Mozambique igiye gusiramura abagabo 100000 mu kugwanya Sida

Ahavuye isanamu, AFP
Abagabo barenga 100000 muri Mozambique bagiye gusiramugwa mu ntumbero yo kugwanya indwara zifatira mu bihimba vy'irondoka hamwe n'umugera VIH/Sida.
Ubutegetsi bwo mu gisata c'amagara y'abantu mu ntara ya Zambeze buvuga kw'iryo sekeza rizokogwa mu makomine ya Ato-Molocue, Ile na Gurue, aho gusiramura bitamenyerewe.
Bugiye kuba ubwa kabiri ivyo bikogwa birangugwa, bikaba vyatangujwe mu mwaka uheze aho abagabo 84000 bo muri iyo ntara aribo basiramuwe.
Abdul Razak, umuganga akongera akaba na bulamatari wa Zambeze - intara ya mbere ifise abanyagihugu benshi - niwe ashigikiye uwo mugambi:
Ico nipfuza gushimangirako nuko gusiramura abagabo hamwe n'ubundi buryo bifasha kugwanya indwara, nka VIH/Sida. Ntibikiza umuntu."
Bikogwa ku wuvyipfuza ariko abagabo bahamagarigwa kuja kwibagisha bitewe n'ukungene bifasha mu kwirinda kwandura umugera wa Sida.
Ivyo bikogwa bizoba biranguwe kabiri mu ntara ya Zambeze bizotwara akayabu k'amahera angana umuliyoni w'amadolari $1m, yemewe gutangwa n'ikigo ca Amerika gifasha kugwanya Sida, President's Emergency Plan for Aids Relief (Pepfar).
Gusiramura abagabo biragwiriye mu ntara nyinshi za Mozambique, nko muri Cabo Delgado, Niassa, Tete na Inhambane.










