RD Congo: Amerika ntiyishimiye ibivugwa na M23 ko yavuye muri Uvira - umutegetsi

Abarwanyi ba M23 bafise inkoho, bambaye n'umwambaro wa gisirikare

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, M23 yari yigaruriye Uvira ku wa 10 Kigarama inyuma y'intambara zikarishe

Ubutegetsi bwa Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika buvuga ko butishimiye ukungene M23 ivuga ko yavuye mu gisagara ca Uvira, inyuma y'uko ku wa kabiri humvikanye amasasu mu micungararo y'iki gisagara.

Ku wa 10 Kigarama (12) niho uno muhari wigarurira iki gisagara kitari kure y'umugwa mukuru w'ubutunzi w'Uburundi, Bujumbura, ata misi ihaciye Perezida Félix Tshisekedi wa Repubulika ya Demokarasi ya Congo hamwe na Perezida Paul Kagame w'Urwanda bateye igikumu ku masezerano y'amahoro, bahagarariwe na Perezida Trump.

Inyuma y'uko umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire, Marco Rubio, avugiye ko ibikorwa vy'Urwanda mu karere k'ubuseruko bwa RD Congo bihonyanga ayo masezerano y'amahoro, M23 ntiyatevye gutangaza ko yari igiye kuva muri iki gisagara kugira ngo ihe amahirwe umugambi w'amahoro.

Ifatwa ry'iki gisagara ryariyamirijwe bikomeye n'ibihugu vy'uburengero, mbere Amerika yoyo ikaba yarwagirije ko ruriko rushora akarere mu ntambara, mu gihe rwagirizwa ko ari rwo rufatiye umuriro M23.

Reta ya Paul Kagame yamye yiyamiriza ivyo yagirizwa, ikavuga gusa ko yafashe ingingo zo kwikingira ingaruka z'iyo ntambara ibera mu buseruko bwa RD Congo.

Mu gihe abarongoye M23 bavuga ko abarwanyi bayo bose bavuye muri Uvira, Washington (ubutegetsi bwa Amerika) ivuga ko itemera ko uyo muhari wavuyeyo rwose, nk'uko umutegetsi wo hejuru yabibwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters.

Uyo mutegetsi avuga ko aba barwanyi babandanya bibonekeza mu micungararo ya Uvira.

Ni mu gihe abarongoye igisirikare hamwe na reta ya Kinshasa bavuga ko ivy'uko M23 ivuga ko yavuye muri Uvira ataho bihuriye n'ibiri ku rubuga.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ku wa kabiri, mu gihe hari hategekanijwe imyiyerekano ivugwa ko yari iyo gushigikira ko M23 itova muri ico gisagara, bamwe mu baba i Uvira babwiye Reuters ko bamwe mu barwanyi ba M23 ari yo bakiri, bakuye umwambaro w'igisirikare bakambara uw'igipolisi.

Kubera iyo myiyerekano, umwe mu baba muri ico gisagara yavuze ko humvikanye inkoho n'amasasu, ariko bikaba bitazwi ivyariko biraba, gusa abarwanyi ba Wazalendo bifatanije n'igisirikare ca RD Congo bari batangaje ko bari gukora ibishoboka kugira babuze iyo myiyerekano.

Haraciye imisi havugwa imyiyerekano mu bisagara bitandukanye vy'intara za Kivu ya Ruguru na Kivu y'Epfo vyigaruriwe na M23, harimwo Bukavu, Rutshuru, Goma, Kamanyola, Sake, na Uvira nyene.

Abayirimwo baboneka bafise ivyapa vyanditseko amajambo ashigikira umuhari M23, bavuga ko wabazaniye amahoro n'umutekano aho wigaruriye.

Iyi myiyerekano yiyamirizwa na reta ya Kinshasa iyifata ko "yateguwe n'inyeshamba za M23 ziri kumwe n'ingabo z'Urwanda", zikayihatiramwo abantu nk'umukenyuro wo kwerekana ko yemewe n'abanyagihugu, nk'uko biri mw'itangazo ubushikiranganji bujejwe kumenyesha amakuru bwaraye busohoye.

Iri tangazo ryagiriza M23 ko iriko ikoresha abanyagihugu ku nyungu zayo za poritike no mu kubagira ibikoresho.

"Reta yibutsa ishimitse ko igikorwa ico ari co cose co gukoresha Abanyekongo nk'inkinzo canke ibikoresho vy'ukwiyamamaza ku nyungu z'igihugu cigaruriye ubutaka, ari uguhonyanga bikomeye ubusugire bw'igihugu, kandi kikaba ari agasuzuguro karenze urugero k'agateka ka muntu".

Umurwi wa AFC/M23 uvuga ko iyo myiyerekano ikorwa n'abanyagihugu ku gushaka kwabo, ko atawe bahatira kuyijamwo.

Kuva mu ntango z'uno mwaka, intambara zariyongereye cane, aho M23 yigaruriye uturere tutari duke, harimwo n'ibisagara vya Goma na Bukavu, imigwa mikuru ya Kivu ya Ruguru na Kivu y'Epfo.

Ifatwa rya Uvira, igisagara kigira kabiri ca Kivu y'Epfo, ku wa 10 Kigarama, yari iyindi ntambwe idasanzwe kuri M23, ariko yatumye abihweza ibintu n'ibindi bakaba bavuze ko kari agasuzuguro kuri Perezida Trump wa Amerika.

Goma, Bukavu na Uvira

Gushika ubu, utwigoro two kurangiza iyi ntambara yasubiye kwaduka mu mpera za 2021 ntaco turashikako, mu gihe ibiganiro bibera i Doha muri Qatar hagati ya reta ya Kinshasa na M23 bitarashika ku mwumvikano.

Hagati aho, izi ntambara zikarishe zadutse mu ntango za Kigarama zatumye ibihumbi n'ibihumbi bata izabo, abatari bake bagahungira mu Rwanda no mu Burundi.

Ivyemezo vy'umurwi w'abahinga ba ONU vyagiye vyerekana ko Urwanda rufashe mu mugongo M23 mu kuyiha abasirikare, ibikoresho n'amabwirizwa.

Iyo iramutse yagirizwa ibi, Kigali ntihengeshanya kwerekana ko ubutegetsi bwa Kinshasa ari bwo ntandaro ya vyose, imwe mu mpamvu ishira ahabona ikaba ari umuhari FDLR ivuga ko ushigikiwe na Kinshasa.

Ivyemezo vya barya bahinga ba ONU kandi vyagiye vyerekana ko Kinshasa ikorana n'umugwi wa FDLR, ivyo ubutegetsi bwa Tshisekedi vyahakanye kandi bukagabisha ko umusirikare uwo ari we wese yokorana nayo, ko amenyekanye yofatirwa ibihano.