Uburundi na RD Congo vyagiriza Urwanda ko ruriko rutoba amasezerano yo guhagarika intambara

Ahavuye isanamu, RTNB
Uburundi buragiriza Urwanda ko ari rwo rubandanya rutera ibirindiro vy'abasirikare babwo barungitswe mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo, kandi ko igihugu kidashobora kurera amaboko mu gihe kizobandanya giterwa.
Imbere y'abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi ejo ku wa mbere, umushikiranganji w'imigenderanire y'Uburundi n'ayandi makungu Edouard Bizimana, ntiyaciye iruhande mu kwemeza ko Urwanda rwateye ibirindiro vy'abasirikare b'Abarundi bagiye gufasha RD Congo kurwanya imirwi y'inyeshamba irangwa mu buseruko bw'iki gihugu, irimwo n'umurwi wa AFC/M23 urwanya ubutegetsi bwa Kinshasa.
Nta co reta y'Urwanda irashikiriza kuri ibi birego, mbere n'umushikiranganji ajejwe imigenderanire ntarishura ku butumwa bwa BBC Gahuzamiryango imusaba kugira ico abivugako.
Ivyegeranyo vy'abahinga ba ONU vyagiriza Urwanda gufasha M23 mu kuyiha ibikoresho, abasirikare n'amategeko. Urwanda rubandanya rubihakana, ruvuga gusa ko rwafashe ingingo zo gukingira imbibe zarwo.
Umushikiranganji Bizimana, ata cemezo atanze, yavuze ko intumbero y'ibi bitero bikomeye bivugwa mu turere tw'intara ya Kivu y'Epfo ari uko Urwanda na M23 bipfuza kuba bafashe igisagara ca Uvira imbere y'uwa 25 Kigarama (12) uno mwaka wa 2025.
Ni inyuma y'uko mu mpera z'indwi iheze umuvugizi w'igisirikare ca RD Congo (FARDC) yagirije igisirikare c'Urwanda ko congereje ibitero vyaco mu ntara ya Kivu y'Epfo, congera kirekura n'ibisasu vya muzinga, avuga ko vyarasirwa mu Bugarama hafi y'igisagara ca Kamanyola muri Congo kiri ku mbibe iki gihugu gihana n'Uburundi be n'Urwanda.
Ni na vyo Perezida Félix Tshisekedi yaraye asubiyemwo mw'ijambo yaraye ashikirije imbere y'inama nshingamateka na nkenguzamateka ku mugwa mukuru Kinshasa.
Avugana n'abanyamakuru inyuma y'uwo mubonano, umushikiranganji Bizimana yavuze ko n'imbere y'uko amasezerano y'amahoro hagati ya RD Congo n'Urwanda aterwako igikumu i Washington muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku wa kane w'indwi iheze, intambara zitahagaze kuko "Urwanda rwagumye rurunda abasoda barwo, rufata ibirindiro".
Yabwiye abanyamakuru ko abasirikare b'Urwanda bagumye bagerageza kumena ibirindiro vy'ingabo z'Uburundi ariko akemeza ko ingabo z'Uburundi zahagaze neza zirabirukana, ariko akavuga ko bagarutse mu nyuma baciye i Kimanyola. BBC ntiyashoboye kugenzura mu buryo bwigenga ivyo avuga.
Umushikiranganji Bizimana yagize ati: "Twarabonye amakamyo menshi yinjira ava mu Rwanda arimwo abasoda, ubwa mbere haje amakamyo 17 yuzuye abasoda…ayandi makamyo ashika 22 na yo nyene yarajabutse umupaka uva i Bugarama uja muri Congo."
"Kuva itariki 2 Kigarama, niho baca batangura gutera ibirindiro vya zirya ngabo zacu ziri gufasha Congo."
Barondera gufata Uvira imbere y'uwa 20 Kigarama – Bizimana
Umushikiranganji Bizimana amenyesha ko ingabo z'Urwanda zariko zica ku biti no ku mabuye kugira ngo isinywa ry'amasezerano ryo ku wa 4 Kigarama 2025 ribe bamaze gufata "Luvungi na Uvira, ariko ntivyaboroheye, ingabo zacu zarahagaze neza zirarwanya umwansi".
Avuga kandi ko Urwanda rwabandanije rwongereza inguvu mu kwinjiza abandi basoda, no gukoresha ibirwanisho bikomakomeye harimwo "na za ndege zitajamwo abadereva [drone], batera ibisasu mu banyagihugu, barica abantu benshi, bituma mbere abandi bahunga".
