Yahawe indishi kubera gusiramurwa atabikeneye

Terry Brazier
Insiguro y'isanamu, Terry Brazier yagiye ku bitaro Leicester Royal Infirmary kwiteza umuti mu ruhago nk'uko bisanzwe.

Umugabo yasiramuwe biciye mu makosa igihe yari yagiye ku bitaro kwisuzumisha bisanzwe uruhago yarishwe indishi y'akababaro y'amafranga y'abongereza 20,000.

Terry Brazier yarazi ko agiye guterwa umuti uha ubushobozi uruhago igihe yaja ku bitaro vya Leicester Royal Infirmary mw'ici riheze.

Ariko harabaye amakosa inyuma y'aho Brazier yabwiwe ati : ''Utubabarire , twagusiramuye.''

Ibitaro vyavuze ko bisavye imbabazi cane kandi vy'ukuri.

Uyo mugabo w'imyaka 70 yavuze ko bamaze kubikora yarindiriye amasaha abiri kugira bamumenyeshe iyo nkuru.

Yagize ati : '' Oh niko mwakoze?''

Yongeye agira ati: ''Nari kuvuga iki ? Naguye mu gahundwe , sinashobora kwemera ivyo bariko barambarira''.

Ntibikabe

Iryo kosa ryari iryo nokwita nti ''ntirikabe'', kuko ari rinini, rikwiye gukingwa kandi ridakwiye kubaho mugihe ingingo zirikinga zafashwe.

Ni rimwe mu makosa munani yakozwe n'ibitaro vya Leicester mu mwaka w'i 2018.

Uyo mutama afise abuzukuru 2 yavuze ko yafashe ingingo zo gusaba kwubahirizwa n'amategeko inyuma y'aho ibitaro vya Leicester vyemereye, mu rwete ko bitabanje gukora ibikorwa vyo gutohoza neza.

Brazier wo muri Hinckley yavuze ati : '' Hari ababifashe nk'ibikino ariko hari ingaruka y'ibi vyose.

Vyari gushobora kuba bibi ugusumba uku ku wundi muntu, umuntu yari gusanga agize amagara mabi bivuye ku gice c'umubiri baciye.

Ibi ntivyari gushobora gushika, kandi gwose nyene singombwa ko bisubira gushika ukundi.

Uja mu bitaro wizera abantu baho, ntiwizera ko amakosa yoba, na cane cane ayasa n'aya."

Andrew Furlong, umuyobozi ajejwe igisata c'ubuvuzi muri kaminuza y'ubuganga ya Leicester yagize ati:'' Turitaho cane ibintu biba bimeze uku, kandi twakoze amatohoza akomeye mu ntumbero yo kugira ivyabaye bitubere icigwa kandi, dushobora kuzobikinga kugira ntibize bisubire kuba."

Yabandanije agira ati: ''Mugihe amafranga adashobora gusubirira ivyashitse , twizera ko aya mafranga yarishwe ari indishi y'akababaro''.