'Iyo turyamye tunyagirwa nk'inkoko' – Imbere mw'ikambi y'impunzi z'Abanyecongo i Cishemere mu Burundi

- Umwanditsi, Patrick Wasso
- Igikorwa, Cishemere - Cibitoke
- Igihe co gusoma: iminota 3
"Iyo imvura iguye iguye tunyagirwa nk'inkoko. Ubuzima tubayemwo ni bubi cane. Inda zo mu mpuzu ziraturembeje kubera isuku nke dufise kuko tuguma mu mpuzu imwe kuva tuvuye iwacu".
Ivyo bishikirizwa na Neema Amosi uba mu ikambi y'imfatakibanza ya Cishemere muri ya Cibitoke mu Burundi, ahatari kure cane y'urubibe na RD Congo.
Neema aba mu karuri k'imetero 2/2 kubatswe n'ivyatsi gasakaje isashe yirabura ishaje kuko wewe ntiyagize amahirwe yo kuronka ihema, akabanamwo n'abana batanu, n'uwundi mubanyi bazananye bava hakurya i Luvungi muri Congo.
Mu kibanza gishikiramwo abahunga ca Cishemere hari impunzi z'Abanyecongo zishika 8.500 zigumishwa ngaha mu gihe zirindiriye kujanwa mu nkambi nyezina nka Busuma mu Ruyigi
Mu Burundi hari impunzi z'abanyekongo zirenga ibihumbi 70, ni inyuma y'uko mu kwezi kwa Kigarama(12) mu mwaka uheze, abarenga 90,000 bahunze imirwano yabera ahanini mu duce tw'inkengera za Uvira nka Luvungi n'ahandi.
Kuwa gatatu, impunzi zikiri mu kibanza ca Cishemere zaragenderewe na Hadja Lahbib komiseri mukuru w'ishirahamwe rya Bulaya ajejwe ubutabazi mu rugendo arimwo muri RD Congo, mu Burundi no mu Rwanda.
Iki kibanza ca Cishemere yasuye, ni ahantu hazitijwe n'amabati. Abari muri iyo kambi ntibemerewe gusohoka, naho hari abemererwa kwicara imbere y'amarembo y'iyo kambi.
Winjiye imbere ubona ubundi buzima. Inzu zubatswe n'amatafari ahiye zinasakaye ziri kumwe n'amahema canke udusa n'utururi tw'ivyatsi izo mpunzi zashoboye kwiyubakira kuri uyo musozi kubera kubura ikibanza mu ma bibandahori (hangars) vyubatswe kugira bibakire.

Uko wegera imbere niko ubona abana, abakuze n'abatama bifumbereje barindiriye ko uwinjiye wese yoba aje nk'umugiraneza.
Faida Bizizi w'imyaka 65, yahunze ava i Lubarika. Yabwiye BBC ati: "Narabonye ibintu vyinshi cane mu buzima, ariko iyi ntambara yatumye mpunga yari ikaze cane. Nahunze nikoreye abana banje, dusimba ibiziga. N'ubu ndacavyibuka. Nageze aha kuva itariki 15 z'ukwezi kwa 12 muri 2025".
Hadja Lahbib ari hano, yaravye ingene izi mpunzi zibayeho, nyuma agira ati: "Turasavye aba bose bashamiranye mu buseruko bwa Congo Kinshasa kwubahiriza amasezerano yo guhagarika ingwano. Bahe agahengwe aba bose bama bariko barahunga".
Mu butumwa bari bakeneye cane kwumva, yagize ati: "Sinaje ngaha gusa. Nabazaniye akabahasha k'imilyoni 4 z'ama euros kugira aze gufasha izi mpunzi".
Faida Bizizi avuga ko bagishika aha Cishemere "batugaburira rimwe ku musi umuceri n'ibiharage. Navyo twabironka nk'isaha indwi canke umunani z'umuhingamo."
Ibi ubu vyarahindutse kuko bahabwa umutsima n'ibihagarage gusa rimwe ku munsi.

Igikomeye kuri izi mpunzi ni uko abana ata mashuri bajaho, ibi bituma birirwa aho bateze amaboko.
Freddy Kassim Kashindi, afise imyaka 24. Avuga ko ati: "Ndara muri hangar hariya muri Chicago niko twahise. Hagar igenewe abantu 60, tuharara turi abarenga 100. Imvura iguye turara duhagaze."
Irène Roza umukobwa w'imyaka imyaka 17 utajya kw'ishure, avuga ati: "Abakobwa tubayeho nabi. Dufungura rimwe ku musi kandi nabi. Hageze igihe tuja mu kwezi ni ayandi magorwa kuko ntituronka twa dukoresho tw'isuku. Turimenya uko tubigenza ariko murumva ko bitoroshe."
Izi mpunzi ntizirasubira mu gihugu cazo kuko zitizeye ko amahoro yagarutse, mu gihe kandi mu karere zahunze hamwe na hamwe hakivugwa imirwano ya hato na hato.