Ati: "Ikibababaje ni uko imirwano yabayemwo inguvu nyinshi twari i Washington duhagarikiye isinywa ry'aya masezerano; rero duca tubona ko hariho ivyo gusamaza kuko, nubwo ano masezerano yasinywe, ntiyabujije ko intambara zibandanya."
Yagiriza Urwanda ko ruriko rwerekana ko Uburundi ari bwo ntambamyi kuri ano masezerano, ruvuga ko ingabo z'Uburundi ziri muri Congo ari zo zibuza ko ano masezerano aja mu ngiro.
Ati: "Ivyo rero si vyo kuko n'imbere y'uko asinywa baciye batangura kurasa cane rwose kugira ngo ayo masezerano aje gusinywa bamaze gufata Uvira, ariko ntivyakunze.
"Rero uwo mugambi uracahari kuko n'ubu indwano irabandanya; bavuga y'uko bashaka gufata Uvira hanyuma bamanuke imbere y'itariki 25 z'ukwezi kwa 12."
Avuga ko Urwanda rusaba ko abasirikare b'Uburundi bavayo, ariko ko badashobora kuvayo "mu gihe igikorwa cabajanye kitarahera, kandi twagiye twumvikanye na reta ya Congo: Abarundi barafise uburenganzira bwo kuja aho ari ho hose muri Congo gushika igihe ayo masezerano [hagati ya RD Congo n'Uburundi] atazoba akiri mu ngiro".
Ati: "Igihe ayo masezerano azoba akiri mu ngiro, nta n'umwe kiretse reta ya Congo ishobora kutubwira iti: 'Va muri Congo.'"
AFC/M23 ntibaho ata bufasha bw'Urwanda – Bizimana
Umushikiranganji Bizimana avuga ko Abarundi bose biteguye "gukingira igihugu cacu" no kwubahiriza amasezerano Uburundi bufitaniye n'ibindi bihugu harimwo na RD Congo.
Avuga kandi ko reta ishigikiye umuntu wese yoza "arondera gutsimbataza amahoro muri kano karere kugira ngo izi ngwano z'urutavanako duterwa n'igihugu kibanyi zihagarare".
Ati: "Nta kindi atari co, ntibazobabeshe, barya bavuga ngo AFC/M23, barya ata bufasha bw'Urwanda bafise, ntibikunda.
"Mwarumvise ko binjije basoda benshi gutera za Kamanyola, abasoda barenga 8000 baza biyongera ku bari basanzwe bahari, kandi n'ubu baguma bazana abandi."
Umuhari wa M23 uhakana gufashwa n'Urwanda. Uno muhari, usanzwe ugizwe ahanini n'Abatutsi bo muri Congo, uvuga ko urwanira kurenganura ubwo bwoko bugafatwa nk'abandi Banyekongo.
Abajijwe icakozwe ku kibombe giherutse kugwa muri zone Rugombo y'icahoze ari intara ya Cibitoke, ubu ni intara ya Bujumbura, umushikiranganji Bizimana yishuye ko ikintu cose kizoza gihungabanya umutekano w'Abarundi canke gitera abasoda b'Uburundi kidashobora kwihanganirwa.
Ati: "Twebwe twabivuze, nta ngwano dushaka, twipfuza kubana n'ababanyi neza, mugabo uwuzotuvogera tuzomwivuna ata gisivya."
Imigenderanire hagati y'Urwanda n'Uburundi ntiyifashe neza kuva mu 2015 aho haba igerageza ryo gutembagaza ubutegetsi mu Burundi, aho reta ya Gitega yagiriza Urwanda gushigikira abashatse gutembaza intwaro ico gihe.
Uburundi kandi bwagiriza Urwanda gufata mu mugongo umuhari wa RED-Tabara urwanya ubutegetsi bw'Uburundi ukoresheje ibigwanisho, uvugwa ko ufise ibirindiro mu buseruko bwa RD Congo. Urwanda na RED-Tabara barabihakana.
Ni umugambi wo kwiba amatungo kama yacu – Tshisekedi

Ahavuye isanamu, Présidence RDC
Ejo nyene, Perezida Tshisekedi na we yasubiye kwagiriza Urwanda ko ari rwo rubandanya intambara inyuma y'amasezerano we na Perezida Paul Kagame w'Urwanda bateyeko igikumu ku wa kane w'indwi iheze.
