"Kwugurura umupaka wa Gatumba ntimugire ngo ni ejo" -Umunyamabanga mukuru wa CNDD FDD

Ahavuye isanamu, CNDD-FDD
Umunyamabanga mukuru wa CNDD FDD uri ku butegetsi mu Burundi yabwiye Abarundi ko batokwitega ko umupaka wa Gatumba ugiye kwugururwa ubu vuba.
Révérien Ndikuriyo yabivugiye mu kiganiro yahaye abemenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya kabiri Nzero(1) mu 2026.
''I Buvira [Uvira] hugarwa nk'i Gasenyi, hugarwa nko ku Ruhwa [imbibe n'Urwanda]. Ntimuze muravuga ngo ejo nzoja i Buvira, gukora iki?'', ni ko Reverien Ndikuriyo yavuze muri ico kiganiro yaremesheje ari imbere y'abanywanyi benshi b'umugambwe CNDD-FDD.
Urubibe rwa Gatumba mu Burundi rurabana n'igisagara ca Uvira co mu ntara ya Kivu y'Epfo muri Repuburika ya Demokarasi ya Congo.
Uwo mupaka uzwi muri Congo nk'uwa Kavimvira, buri munsi wacako abantu benshi n'ibidandazwa vyinshi hagati y'ibihugu vyompi.
Mu kwezi guheze, Uvira yarigaruriwe n'umugwi wa M23 ugwanya reta ya Congo, uvugwa ko ufashe mu mugongo n'Urwanda, ivyo ico gihugu gihakana.
Urwanda ruvuga gusa ko rwafashe ingamba z'ubwirinzi.
Haheze iminsi mike umuhari wa M23 wavuze ko wavuye muri ico gisagara ca Uvira kandi ko vyakozwe ku busabe bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Amerika.
Congo yo iguma yemeza ko uwo muhari utigeze uva muri ico gisagara.
Ico gisagara cafashwe inyuma y'iminsi mike abakuru ba Congo n'Urwanda bashize umukono ku masezerano y'amahoro ku buhuza bwa Amerika.
Reverien Ndikuriyo we yanavuze ko M23 atari yo yari yafashe Uvira ahubwo ko yafashwe n'Urwanda.
Yagize ati: '' Ibi vya Uvira, nababwiye ko ari Urwanda. Ntiwabonye umusi bafata Uvira, ntimwabonye ko ari imodoka z'Urwanda zazanye ama vedettes [ubwato buto buto bunyaruka] yo mu mazi? Nta yo mwabonye? Zazanye M-23? Acha[Reka] sha. Ni urwanda. Uvira si M-23 yafashwe n'Urwanda''.
N'umukuru w'Uburundi Evariste Ndayishimiye yari amaze iminsi yagiriza Urwanda guhungabanya umutekano w'akarere.
Twashatse kumenya ico reta y'Urwanda ivuga kubimaze iminsi bivugwa n'abategetsi b'Uburundi ariko nta co yashimye kubivugako.
Umukuru w'umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi mu Burundi yavuze ko babandanya babaza ivy'amasezerano y'amahoro hagati ya Congo n'Urwanda.
"N'ubu turacabaza, amasezerano avuga iki? Amerika niyavuga ngo vyananiye, ivyo nahagarariye vyananiye ni mwibeko. Aho duca tumenya uko ibintu bipanze kandi bizomera neza", ni ko Reverien Ndikuriyo yabandanije avuga.
Ingabo z'Uburundi ziracari muri Congo.
Reverien Ndikuriyo yemeje ko ingabo z'Uburundi zikiri muri Congo aho zarungitswe gufasha reta y'ico gihugu kurwanya imigwi yitwaje ibigwanisho harimwo na M23 n'iyindi migwi yitwaje ibigwanisho y'Abarundi ifise ibirindiro aho muri Congo.
''Ingabo z'Uburundi ntizavuye muri Congo kuko turafitaniye amasezano na Congo. Ama 'documents' akiriho tuvuga ko tukiriyo. Tugifise amasezerano na leta ya Kongo tuvugako turiyo. Erega nabasoda bacu bagiye muri Congo si twe tubatwara. Batwarwa na leta ya Congo. Amasezerano akiriho n'uko tuba tukiriyo. Aya masezerano ni nde azoyakura kandi ari hagati ya leta zibiri. Ikindi n'uko abakongomani bishimira abarundi rwose. Amasezerano dufise aha mu biro [bureau] atubwira ko Congo ari muhira. Tugiye tugenda amenya. Vyose biranditse".
Igihe yinjira muri Uvira, M23 yavuze ko hari ingabo nyinshi z'abarundi zafashwe, ivuga ko yariko iravugana na reta y'Uburundi kugira zisubizwe.Nta gitigiri cazo cigeze kimenyekana, n'uko zoba zarasubijwe ntibiramenyekana.
Uburundi ntibwatangaje igitigiri c'ingabo bwarungitse muri Congo ariko umwigisha wa kaminuza muri Canada akaba n'umuntu akurikirana cane ibibera mu karere k'Ibiyaga binini Jason Stearns avuga ko barenga ibihumbi 10.000.
Profeseri Stearns yavuze ko ifatwa rya Uvira ryabaye akaga ku Burundi kuko bwatakaje inzira ikomeye ibushikana ku rugamba n'umupaka ukomeye mu ruja n'uruza rw'abantu n'ibintu. Ubu inzira isigaye n'iyo guca mu kiyaga Tanganyika.










