigasigura ko intumbero y’intambara ubu itoba ikiri iyo gusenyura urubibe, ahubwo gusambura Seoul.
Hong Min, umushakashatsi mukuru kuri Korea ya Ruguru ku kigo Korea Institute for National Unification, avuga ati: "Mu gihe Hamas igendera ahanini mu bisasu vya muzinga biraswa ku ntera ngufi, Korea ya Ruguru ifise ibirwanisho vy’ubwoko butandukanye kandi bishobora kuraswa ku ntera ndende. Ifise ubushobozi buruta kure cane ubwa Hamas”.
Muri ino myaka ya vuba, Pyongyang yibanze cane cane ku kwongereza ibirwanisho vya nikleyeri, aho ivuga ko yahinguye misire zishobora kwikorera ibisasu vya nikleyeri bikoreshwa mu ntambara. Ibi bisigura ko ubu atari nkenerwa ko Korea ya Ruguru ikoresha imikenyuro nk’iya Hamas, nk’uko bivugwa na Cho Seong Ryul yahoze ari umuhanuzi wa reta mu bijanye no kwivuna abansi.
Ati: "Korea ya Ruguru ni igihugu cikukiye, gifise igisirikare caco n’ibirwanisho vya nikleyeri".
Cho, ubu akaba ari umwigisha w’ivya gisirikare kw’ishure kaminuza ya Kyungnam, abona kandi ko abanya-Korea ya Ruguru “badakeneye kuja mu ntambara ubu”, kuko basanzwe bafise igihugu cikukiye.
Uretse ivyo, Korea y'Epfo na Amerika bagumye bashimangira ko igitero ico ari co cose kuri Korea y'Epfo coba intandaro yo kurangiza ubutegetsi bwa Kim, mu gihe umwitwarariko wa Kim Jong Un uruta ibindi vyose wamye na ntaryo ari uko ubutegetsi bwiwe bwomara kabiri.
Hanyuma kandi, igitero kuri Israel catumye reta ya Korea y’Epfo igendera ku mico ya kera yibaza nimba koko umutekano ku rubibe rwayo utsimbatajwe uko bitegerezwa.
Iyi reta yarafashe umurongo ukaze kuri Korea ya Ruguru, aho yashize imbere ugukomeza igisirikare kandi ikagabisha ko izotegerezwa kwihora aho gushira imbere ibiganiro.
Cane cane, iranegura amasezerano ya gisirikare yateweko igikumu na Korea ya Ruguru n’iy’Epfo mu 2018 yari afise intumbero yo kuzibira imishamirano n’ibitero ku rubibe.
Ano masezerano yatumye hashingwa akarere ata ndege yemerewe kugacamwo (no-fly zone/ zone d'exclusion aérienne), akabuza impande zompi kugurura indege za gisirikare canke ibikoresho vya maneko hafi y’urubibe.
Shin Won-sik aherutse kugenwa kuba umushikiranganji wo kwivuna abansi yasavye ko ano masezerano yofutwa kugira ngo za ndege zitagira abadereva (drone) zishobore gucungera Korea ya Ruguru.
Inyuma y’igitero ca Hamas, Shin yagize ati: "Amasezerano ya gisirikare ya 2018 yagabanije cane ubushobozi bwacu bwo kugenzura no kuneka”.
Yongerako y’uko iyo Israel iba yaracungereye neza urubibe rwayo na Gaza itari gusinzikara cane.
N’aho Korea ya Ruguru imaze guhonyanga ano masezerano incuro zitari nke kuva mu 2018, imishamirano yaragabanutse ku buryo abahinga bamwe babona ko kuyafuta vyotuma icuka kibi ciyongera hagashobora kwaduka intambara.
Hong Min avuga ati: "Gufuta ano masezerano birashobora gukomeza gato igenzurwa ry’urubibe, ariko atari cane”.
Hong avuga ko icokwibandwako ahubwo ari ukubuza Korea ya Ruguru gutera. “Kugeza ubu, nta kintu na kimwe igihugu ico ari co cose cokora ngo cirinde burundu ibirwanisho vyose vya Korea ya Ruguru mu gihe yofata ingingo yo kubirekurira rimwe nk’uko Hamas yabikoze”.