Mw'ijambo yaraye ashikirije inama nshingamateka na nkenguzamateka zikoranye, Perezida Tshisekedi ntiyaciye irya n'ino mu kwagiriza iki gihugu kibanyi kimaze gihanganye na RD Congo ko kitatevye guhonyanga aya masezerano.
Ati: "Nubwo dufise ubugwaneza kandi duherutse kwemeza aya masezerano, dutangazwa no kubona ingene Urwanda ruza rwatanguye kurenga ku vyo rwiyemeje.
"Bukeye aya masezerano yaraye asinywe, ingabo z'igisirikare c'Urwanda zakoze zongera zishigikira ibitero vy'ibisasu bikomakomeye vyarasirwa mu gisagara ca Bugarama mu Rwanda, vyateye akaga kenshi ku bantu no ku bintu, cane cane mu turere twa Kaziba, Katogota na Lubarika, mu ntara ya Kivu y'Epfo, bibabihonyanze amasezerano yo guhagarika intambara."
Nta co reta y'Urwanda irashikiriza kuri ibi birego, mbere n'umushikiranganji ajejwe imigenderanire ntarishura ku butumwa bwa BBC Gahuzamiryango imusaba kugira ico abivugako.
Tshisekedi yavuze ko intambara irangwa mu buseruko bwa RD Congo atari na gato intambara iva hagati mu gihugu, ko ahubwo ari intambara yavuye hanze mu ntumbero yo kwiba umutungo kama w'igihugu ciwe.
Ati: "Ntihagire uwuhendwa, iyi si intambara hagati y'imiryango canke intambara yindi ya kanyeshamba yo hagati mu gihugu, ni igitero gicishijwe ku bandi, gifise intego yo kutwaka ubwigenge bwacu mu karere gakomeye cane, gatunze ubutare buronderwa cane, kandi gafise akarusho kadasanzwe mu vy'ubutunzi muri kazoza k'igihugu cacu.
"Intego y'ibi irazwi neza, ni umugambi wo kwiba amatungo kama yacu no guhungabanya inzego zacu, uherekejwe n'ihonyangwa rikomeye ry'agateka ka zina muntu, ubwicanyi ndengerabutungane bw'abasivire b'inzirakarengane, ugufata ku nguvu nk'uburyo bwo kurwana intambara, no kwirukana abanyagihugu mu matongo yabo."
Yashimagije igisirikare, igipolisi hamwe n'abarwanyi b'ihuriro rizwi nka Wazalendo ku bikorwa avuga ko bidasanzwe mu guhangana "bikomeye n'uwaduteye hamwe n'abafasha biwe".
Ati: "Baratesheje ibitero vyinshi bikomeye vy'umwansi, bongera baragarura umutekano ku mihora kirumara, bagarukana umutekano mu turere dutuwemwo n'abanyagihugu benshi, bongera bakingira imihora icishwamwo imfashanyo y'ubutabazi."
Umuhari M23, uri mu runani AFC/M23, wasubiye gutanguza intambara mu mpera za 2021, gushika ubu ukaba ufise uduce tutari duke tw'intara za Kivu ya Ruguru na Kivu y'Epfo, harimwo n'imigwa mikuru yazo, Goma na Bukavu.
Utwigoro two kurangiza iyi ntambara yasubiye kwaduka mu mpera za 2021 nta co turashikako.
Inyuma y'utwigoro twa Nairobi na Luanda mu 2022 na 2023 twananiwe guhagarika intambara, ubu hagezweho Doha mu biganiro hagati ya reta na AFC/M23, hamwe n'amasezerano ya Washington hagati ya reta ya Congo na reta y'Urwanda.
Ku wa kane w'indwi iheze i Washington, Perezida Tshisekedi na Perezida Kagame, bahagarariwe na Perezida Donald Trump wa Amerika, bateye igikumu ku masezerano yo guhagarika intambara.
Hagati aho, imbere n'inyuma y'isinywa ry'aya masezerano, intambara zikarishe ni zo zirangwa mu kiyaya c'uruzi Rusizi.
Ni intambara zimaze guhitana abantu batari bake, zituma abandi benshi bahunga, aho n'umushikiranganji w'Uburundi ajejwe imigenderanire avuga ko bamaze kwakira abatari bake biyongera ku bandi barenga 100.000 bari basanzwe bari mu buhungiro muri iki gihugu.













